ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 6
  • Bibiliya y’isi nshasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli 6:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 36:1
  • +Ezk 20:46; 21:2; 33:28

Ezekiyeli 6:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya 21.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mik 6:2
  • +Yr 3:23; 17:3
  • +Lw 26:30

Ezekiyeli 6:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya 21.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 27:9
  • +Lw 26:30; 1Bm 13:2; Yr 16:18; Ezk 8:10

Ezekiyeli 6:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 8:2

Ezekiyeli 6:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 9:19; 32:29
  • +Yes 32:14; Yr 2:15; Mik 3:12
  • +Yr 17:3; Ezk 16:39
  • +Hs 10:2
  • +Mik 1:7
  • +Yes 17:8

Ezekiyeli 6:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 14:18
  • +Ezk 7:4

Ezekiyeli 6:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 30:10; 44:28; Ezk 14:22

Ezekiyeli 6:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 30:1; Zb 137:1; Ezk 12:16; Zk 10:9
  • +Zb 78:40; Yes 7:13; 63:10
  • +Gh 15:39; Ezk 20:7
  • +Yes 64:6; Ezk 20:43; 36:31

Ezekiyeli 6:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 46:10; 55:11
  • +Ezk 14:23; 33:29; Dn 9:12; Zk 1:6

Ezekiyeli 6:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 21:14
  • +Yw 1:15
  • +Yr 15:2
  • +Yr 16:4
  • +Yr 24:10; Ezk 5:12

Ezekiyeli 6:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Dn 9:7
  • +Int 4:22; Ezk 5:13

Ezekiyeli 6:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 12:15; 38:23
  • +Ezk 6:4
  • +Yr 8:2
  • +Gus 12:2; Yes 65:7; Yr 2:20; Ezk 20:28
  • +Yr 3:6; Hs 4:13
  • +1Bm 14:23
  • +Yes 57:5
  • +Yes 65:3

Ezekiyeli 6:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 5:25

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 6:2Ezk 36:1
Ezk. 6:2Ezk 20:46; 21:2; 33:28
Ezk. 6:3Mik 6:2
Ezk. 6:3Yr 3:23; 17:3
Ezk. 6:3Lw 26:30
Ezk. 6:4Yes 27:9
Ezk. 6:4Lw 26:30; 1Bm 13:2; Yr 16:18; Ezk 8:10
Ezk. 6:5Yr 8:2
Ezk. 6:6Yr 9:19; 32:29
Ezk. 6:6Yes 32:14; Yr 2:15; Mik 3:12
Ezk. 6:6Yr 17:3; Ezk 16:39
Ezk. 6:6Hs 10:2
Ezk. 6:6Mik 1:7
Ezk. 6:6Yes 17:8
Ezk. 6:7Yr 14:18
Ezk. 6:7Ezk 7:4
Ezk. 6:8Yr 30:10; 44:28; Ezk 14:22
Ezk. 6:9Gus 30:1; Zb 137:1; Ezk 12:16; Zk 10:9
Ezk. 6:9Zb 78:40; Yes 7:13; 63:10
Ezk. 6:9Gh 15:39; Ezk 20:7
Ezk. 6:9Yes 64:6; Ezk 20:43; 36:31
Ezk. 6:10Yes 46:10; 55:11
Ezk. 6:10Ezk 14:23; 33:29; Dn 9:12; Zk 1:6
Ezk. 6:11Ezk 21:14
Ezk. 6:11Yw 1:15
Ezk. 6:11Yr 15:2
Ezk. 6:11Yr 16:4
Ezk. 6:11Yr 24:10; Ezk 5:12
Ezk. 6:12Dn 9:7
Ezk. 6:12Int 4:22; Ezk 5:13
Ezk. 6:13Ezk 12:15; 38:23
Ezk. 6:13Ezk 6:4
Ezk. 6:13Yr 8:2
Ezk. 6:13Gus 12:2; Yes 65:7; Yr 2:20; Ezk 20:28
Ezk. 6:13Yr 3:6; Hs 4:13
Ezk. 6:131Bm 14:23
Ezk. 6:13Yes 57:5
Ezk. 6:13Yes 65:3
Ezk. 6:14Yes 5:25
  • Bibiliya y’isi nshasha
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
Bibiliya y’isi nshasha
Ezekiyeli 6:1-14

Ezekiyeli

6 Maze ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 2 “Mwana w’umuntu, erekeza mu maso hawe ku misozi ya Isirayeli, uyibwire+ ubuhanuzi+. 3 Uze uvuge uti: ‘Yemwe misozi ya Isirayeli, nimwumve ijambo ry’Umukama Segaba Yehova+: Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye imisozi n’imirambi+, inzira z’imigezi be n’imibande: “Ndi hano! Ngira ndabazaneko inkota, kandi sinzobura guhonya ibibanza vyanyu bikirurutse*+. 4 Emwe, ibicaniro* vyanyu bizogirwa umusaka+, ibishirwako imibavu vyanyu na vyo bimenagurwe, kandi abagandaguwe banyu nzotuma bagwa imbere y’ibigirwamana vyanyu vy’umwanda+. 5 Nzoshira imivyimba ya bene Isirayeli imbere y’ibigirwamana vyabo vy’umwanda, nsanzaze amagufa yanyu irya n’ino y’ibicaniro vyanyu+. 6 Aho muba hose+, ibisagara bizotikizwa+, ibibanza bikirurutse na vyo bicike umusaka, kugira ngo bisigare ari ivyatikijwe+, n’ibicaniro vyanyu bisigare ari umusaka kandi bimenagurwe vy’ukuri+, ibigirwamana vyanyu vy’umwanda bizimanganywe vy’ukuri+, ibishirwako imibavu vyanyu vyicirwe+, ibikorwa vyanyu na vyo bihanagurwe. 7 Uwagandaguwe ntazobura kugwa hagati muri mwebwe+, kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.

8 “‘“Ivyo nivyashika, abo nzoreka ngo bababere amasigarira, ni abazoba bacitse ku nkota mu mahanga, nimwasanzarizwa mu bihugu+. 9 Kandi abacitse kw’icumu banyu ntibazobura kunyibuka mu mahanga bazoba baratwawemwo ari imbohe+, kuko nasabijwe n’umutima wabo usambana wakebeje ukamvako+, be n’amaso yabo akurikira ibigirwamana vyabo vy’umwanda ku bw’intumbero y’ubusambanyi+; kandi ntibazobura kwumva bashishwe mu maso habo kubera ibibi bakoze mu bintu vyabo vyose biteye ishishi+. 10 Kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova; sinavugiye ubusa+ ibijanye no kubakorera ico kintu c’icago+.”’

11 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Kubita amashi ku yandi+ wongere udide ikirenge, uvuge ngo “Ayayaa!”, kubera ibintu vyose bibi biteye ishishi vy’inzu ya Isirayeli+, kuko bazogwishwa n’inkota+ n’ikigoyi+ be n’ikiza+. 12 Uwuri kure+ azokwicwa n’ikiza; uwuri hafi na we, azogwishwa n’inkota; nayo uwasigajwe kandi akazigamwa, azokwicwa n’ikigoyi, maze ndangize ubushangashirwe bwanje kuri bo+. 13 Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+, abagandaguwe babo nibaba hagati y’ibigirwamana vyabo vy’umwanda+, irya n’ino y’ibicaniro vyabo+, ku murambi muremure wose+, ku masonga yose y’imisozi+ no munsi y’igiti gitotahaye cose+, no munsi y’igiti cose kinini gisagaraye+, aho bashikaniye akamoto karuhura gahabwa ibigirwamana vyabo vyose vy’umwanda+. 14 Kandi nzobaramvurirako ukuboko kwanje+, igihugu ndakigire igiharabuga, emwe, ndakigire umusaka kurusha agahinga k’amaja i Dibula, mu bibanza vyose babamwo. Kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.’”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika