Abacamanza
15 Haciye igihe, mu misi y’iyimbura ry’ingano, Samusoni aja kuramutsa umugore wiwe yitwaje akagazi+ k’impene. Avuga rero ati: “Ngomba kwinjira aho umugore wanje ari mu cumba+.” Se wa nya mugore ntiyamwemerera kwinjira. 2 Mugabo se wa nya mugore avuga ati: “Nibwiye nti: ‘Utegerezwa kuba umwanka+.’ Ku bw’ivyo namuhaye umuherekeza wawe+. None mutoyi wiwe si mwiza kumurusha? Enda nabe uwawe mu kibanza c’uwo wundi.” 3 Ariko Samusoni ababwira ati: “Ubu hoho nta caha kizonyagira ku bijanye n’Abafilisitiya, ninabagirira nabi+.”
4 Nuko Samusoni aragenda, afata imbwebwe+ amajana atatu, afata n’ibimuri maze azitumberanya imirizo zibirizibiri, araheza ashira ikimuri kimwe hagati y’imirizo ibiri, hagati na hagati. 5 Aca adomeka nya bimuri, maze azirekurira mu mirima y’Abafilisitiya y’ibinyantete bihagaze. Gutyo aturira ikintu cose, uhereye ku muganda gushika ku binyantete bihagaze no ku mirima y’imizabibu no ku mirima y’imyelayo+.
6 Nuko Abafilisitiya batangura kuvuga bati: “Ni nde yakoze ibi?” Maze bavuga bati: “Ni Samusoni umukwe wa wa Mutimuni, kuko yafashe umugore wiwe akamuha umuherekeza wiwe+.” Abafilisitiya baca baraduga, baturiza umuriro uwo mugore na se wiwe+. 7 Nuko Samusoni ababwira ati: “Ko mugize ukwo, nta kindi nsigaje atari ukubihora+, mu nyuma nzoca mpagarika.” 8 Atangura kubasasika, arabarundarunda, inganda ziratikira bimwe bikomeye; maze aramanuka, aba mw’isenga ry’urutare rwa Etamu+.
9 Mu nyuma Abafilisitiya+ baraduga, bakambika muri Yuda+, batangura kugendagenda irya n’ino i Lehi+. 10 Maze abagabo ba Yuda bavuga bati: “Kubera iki mutudugiye?” Na bo bati: “Tuduganywe no kuboha Samusoni, kugira tumugirire nk’ivyo yatugiriye.” 11 Nuko abagabo ba Yuda ibihumbi bitatu bamanuka kuri rya senga ry’urutare rwa Etamu+, babwira Samusoni bati: “Ntuzi yuko Abafilisitiya ari bo batuganza+? None ivyo wadukoreye bisobanura iki?” Maze ababwira ati: “Nabagiriye nk’uko bangiriye+.” 12 Mugabo bamubwira bati: “Tumanukanywe no kukuboha kugira tugutange mu kuboko kw’Abafilisitiya.” Samusoni aca ababwira ati: “Nimundahire yuko mwebwe ubwanyu mutaza kungurukirako.” 13 Na bo bamubwira bati: “Oya, ariko turakuboha gusa, maze tugutange mu kuboko kwabo; mugabo ntitukwica.”
Bamubohesha rero imigozi ibiri mishasha+, bamudugana bamukuye muri nya rutare. 14 Araza gushika i Lehi, Abafilisitiya na bo biha akaruru karimwo akanyamuneza ntangere bamubonye+. Impwemu ya Yehova+ itangura gukorera kuri we, maze nya migozi yari ku maboko yiwe iba nk’inyuzi z’ilino zibabuwe n’umuriro+, ku buryo ivyari bimuboshe bishonga bikava ku maboko yiwe. 15 Nuko abona umubangabanga w’indogobwa y’ingabo utaruma, atuma ukuboko arawutora, awicisha abagabo igihumbi+. 16 Maze Samusoni avuga ati:
“Nkoresheje umubangabanga w’indogobwa y’ingabo, narunze ikirundo kimwe, ibirundo bibiri!
Nkoresheje umubangabanga w’indogobwa y’ingabo nishe abagabo igihumbi+.”
17 Arangije kuvuga, aca ata nya mubangabanga wari mu kuboko kwiwe, maze yita aho hantu Ramati-lehi*+. 18 Maze aranyoterwa cane, atangura gutakambira Yehova ati: “Ni wewe watanze ubu bukiriro bukomeye mu kuboko kw’umusavyi wawe+, none nicwe n’inyota, ngwe vy’ukuri mu kuboko kw’abatagenyerewe+?” 19 Imana ica isatura ikinogo cimburutse nk’isekuro cari i Lehi, maze amazi+ atangura kukivamwo, na we atangura kunywa, agarura agatege+, arahembuka+. Ni co gituma yacise Eni-hakore*, kikaba kikiri i Lehi gushika n’uyu musi.
20 Nuko acira imanza Isirayeli mu misi y’Abafilisitiya, imyaka mirongo ibiri+.