Zaburi
Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo.
139 Ewe Yehova, waranseranguye, kandi uranzi+.
2 Urazi iyicara ryanje n’ihaguruka ryanje+.
Warimbūriye kure iciyumviro canje+.
5 Inyuma n’imbere, waranyugarije;
Kandi ushira ukuboko kwawe kuri jewe.
8 Hamwe noduga mw’ijuru, ni yo woba uri+;
Hamwe na ho nosasa uburiri bwanje mu kuzimu, ehe ni yo woba uri+!
9 Hamwe notora amababa+ y’umutwenzi
Ngo nje kuba mu kiyaga ca kure y’ibindi vyose+,
10 No ng’aho nyene ukuboko kwawe kwonyobora+,
Kandi ukuryo kwawe kwoncakira+.
12 Mbere n’umwiza ntiwocura umwiza ngo ukubuze kubona+,
Ahubwo ijoro ryobonesha nk’umurango+;
Umwiza na wo nyene woba umuco+.
14 Nzoguhaya kuko ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba+.
Ibikorwa vyawe ni agatangaza+,
Kandi umutima wanje urabizi neza cane+.
15 Amagufa yanje ntiwayanyegejwe+
Igihe nahingurirwa mw’ibanga+,
Igihe najishirwa mu bihimba vy’epfo rwose+ vy’isi.
16 Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo+,
Kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe,
Ku bijanye n’imisi vyabumbiweko+
Kandi ata na kimwe muri vyo cari bwabeho.
17 Ese rero ukuntu ivyiyumviro vyawe ari ivy’agaciro kuri jewe+!
Ewe Mana, ese ukuntu igitigiri cavyo cose hamwe ari kinini cane+!