IGITABU CA GATATU
(Zaburi 73 – 89)
Agahibongozo ka Asafu+.
73 Imana ni nziza koko kuri Isirayeli, ku bari n’umutima utanduye+.
2 Nayo jewe, ibirenge vyanje hari habuze gato ngo bikevye+;
Intambuko zanje zari hafi kunyerera+.
3 Kuko numvira agashari abirāsi+,
Igihe nabona amahoro ababisha bifitiye+.
4 Kuko ata misonga y’urupfu bagira+;
Kandi umuda wabo uradoshe+.
5 Mbere n’ivyago vy’umuntu buntu barabaza+,
Ntibashikirwa n’amagorwa nk’abandi bantu+.
6 Ni co gituma ubwibone bwababereye urunigi+;
Ubukazi bubatwikiriye nk’impuzu+.
7 Ijisho ryabo ryaraturumbutse kubera ibinure+;
Barengeye ivyo umutima wokwiyumvira+.
8 Barishinyira, bakavuga ibibi+;
Bavuga ivy’ukugunga mu mvugo ihanitse+.
9 Akanwa kabo bagashize mu majuru+,
Ururimi rwabo na rwo rugendagenda mw’isi+.
10 Ni co gituma agarukana abantu bayo hino,
Amazi y’icuzuye bakayamiminurirwa.
11 Bavuze ngo: “Imana yabimenye ite+?
Kandi, mbega hari ubumenyi buri muri Musumbavyose+?”
12 Ehe! Abo ni ba babisha, bitekaniye igihe kitagira urugero+.
Bongereje ibibabeshaho+.
13 Ni ukuri, natyororeye ubusa umutima wanje+,
Kandi nkarabira ubusa ibiganza vyanje mu gutungana+.
14 Nashikiwe n’amagorwa burinda bwira+,
Kandi ugukosorwa kwanje kuba buri gitondo+.
15 Iyo mvuga nti: “Nzokwigana inkuru nk’iyo,”
Emwe, iyaruka ry’abana bawe
Mba nararihemukiye+.
16 Kandi naguma nzirikana kugira ngo ivyo ndabimenye+;
Vyabaye ibiruhije mu maso yanje,
17 Gushika ninjiye aheranda hahambaye h’Imana+.
Nashaka gutahura kazoza kabo ako ari ko+.
18 Ni ukuri, ahanyerera ni ho ubashira+.
Watumye bahinduka ibihomvagurike+.
19 Ewe kuntu bacitse akajoreza nko mu kanya isase+!
Ese ingene bashitse kw’iherezo ryabo, bakamarwa n’ibica ivutu bukwi na bukwi!
20 Nka kurya kw’indoto inyuma y’ukwikangura, ewe Yehova+,
Ni ko uzosuzugura ishusho yabo niwavyuka+.
21 Kuko umutima wanje watewe gukāta+,
Mu mafyigo yanje ngasogotwa n’ububabare+,
22 Kandi nari nabaye imburabwenge, sinamenya+;
Nari nacitse nk’ibikoko bukoko kuri wewe+.
23 Mugabo ndamana nawe nantaryo+;
Wamfashe ukuboko kw’iburyo+.
24 Uzonyobora ukoresheje impanuro yawe+,
Mu nyuma uzonjana ku buninahazwa+.
25 Ni nde mfise mu majuru+?
Nta kandi gahimbare mfise kw’isi atari wewe+.
26 Umubiri wanje n’umutima wanje vyagwabiye+.
Imana ni yo gitandara c’umutima wanje n’umuturi wanje gushika igihe kitagira urugero+.
27 Kuko ehe, barya nyene baguma kure yawe bazoyogera+.
Ntuzobura kunumya uwo wese aguheba mu buryo bw’ubuhumbu+.
28 Nayo jewe, kwegera Imana bimbera vyiza+.
Nashize ubuhungiro bwanje mu Mukama Segaba Yehova+,
Kugira menyeshe ibikorwa vyawe vyose+.