Zaburi
Ku muyobozi, ku Malisi. Ni izaburi ya bene Kora. Masikili.
Ururirimbo rw’abagore b’abakundwa.
2 Vy’ukuri, uri mwiza kuruta abana b’abantu+.
Igikundiro casutswe ku minwa yawe+.
Ni co gituma Imana yaguhezagiye gushika igihe kitagira urugero+.
4 Kandi mu bwiza bwawe bwakaka, bandanya ugana ku kuroranirwa+;
Gendera kw’ifarasi yawe uburanire ukuri n’ukwicisha bugufi be n’ubugororotsi+,
Kandi ukuryo kwawe kuzokwigisha ibintu biteye ubwoba+.
5 Imyampi yawe irasongoye, munsi yawe ibisata vy’abantu bikaguma bitemba+,
Ikinjira mu mutima w’abansi b’umwami+.
6 Imana ni yo ntebe yawe y’ubwami gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+;
Agakoni k’ubutware k’ingoma yawe ni agakoni k’ukugororoka+.
7 Wakunze ubugororotsi+, ukaba wanka ububisha+.
Ni co gituma Imana, Imana yawe+, yakurobanuje amavuta+ y’umwigino+ kuruta bagenzawe+.
8 Impuzu zawe zose ni imira* n’igiti c’umubazibazi n’umubagabaga+;
Ibicurarangisho vy’imirya vyaguteye kunezerwa uri ku kirimba gihambaye gisharijwe n’amasenge+.
9 Abakobwa+ b’abami bari mu bagore bawe b’agaciro.
Umugore w’iteka w’umwami+ ahagaze iruhande y’ukuryo kwawe yisakaye inzahabu z’i Ofiri+.
14 Azozanirwa umwami ari mu vyambarwa vy’ibijishano+.
Abigeme b’isugi bamuherekeje, bakaba ari abagenzi biwe, binjijwe iwawe+.
15 Bazozananwa umunezero n’akanyamuneza;
Bazokwinjira mu kirimba c’umwami.