Yobu
5 Nimba naragendanye n’abantu b’ababeshi+,
Kandi ikirenge canje kikaba cihutira ivy’ububeshi+,
6 Izompima ku munzane utabesha+
Kandi Imana izomenya ugutungana kwanje+.
7 Nimba intambuko yanje ikevya igata inzira+,
Canke umutima wanje ukaba wapfuye gukurikira amaso yanje+,
Canke hakaba hari agahonzi kamase ku biganza vyanje+,
8 Nimbibe imbuto uwundi arye+,
N’abamuka kuri jewe baranduranwe n’imizi.
13 Nimba nahora nanka urubanza rw’umushumba wanje
Canke rw’umushumbakazi wanje mu mburano dufitaniye,
15 Mbega Uwambumbiye mu nda si we yamubumvye na we+,
Mbega uwaduteguriye mu gitereko si umwe rudende?
16 Nimba nahora nankira abantu batobato ikibahimbara+,
N’amaso y’umupfakazi ngatuma agwabira+,
17 Kandi nkaba nahora ndya jenyene ikimanyu canje c’umukate+,
Mugabo impfuvyi* ntikiryeko
18 (Kuko kuva mu buto bwanje kakuriye iruhande yanje ndi nka se,
Kandi kuva mvuye mu nda ya mama nkaba naguma nyobora uyo mupfakazi);
19 Nimba nahora mbona uwishwe n’ukubura agahuzu+,
Canke ko umworo atagira ico yipfuka;
20 Nimba ikiyunguyungu ciwe kitampezagira+,
Canke akaba atisusurukije n’ubwoya bukemuye+ bw’impfizi z’intama zanje zikiri nto;
21 Nimba narazungagije ukuboko kwanje ngo nkubite impfuvyi+,
Kandi mbona mw’irembo uwukeneye imfashanyo yanje+,
22 Ibega ryanje niritibuke rikondoke ku rutugu rwaryo,
N’ukuboko kwanje nikuvunike gutane n’igufa ryakwo ryo hejuru.
25 Nimba nahora nezerwa n’uko ivyo ntunze ari vyinshi+,
Be n’uko ukuboko kwanje kwaronse ibintu vyinshi+;
26 Nimba nahora mbona umuco iyo urabije,
Canke ukwezi kw’agaciro kuriko kuragenda+,
27 Maze umutima wanje ugatangura gukwegakwegwa mu mpisho+
N’ukuboko kwanje kugatangura gusoma umunwa wanje,
28 Iryo na ryo nyene ryobaye ari ikosa ryo kurabwa n’abacamanza,
Kuko nari kuba nihakanye Imana y’ukuri yo hejuru.
29 Nimba nahora nezererwa ukuzimangana kw’uwunyanka urunuka+,
Canke nkaryoherwa n’uko ikibi camuronse . . .
30 Kandi sinemereye amagage yanje gucumura
Mu gusaba indahiro yo gukuraho ubuzima bwiwe+.
31 Nimba abantu bo mw’ihema ryanje batavuze ngo:
‘Ni nde yozana umuntu atahagijwe n’ibifungurwa vyiwe+?’ . . .
32 Nta kavamahanga yarara hanze+;
Imiryango yanje naguma ndayugururiye abahita.
33 Nka kurya kw’umuntu yakuwe mw’ivu, nimba napfutse ibigabitanyo vyanje+
Mu kunyegeza ikosa ryanje mu mupfuko w’ishati yanje . . .
34 Kuko naranduka umutima mbonye isinzi rinini,
Canke agakengerwe k’imiryango kakantera ubwoba
Nkaguma ncereje, sinsohoke ngo ndenge ubwinjiriro.
35 Ese iyaba nari mfise uwunyumviriza+,
Mushoboravyose akanyishura+ yisunze igikumu canje!
Canke uwo dufitaniye imburano akaba yanditse urwandiko!
36 Ni ukuri, norwikoreye ku rutugu;
Norwiboheyeko nk’urugori rw’agahambaye.