Matayo
26 Yezu arangije ayo majambo yose, abwira abigishwa biwe ati: 2 “Murazi yuko mu misi ibiri hazoba pasika*+, kandi Umwana w’umuntu azogaburwa ngo amanikwe+.”
3 Maze abakuru b’abaherezi be n’abagabo b’inararibonye bo muri ico gisata bakoranira hamwe mu rugo rw’umuherezi mukuru yitwa Kayifa+, 4 baja inama+ yo gufata Yezu ku rwenge bakamwica. 5 Ariko baguma bavuga bati: “Ntibibe ku musi mukuru, kugira ntihavyuke intureka mu bantu+.”
6 Igihe Yezu yari i Betaniya+ mu nzu ya Simoni umunyamibembe+, 7 umugore afise ikebano ryo mu tubuyenge twa alabasitironi* ririmwo amavuta amota neza azimvye+ aramwegera, atangura kuyamusuka ku mutwe, ico gihe Yezu akaba yari ku meza. 8 Abigishwa ngo babibone barashavura, bavuga bati: “Ukwo gusesagura ni ukw’iki+? 9 Ayo yari gushobora kugurishwa amahera menshi agahabwa aboro+!” 10 Yezu arabimenya+, ababwira ati: “Mugorera iki uyu mugore? Ankoreye igikorwa ciza+. 11 Kuko aboro mubamana+, mugabo jewe ntimuzonyamana+. 12 Kuko igihe uyu mugore yasuka ku mubiri wanje aya mavuta amota neza, yabigize kugira antegure ku bw’amaziko+. 13 Ni ukuri ndabibabwiye: Ahantu hose iyi nkuru nziza izokwamamazwa mw’isi yose, ivyo uyu mugore yakoze na vyo nyene bizovugwa bibe icibutso ciwe+.”
14 Maze umwe muri bamwe cumi na babiri, ari we yitwa Yuda Isikariyoti+, aja ku bakuru b’abaherezi, 15 avuga ati: “Mumpa iki ngo ndamugabure kuri mwebwe+?” Bamugenera ibiceri mirongo itatu vy’ifeza+. 16 Nuko kuva ico gihe aguma arondera akaryo keza ko kumugabura+.
17 Ku musi wa mbere w’imikate itarimwo umwambiro+, abigishwa baza kuri Yezu, bavuga bati: “Ni hehe ushaka ko tugutegurira ngo urye pasika+?” 18 Avuga ati: “Gende mu gisagara kwa naka+ mumubwire muti: Umwigisha avuze ati: ‘Igihe canje cashinzwe kiri hafi; nza guhimbariza pasika iwawe ndi kumwe n’abigishwa banje+.’” 19 Abigishwa bagira nk’uko Yezu abategetse, bategura ivya pasika+.
20 Bugorovye+, yari ku meza ari kumwe na ba bigishwa cumi na babiri+. 21 Bariko bararya, avuga ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Umwe muri mwebwe arangura+.” 22 Bibatera intuntu nyinshi, batangura kumubwira umwe wese ukwiwe bati: “Mukama, ni jewe+?” 23 Arishura ati: “Uwukoza ukuboko mw’ibakure hamwe nanje ni we angura+. 24 Ego ni ko, Umwana w’umuntu agira agende nk’uko vyanditswe+ ku bimwerekeye, mugabo aragowe+ uwo muntu bicako ngo Umwana w’umuntu agurwe+! Uwo muntu vyorushirije kumubera vyiza iyo ataba yaravutse.” 25 Yuda uwagira amugure yishura ati: “Ni jewe ga Rabi?” Amubwira ati: “Wewe ubwawe urabivuze.”
26 Bakibandanya gufungura, Yezu atora umukate+, hanyuma amaze kuwuhezagira, arawumanyura+ awuhereza abigishwa, avuga ati: “Akire, murye. Iki gisobanura umubiri wanje+.” 27 Atora n’igikombe+, hanyuma amaze gukenguruka, arakibaha, avuga ati: “Nimukinyweko mwese+; 28 kuko iki gisobanura+ ‘amaraso yanje+ y’isezerano+’ agiye guseswa ku bwa benshi+ ku bwo kubabarirwa ibicumuro+. 29 Mugabo ndabibabwiye: Sinzogenda nsubiye kunywa kuri iki kinyobwa c’umuzabibu kuva ubu gushika kuri wa musi aho nzokinywa ari gishasha ndi kumwe namwe mu bwami bwa Dawe+.” 30 Mu kurangiza, bahejeje kuririmba amashemezo+, barasohoka baja ku musozi w’Imyelayo+.
31 Maze Yezu ababwira ati: “Mwese ivyanje birabatsitaza muri iri joro, kuko vyanditswe ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zo mu mukuku zisabagire+.’ 32 Mugabo ninamara kuzurwa, nzobitangira imbere kuja i Galilaya+.” 33 Ariko Petero amwishura ati: “Naho abandi bose botsitazwa n’ivyawe, jeho sinzokwigera ntsitara+!” 34 Yezu amubwira ati: “Ni ukuri ndabikubwiye: Muri iri joro, imbere y’uko isake ibika, uza kunyihakana gatatu+.” 35 Petero amubwira ati: “Naho noba ntegerezwa gupfana nawe, sinzogenda ndakwihakanye.” Abandi bigishwa bose na bo bavuga kuno nyene+.
36 Maze Yezu azanana na bo ahantu+ hitwa Getsemani, abwira abigishwa ati: “Icare ng’aha umwanya ngiye harya hirya gusenga+.” 37 Ahitana Petero na ba bahungu babiri+ ba Zebedayo, atangura kugira intuntu no guhagarika umutima bimwe bikomeye+. 38 Maze ababwira ati: “Umutima wanje uri n’intuntu nyinshi cane, imwe yo kunyica+. Sigare ng’aha, mugumane maso nanje+.” 39 Yigiye imbere gatoyi, yubarara hasi, arasenga+ ati: “Dawe, nimba bishoboka, iki gikombe+ nikindengane. Yamara ntibibe nk’uko jewe ngomba+, mugabo bibe nk’uko wewe ugomba+.”
40 Hanyuma aza kuri ba bigishwa asanga barasinziriye, ni kwo kubwira Petero ati: “Mbega ntimwashoboye kubana maso nanje n’isaha n’imwe+? 41 Gume muri maso+ kandi mugume musenga+, kugira ntimuje mu kigeragezo+. Nkako umutima urashashaye, mugabo umubiri ni goyigoyi+.” 42 Yongera kugenda ubugira kabiri+ arasenga, avuga ati: “Dawe, nimba bidashoboka ko iki kindengana kiretse ndakinyoye, ukugomba kwawe nikube+.” 43 Yongera kuza, asanga barasinziriye, kuko amaso yabo yari aremerewe+. 44 Nuko abasiga aho, yongera kugenda, arasenga ubugira gatatu+ asubiramwo rya jambo nyene. 45 Maze aza kuri ba bigishwa, ababwira ati: “Mbega mu gihe nk’iki muriko murisinzirira mwongera mwiruhukira! Ehe isaha iregereje y’uko Umwana w’umuntu agaburwa mu maboko y’abacumuzi+. 46 Haguruke, tugende. Ehe nyene kungura aregereje+.” 47 Akiriko aravuga, Yuda+ umwe muri bamwe cumi na babiri azanana n’isinzi rinini ryitwaje inkota+ n’amahiri, rivuye ku bakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye bo muri ico gisata+.
48 Nyene kumugura na we yari yabahaye ikimenyetso, ati: “Uwo nja gusoma, azoba ari we; muce mumufata+.” 49 Maze agenda atumbereye Yezu, avuga ati: “Ndabugize, Rabi+!”, aca aramusoma+ n’ikibabarwe cinshi. 50 Mugabo Yezu+ amubwira ati: “Mugenzi, uzanywe n’iki ng’aha?” Maze baraza, bashorera amaboko kuri Yezu, baramufata+. 51 Mugabo umwe mu bari kumwe na Yezu atuma ukuboko, asokora inkota yiwe, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amukurako ugutwi+. 52 Maze Yezu amubwira ati: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo+, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota+. 53 Canke wiyumvira yuko ntoshobora gutakambira Dawe ngo andonse ubu nyene legiyoni* z’abamarayika zirenga cumi na zibiri+? 54 None Ivyanditswe vyoranguka gute, ibivuga yuko bitegerezwa kuba gutya?” 55 Kuri iyo saha, Yezu abwira ayo masinzi ati: “Mbega muje kumfata mwitwaje inkota n’amahiri nk’abahiga umwambuzi+? Imisi yose nama nicaye mu rusengero+ nigisha, yamara ntimwamfashe. 56 Mugabo ivyo vyose bibaye kugira ngo ivyanditswe n’abahanuzi biranguke+.” Maze abigishwa bose baramuta, barahunga+.
57 Abafashe Yezu bamujana kwa Kayifa+ umuherezi mukuru, ari na ho abanditsi n’abagabo b’inararibonye bari bakoraniye+. 58 Mugabo Petero aguma amukurikira agendera kure gushika mu rugo+ rw’umuherezi mukuru, hanyuma amaze kwinjira, yicarana n’abasuku bo mu rugo ngo arabe ikivamwo+.
59 Muri uwo mwanya, abakuru b’abaherezi hamwe n’Inama Nkuru* yose bariko barondera ibirego vy’ikinyoma bagiriza Yezu kugira bamwice+, 60 mugabo ntibaronka na kimwe, naho hari haje ivyabona benshi b’ikinyoma+. Mu nyuma haza babiri 61 bavuga bati: “Uyu muntu yavuze ngo: ‘Ndashobora gusenyurira hasi urusengero rw’Imana, nkarwubaka mu misi itatu+.’” 62 Umuherezi mukuru aca arahaguruka, amubwira ati: “Nta co wishura? Ivyo aba bariko bakwagiriza ni ibiki+?” 63 Mugabo Yezu aguma acereje+. Nuko umuherezi mukuru amubwira ati: “Ndakurahije Imana nzima+ utubwire ko woba uri Kristu+ Umwana w’Imana!” 64 Yezu amubwira+ ati: “Wewe ubwawe urabivuze+. Yamara ndabibabwiye: Guhera ubu+ muzobona Umwana w’umuntu+ yicaye iburyo+ bw’ububasha aza ku bicu vyo kw’ijuru+.” 65 Maze umuherezi mukuru atantamura impuzu ziwe zo hejuru, avuga ati: “Ararogose+! Turacakenerera iki ibindi vyabona+? Raba! Ubu ho muriyumviye ingene arogose+. 66 Muvyibazako iki?” Basubizayo bati: “Akwiriye gupfa+.” 67 Maze bamucira mu maso+ bongera bamukubita+ ingumu. Abandi bamukubita amakofe mu maso+, 68 bavuga bati: “Kristu we, ko uri umuhanuzi+, dupfindurire. Ni nde agukubise+?”
69 Petero yari yicaye hanze mu rugo; umusukukazi umwe aza amugana, avuga ati: “Na wewe wari kumwe na Yezu Umunyagalilaya+!” 70 Mugabo abihakanira imbere yabo bose, ati: “Sinzi ivyo uriko uravuga.” 71 Amaze gusohoka akaja mu bwugamo bwo kw’irembo, uwundi musukukazi aramubona, abwira abari ng’aho ati: “Uyu yari kumwe na Yezu Umunyanazareti+.” 72 Yongera kubihakana, ashirako n’indahiro ati: “Uwo muntu nta we nzi+!” 73 Haciye akanya gatoyi abahagaze ng’aho baraza, babwira Petero bati: “Ni ivy’ukuri na wewe uri uwo muri bo, kanatsinda imvugo yawe iraguhinyuza+.” 74 Maze atangura kurahira yisiba ati: “Uwo muntu sindamuzi!” Buno nyene isake irabika+. 75 Petero aca yibuka ijambo Yezu yari yavuze ati: “Imbere y’uko isake ibika, uza kunyihakana gatatu+.” Aca arasohoka hanze, ararira arabogoza+.