Yobu
33 “Ariko ubu rero ga Yobu, ndakwinginze wumve amajambo yanje,
Kandi utege ugutwi ivyo mvuga vyose.
2 Raba, ndakwinginze! Mbwirizwa guteranura akanwa kanje;
Ururimi rwanje, kumwe n’amagage+ yanje, rubwirizwa kuvuga.
3 Amajambo yanje ni ukugororoka kw’umutima wanje+,
Kandi ubumenyi ni bwo iminwa yanje ivuga ata buryarya+.
5 Nimba ubishoboye, nyishura,
Tondeka amajambo imbere yanje; hagarara ng’aho.
8 Kimwe gusa, wavugiye mu matwi yanje,
Kandi nagumye numva ijwi ry’amajambo yawe, ngo:
9 ‘Ndatyoroye, nta kigabitanyo ngira+;
Ndera, nta kosa mfise+.
14 Kuko Imana ivuga rimwe,
Na kabiri+, naho nyene ata wuvyitaho,
15 Mu ndoto+, mw’iyerekwa+ ryo mw’ijoro,
Igihe itiro rirerire rihwikiye abantu,
Mu gatiro ku gitanda+.
16 Ni ho ipfukura ugutwi kw’abantu+,
Igashira ikidodo cayo ku vyo ibahimiriza,
17 Kugira ikevye umuntu ave ku gikorwa ciwe+,
No kugira ipfuke ubwishime, buhishwe+ umuntu w’umugabo.
19 Arakangirwa n’ububabare ku gitanda ciwe,
Kandi ugutongana kw’amagufa yiwe ntigutezura.
20 Ubuzima bwiwe butuma umukate uba uwushisha+,
Umutima wiwe ukagira gutyo nyene ibifungurwa biryoshe.
21 Umubiri wiwe urashira ntusubire kuboneka,
Amagufa yiwe atahora aboneka akambara ubusa.
23 Nimba hariho intumwa itumwa ku bwiwe,
Umuvugizi, umwe mu gihumbi,
Kugira amenyeshe umuntu ukugororoka kwiwe,
24 Iraheza ikamugirira ubutoni ikavuga iti:
‘Numureke ntamanuke mu cobo+!
26 Azokwinginga Imana ngo ihimbarwe na we+,
Azobona mu maso hayo n’akaruru k’umunezero,
Na yo izosubiza ubugororotsi bwayo umuntu buntu.
27 Azoririmbira abantu ngo:
‘Naracumuye+; kandi ibigororotse narabigoretse,
Kandi koko si co cari ikintu kibereye kuri jewe.
29 Raba! Ivyo vyose Imana irabikora,
Kabiri, gatatu, ikabikorera umuntu w’umugabo,
30 Kugira igarure ubuzima bwiwe ibukize icobo+,
Ngo amurikirwe n’umuco w’abazima+.
31 Tega ugutwi Yobu we! Nyumviriza!
Guma ucereje, nanje mbandanye kuvuga.
32 Nimba hari amajambo yo kuvuga, nunyishure;
Vuga, kuko mpimbawe n’ubugororotsi bwawe.