Ezekiyeli
6 Maze ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 2 “Mwana w’umuntu, erekeza mu maso hawe ku misozi ya Isirayeli, uyibwire+ ubuhanuzi+. 3 Uze uvuge uti: ‘Yemwe misozi ya Isirayeli, nimwumve ijambo ry’Umukama Segaba Yehova+: Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye imisozi n’imirambi+, inzira z’imigezi be n’imibande: “Ndi hano! Ngira ndabazaneko inkota, kandi sinzobura guhonya ibibanza vyanyu bikirurutse*+. 4 Emwe, ibicaniro* vyanyu bizogirwa umusaka+, ibishirwako imibavu vyanyu na vyo bimenagurwe, kandi abagandaguwe banyu nzotuma bagwa imbere y’ibigirwamana vyanyu vy’umwanda+. 5 Nzoshira imivyimba ya bene Isirayeli imbere y’ibigirwamana vyabo vy’umwanda, nsanzaze amagufa yanyu irya n’ino y’ibicaniro vyanyu+. 6 Aho muba hose+, ibisagara bizotikizwa+, ibibanza bikirurutse na vyo bicike umusaka, kugira ngo bisigare ari ivyatikijwe+, n’ibicaniro vyanyu bisigare ari umusaka kandi bimenagurwe vy’ukuri+, ibigirwamana vyanyu vy’umwanda bizimanganywe vy’ukuri+, ibishirwako imibavu vyanyu vyicirwe+, ibikorwa vyanyu na vyo bihanagurwe. 7 Uwagandaguwe ntazobura kugwa hagati muri mwebwe+, kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.
8 “‘“Ivyo nivyashika, abo nzoreka ngo bababere amasigarira, ni abazoba bacitse ku nkota mu mahanga, nimwasanzarizwa mu bihugu+. 9 Kandi abacitse kw’icumu banyu ntibazobura kunyibuka mu mahanga bazoba baratwawemwo ari imbohe+, kuko nasabijwe n’umutima wabo usambana wakebeje ukamvako+, be n’amaso yabo akurikira ibigirwamana vyabo vy’umwanda ku bw’intumbero y’ubusambanyi+; kandi ntibazobura kwumva bashishwe mu maso habo kubera ibibi bakoze mu bintu vyabo vyose biteye ishishi+. 10 Kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova; sinavugiye ubusa+ ibijanye no kubakorera ico kintu c’icago+.”’
11 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Kubita amashi ku yandi+ wongere udide ikirenge, uvuge ngo “Ayayaa!”, kubera ibintu vyose bibi biteye ishishi vy’inzu ya Isirayeli+, kuko bazogwishwa n’inkota+ n’ikigoyi+ be n’ikiza+. 12 Uwuri kure+ azokwicwa n’ikiza; uwuri hafi na we, azogwishwa n’inkota; nayo uwasigajwe kandi akazigamwa, azokwicwa n’ikigoyi, maze ndangize ubushangashirwe bwanje kuri bo+. 13 Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+, abagandaguwe babo nibaba hagati y’ibigirwamana vyabo vy’umwanda+, irya n’ino y’ibicaniro vyabo+, ku murambi muremure wose+, ku masonga yose y’imisozi+ no munsi y’igiti gitotahaye cose+, no munsi y’igiti cose kinini gisagaraye+, aho bashikaniye akamoto karuhura gahabwa ibigirwamana vyabo vyose vy’umwanda+. 14 Kandi nzobaramvurirako ukuboko kwanje+, igihugu ndakigire igiharabuga, emwe, ndakigire umusaka kurusha agahinga k’amaja i Dibula, mu bibanza vyose babamwo. Kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.’”