2 Samweli
23 Aya ni yo majambo ya nyuma ya Dawidi+:
“Ijambo rya Dawidi mwene Yese+,
Ijambo ry’umuntu w’umugabo yashizwe hejuru+,
Uwo Imana ya Yakobo yarobanuje amavuta+,
Akaba n’uwuhimbaye w’uduhibongozo+ twa Isirayeli.
3 Imana ya Isirayeli yaravuze,
Igitandara ca Isirayeli carambwiye+ giti:
‘Igihe uwuganza abantu agororotse+,
Akaganza mu gutinya Imana+,
4 Bimera rero nk’umuco w’igitondo, igihe izuba rirashe+,
Igitondo kitagira ibicu.
Bivuye ku kwakaka, bivuye ku mvura, ivyatsi birasokoroka bikava mw’isi+.’
5 None urugo rwanje ntirumeze gutyo ku Mana+?
Kuko yangeneye isezerano+ ryamaho igihe kitagira urugero,
Ryashizwe neza mu rutonde mu kintu cose kandi rikaba ari iryo kwizigirwa+.
Ko ari ryo bukiriro+ bwanje bwose n’agahimbare kanje kose,
Si co gituma none azorikuza+?
7 Igihe umuntu abikorako
Akwiye kuba afise ibirwanisho bikwiye vy’icuma be n’uruti rw’icumu,
Kandi bizoturizwa umuriro bitokombere+.”
8 Aya ni yo mazina y’abagabo b’abanyenkomezi+ bari aba Dawidi: Yoshebu-bashebeti+ Umutahakimoni, umukuru wa bamwe batatu. Yari abanguriye icumu ku bantu amajana umunani biciwe icarimwe. 9 Inyuma yiwe, Eleyazari+ mwene Dodo+, Dodo wa Ahohi, yari muri ba bagabo b’abanyenkomezi batatu bari kumwe na Dawidi igihe bacokora Abafilisitiya. Bari bakoraniye ng’aho ku bw’urugamba, ku buryo abagabo ba Isirayeli basubira inyuma+. 10 Ni we yahagurutse, akaguma asasika Abafilisitiya gushika aho ukuboko kwiwe kuruha yamara kukaguma kwumiye ku nkota+, ku buryo Yehova ashitsa ubukiriro bukomeye uwo musi+; nayo abantu, bagaruka inyuma yiwe kugira gusa bambure abagaritswe+.
11 Inyuma yiwe haza Shama mwene Ageye Umuharari+. Nuko Abafilisitiya batangura gukoranira i Lehi, aho hantu ico gihe hakaba hari igice c’itongo cuzuye inkore+; maze abantu barahunga kubera Abafilisitiya. 12 Mugabo we ahagarara hagati muri nya gice c’itongo, arakirokora maze aguma asasika Abafilisitiya, ku buryo Yehova ashitsa ubukiriro bukomeye+.
13 Maze batatu muri ba bakuru mirongo itatu+ baramanuka, baza kuri Dawidi mu gihe c’iyimbura, kw’isenga ry’i Adulamu+; kandi ikigwati c’amahema c’Abafilisitiya cari gikambitse mu kiyaya co hasi c’Abarefayimu+. 14 Ico gihe Dawidi yari mu kibanza kigoye gushikamwo+; kandi ico gihe ikirindiro+ c’Abafilisitiya cari i Betelehemu. 15 Haciye igihe, Dawidi aserura icipfuzo gikomeye afise, avuga ati: “Icompa nkanywa ku mazi yo mw’itangi ry’i Betelehemu riri kw’irembo+!” 16 Ba bagabo b’abanyenkomezi batatu baca binjira ku nguvu mw’ikambi y’Abafilisitiya, bavoma amazi muri iryo tangi ry’i Betelehemu riri kw’irembo maze barayatwara, bayazanira Dawidi+; ntiyemera kuyanywa, mugabo ayasuka+ imbere ya Yehova. 17 Hanyuma avuga ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe+, ewe Yehova, yuko nokora ico kintu! Mbega nywe amaraso+ y’aba bantu bagiye, bakemera gushira ubuzima bwabo mu kaga?” Ntiyemera kuyanywa.
Ivyo ni vyo abo bagabo b’abanyenkomezi batatu bakoze.
18 Nayo Abishayi+ mwene wabo na Yowabu mwene Zeruwiya+, yari umukuru wa bamwe mirongo itatu; yari abanguriye icumu ryiwe ku bantu amajana atatu bishwe, kandi yari rurangiranwa nka bamwe batatu+. 19 Naho yavugangwa kurusha bamwe mirongo itatu bandi kandi akaba umukuru wabo, ntiyashitse ku rwego rwa bamwe batatu ba mbere+.
20 Nayo Benaya+ mwene Yehoyada+ umuhungu w’umugabo w’intwari, uwakoze ibikorwa vyinshi i Kabuzeyeli+, agarika ba bahungu babiri ba Ariyeli w’i Mowabu; ni we yamanutse kugarika intambwe+ mu cobo c’amazi ku musi urubura rwariko ruragwa+. 21 Kandi ni we yagaritse umugabo w’Umunyamisiri w’igihagararo c’akataraboneka+. Naho mu kuboko kw’uwo Munyamisiri hari icumu, yaramanutse aho ari yitwaje inkoni maze ashikura nya cumu mu kuboko kw’uwo Munyamisiri, araheza amwicisha iryo cumu ryiwe bwite+. 22 Ivyo ni vyo Benaya+ mwene Yehoyada yakoze; yari afise izina rya rurangiranwa nka ba bagabo b’abanyenkomezi batatu+. 23 Naho yari rurangiranwa kuruta mbere bamwe mirongo itatu, ntiyashitse ku rwego rwa bamwe batatu; mugabo Dawidi amugena kuba mu bamucungerera ubuzima+.
24 Asaheli+ mwene wabo na Yowabu yari muri bamwe mirongo itatu; Elihanani+ mwene Dodo w’i Betelehemu, 25 Shama+ Umuharodi, Elika Umuharodi, 26 Helezi+ Umupaliti+, Ira mwene Ikeshi+ Umunyatekowa, 27 Abi-ezeri+ Umunyanatoti+, Mebunayi Umuhusha+, 28 Zalumoni Umwahohi+, Maharayi+ Umunyanetofa, 29 Helebu+ mwene Bayana Umunyanetofa, Itayi+ mwene Ribayi w’i Gibeya ha bene Benyamini, 30 Benaya+ Umunyapiratoni, Hidayi wo mu myonga y’i Gayashi+, 31 Abi-aluboni Umunyarabati, Azimaveti+ Umunyabari-humi, 32 Eliyahuba Umunyashayaluboni, bene Yasheni, Yonatani+, 33 Shama Umuharari, Ahiyamu+ mwene Sharari Umuharari, 34 Elifeleti mwene Ahasubayi umuhungu w’Umumayakati, Eliyamu mwene Ahitofeli+ Umugilo, 35 Heziro+ Umunyakarumeli, Payarayi Umunyarubi, 36 Igali mwene Natani+ w’i Zoba, Bani Umugadi, 37 Zeleki+ Umwamoni, Naharayi Umunyabeyeroti, abatwaza ibirwanisho Yowabu mwene Zeruwiya, 38 Ira Umwituri+, Garebu+ Umwituri, 39 Uriya+ Umuheti—bose bakaba bari mirongo itatu n’indwi.