Ezekiyeli
35 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 2 “Mwana w’umuntu, rabisha mu maso hawe+ ku karere k’imisozi ka Seyiri+, uvuge ubuhanuzi buhagiriza+. 3 Kandi uhabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ngira nkurwanye, ewe karere k’imisozi ka Seyiri+, kandi nzokuramvurirako ukuboko kwanje+ nkugire igiharabuga, emwe, umusaka+. 4 Ibisagara vyawe nzobigira ikibanza catikijwe, nawe ubwawe ucike igiharabuga+; kandi uzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+, 5 kuko wagize inyankane yamaho igihe kitagira urugero+, ukaguma ugabura bene Isirayeli ku bubasha bw’inkota+, mu gihe c’ivyago vyabo+, mu gihe c’ikosa ryabo rya nyuma+.”’
6 “‘Ndahiye rero ukubaho kwanje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘ko nariko ngutegura ku bw’amaraso, amaraso ni yo rero azogukurikirana+. Ni ukuri, amaraso ni yo wanse, kandi amaraso ni yo azogukurikirana+. 7 Akarere k’imisozi ka Seyiri nzokagira koko igiharabuga, emwe, umusaka+, kandi nzoharandura uwurengana be n’uwugaruka+. 8 Imisozi yaho nzoyuzuza abagandaguwe baho; nayo imirambi yawe n’imibande yawe n’inzira z’imigezi zawe zose, abagandagujwe inkota bazobigwamwo+. 9 Nzokugira ibiharabuga vyamaho igihe kitagira urugero, kandi ibisagara vyawe nta kizobibamwo+; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’
10 “Ko uvuga ngo: ‘Aya mahanga abiri be n’ibi bihugu bibiri bizoba rwanje, kandi ntituzobura kwigarurira igihugu kimwekimwe cose+,’ kandi Yehova ubwiwe akaba yari ng’aho+, 11 ‘ndahiye rero ukubaho kwanje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘Nzokora rero ibihwanye n’ishavu ryawe be n’ishari ryawe waseruye bivuye ku kwumva ubafitiye urwanko+; kandi nzokwimenyekanisha muri bo ninagucira urubanza+. 12 Kandi uzobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova numvise ivy’ukutubaha vyose wavuze ku vyerekeye imisozi ya Isirayeli+, ngo: “Yagizwe umusaka. Twayihawe ngo itubere ibifungurwa+.” 13 Kandi mwagumye munyihambazako n’iminwa yanyu+, vyongeye mwangwijeko amajambo yanyu+. Jewe narayumvise+.’
14 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Igihe nyene isi yose izonezerwa, nzokugira igiharabuga. 15 Nk’uko wagize umunezero ku bijanye n’intoranwa y’inzu ya Isirayeli kubera ko yagizwe umusaka, ni ko nyene nzokugira+. Uzocika igiharabuga, ewe karere k’imisozi ka Seyiri, emwe, Edomu yose, yose uko ingana+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’”