Ku muyobozi, kw’Ilisi ry’Icibutsa. Mikitamu. Ni izaburi ya Dawidi. Ku bwo kwigisha+ . Igihe yarwana na Aramu-naharayimu na Aramu-Zoba, Yowabu na we akagaruka agasasika Edomu mu Mubande w’Umunyu, emwe, ibihumbi cumi na bibiri+ .
60 Ewe Mana, wadushibuye, waduciyemwo igihengeri+ ,
Warurumvye ishavu. Ukwiye kudusubiza itoto+ .
2 Watigitishije isi, warayisatuye+ .
Nuzibire imigaga yayo, kuko yanyiganyize+ .
3 Watumye abantu bawe babona amagume+ .
Watunywesheje umuvinyu udutera ibizunguzungu+ .
4 Wahaye ikimenyetso abagutinya+
Ngo bahunge badandabagirana kubera umuheto. Sela.
5 Kugira ngo abakundwa bawe batabarwe+ ,
Yoo! kirisha ukuryo kwawe kandi utwishure+ .
6 Imana ubwayo yavuze mu bweranda bwayo+ iti:
“Nzokwigina, nzotanga Shekemu bwa mugabane+ ;
Kandi ikiyaya co hasi ca Sukoti nzokigera+ .
7 Gileyadi ni rwanje na Manase ni rwanje+ ,
Efurayimu na yo ni iboma ry’umukuru wanje;
Yuda ni inkoni yanje ya kizigenza+ .
8 Mowabu ni inkono yanje yo gukarabiramwo+ .
Nzoterera inkweto yanje kuri Edomu+ .
Nzokwiha akaruru k’intsinzi kuri Filisitiya+ .”
9 Ni nde azonzana ku gisagara cugarijwe+ ?
Ni nde koko azonyobora akanshikana i Edomu+ ?
10 Mbega si wewe ga Mana, wewe wadushibuye+ ,
Wewe utajana n’ingabo zacu bwa Mana+ ?
11 Nudutabare amarushwa+ ,
Kuko ubukiriro butangwa n’umuntu yakuwe mw’ivu butagira akamaro+ .
12 Tuzoronka inkomezi tuzihawe n’Imana+ ,
Kandi yo ubwayo izohonyangira hasi abarwanizi bacu+ .