Yohani
14 “Imitima yanyu ntihagarare+. Mwizere Imana+, na jewe+ munyizere. 2 Mu nzu ya Dawe hariho aho kuba henshi+. Ahandiho mba narabibabwiye, kuko ngiye kubategurira ikibanza+. 3 Vyongeye, nimba ngiye nkabategurira ikibanza, ndiko ndagaruka+ kandi nzobakira i muhira iwanje+, kugira ngo aho ndi abe ari ho namwe muba+. 4 Kandi iyo ndiko ndaja murazi inzira ijayo.”
5 Toma+ amubwira ati: “Mukama, ntituzi iyo uriko uraja+. Tumenya gute inzira?”
6 Yezu amubwira ati: “Ni jewe nzira+ n’ukuri+ n’ubuzima+. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe+. 7 Iyo jewe muba mwaramenye, muba mwaramenye na Dawe; guhera kano kanya muramuzi kandi mwamubonye+.”
8 Filipo amubwira ati: “Mukama, twereke Data, bizoba bihagije.”
9 Yezu amubwira ati: “Mbega nabanye namwe igihe kirekire gutya, ukaba utaramenya ga Filipo? Uwubonye jewe aba abonye na Data+. None uvuga gute ngo: ‘Twereke Data+’? 10 Ntiwemera yuko nunze ubumwe na Data be n’uko Data yunze ubumwe nanje+? Ibintu ndababwira sindabivuga ndavyibwiye; mugabo Data, umwe aguma yunze ubumwe nanje, akora ibikorwa vyiwe+. 11 Nimunyemere, yuko nunze ubumwe na Data be n’uko Data yunze ubumwe nanje; atari ukwo na ho, mwemere kubera ibikorwa ubwavyo+. 12 Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Uwunyizera, uyo na we azokora ibikorwa nkora; kandi azokora ibikorwa biruta+ ibi, kubera yuko ndiko nja kwa Data+. 13 Vyongeye, ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data aninahazwe ku bijanye n’Umwana+. 14 Nimwagira ikintu musaba mw’izina ryanje, nzogikora.
15 “Nimba munkunda, muzokwubahiriza amabwirizwa yanje+; 16 nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi mufasha wo kubana namwe ibihe vyose+, 17 ya mpwemu y’ukuri+, iyo isi idashobora kuronka+, kuko itayibona canke ngo iyimenye. Mwebwe murayizi, kuko igumana namwe kandi ikaba iri muri mwebwe+. 18 Sinzobasiga mwenyene+. Ndiko ndaza kuri mwebwe. 19 Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona+, mugabo mwebwe muzombona+, kuko ndiho namwe mukazobaho+. 20 Kuri uwo musi muzomenya yuko nunze ubumwe na Dawe, namwe mukaba mwunze ubumwe nanje, nanje nkaba nunze ubumwe namwe+. 21 Uwufise amabwirizwa yanje kandi akayubahiriza, uwo ni we ankunda+. Uwunkunda na we azokundwa na Dawe, nanje nzomukunda, kandi nzomwiyereka bimwe bitomoye.”
22 Yuda+, atari wa wundi Isikariyoti, amubwira ati: “Mukama, bigenze bite ko ugomba kutwiyereka bimwe bitomoye ntiwiyereke isi+?”
23 Yezu amwishura ati: “Nimba umuntu ankunda, azokwubahiriza+ ijambo ryanje, kandi Dawe azomukunda, kandi tuzoza kuri we tubane na we+. 24 Uwutankunda ntiyubahiriza amajambo yanje; kandi ijambo muriko murumva si iryanje, ahubwo ni irya Data yandungitse+.
25 “Nkiri kumwe namwe narababwiye ibi bintu. 26 Mugabo wa mufasha, ya mpwemu nyeranda, iyo Data azorungika mw’izina ryanje, uwo ni we azobigisha vyose yongere abibutse ibintu vyose nababwiye+. 27 Ndabasigiye amahoro, ndabahaye amahoro yanje+. Sindayabaha nk’uko isi iyatanga. Imitima yanyu ntihagarare canke ngo itekerwe n’ubwoba. 28 Mwarumvise ko nababwiye nti: Ndiko ndagenda kandi ndiko ndagaruka kuri mwebwe. Iyo muba munkunda, mwari kunezerwa n’uko ngiye kwa Data, kuko Data anduta+. 29 Ubu rero ndabibabwiye bitaraba+, kugira ngo nivyaba koko, mwemere. 30 Sinkivugana vyinshi namwe, kuko umutware+ w’isi ariko araza. Kandi nta bubasha amfiseko+, 31 mugabo, kugira ngo isi imenye ko nkunda Data, nk’uko Data yantegetse+ gukora, ni ko nkora. Haguruke, tuve ng’aha.