Ku muyobozi, kuri Gititi+. Ni izaburi ya bene Kora. Agahibongozo.
84 Ese ukuntu itaberenakulo yawe ihambaye ari agahore+,
Ewe Yehova nyen’ingabo+!
2 Ndashashaye ibigo vya Yehova kandi ngwabijwe n’ukuvyipfuza+.
Umutima wanje n’umubiri wanje biriha akamo k’umunezero bikerekeza ku Mana nzima+.
3 Mbere n’inyoni ubwayo yararonse inzu,
N’intamba irironkera icari,
Aho yashize utwana twayo—
Igicaniro cawe gihambaye, ewe Yehova nyen’ingabo, Mwami wanje n’Imana yanje!
4 Hahiriwe abibera mu nzu yawe+!
Baguma bagushemeza nantaryo+. Sela.
5 Hahiriwe abantu inkomezi zabo ziri muri wewe+,
Mu mutima wabo hakaba inzira z’ikirari+.
6 Baca mu kiyaya co hasi c’ibisaka vy’imibaka+,
Bakahahindura imbizi;
Mbere umwigisha+ yisakara imihezagiro.
7 Bazoguma bagenda biyubura mu nkomezi+;
Umwe wese araseruka imbere y’Imana i Siyoni+.
8 Ewe Yehova Mana nyen’ingabo, niwumve isengesho ryanje+;
Nutege ugutwi, ewe Mana ya Yakobo+! Sela.
9 Ewe nkinzo yacu, nubone, ewe Mana+,
Witegereze mu maso h’uwo warobanuje amavuta+.
10 Kuko umusi umwe mu bigo vyawe uruta imisi igihumbi ahandi+.
Nahisemwo guhagarara ku rwinjiriro mu nzu y’Imana yanje+
Aho kugendagenda mu mahema y’ububisha+.
11 Kuko Yehova Imana ari izuba+ n’inkinzo+;
Ubutoni n’ubuninahazwa ni vyo atanga+.
Yehova nta ciza na kimwe azokwima abagendera mu kutagira amahinyu+.
12 Ewe Yehova nyen’ingabo, hahiriwe umuntu akwizigira+.