Agahibongozo ka Dawidi ko kwibutsa.
38 Ewe Yehova, ntunkangire warakaye+,
Canke ngo unkosore washangashiwe+.
2 Kuko imyampi yawe yinjiye kure muri jewe+,
N’ukuboko kwawe kukaba kumanutseko+.
3 Nta hakomeye hariho mu mubiri wanje kubera imisibo yawe+.
Nta mahoro ariho mu magufa yanje kubera igicumuro canje+.
4 Kuko amakosa yanje yarenze umutwe wanje+;
Nka kurya kw’umutwaro uremereye, arandemereye birenze+.
5 Ibikomere vyanje bisigaye ari umuduhu, vyaboze,
Kubera ubupfu bwanje+.
6 Nataye umutwe, nagondamye bihebuje+;
Ngendagenda nijiriwe bukarinda bwira+.
7 Kuko ikiyunguyungu canje cuzuye ubushe,
Kandi nta hakomeye hariho mu mubiri wanje+.
8 Natimvye kandi nsigaye najanjaguritse bihebuje;
Ndaroha kubera ukuniha kw’umutima wanje+.
9 Ewe Yehova, imbere yawe ni ho icipfuzo canje cose kiri,
Kandi ukuniha kwanje ntiwaguhishijwe+.
10 Umutima wanje wadidagiye bikomeye, ububasha bwanje bwamvuyemwo,
N’umuco w’amaso yanje ntukiri kumwe nanje+.
11 Nayo abankunda be n’abagenzi banje, baguma bihagarariye kure y’icago canje+,
Abagenzi banje ba hafi na bo bihagarariye nka hariya+.
12 Mugabo abarondera ubuzima bwanje batega imitego+,
Abakora bandonderera ivyago na bo bavuze ivy’amarushwa+,
Kandi ubuhendanyi ni bwo baguma bavugira mu ntamatama bukarinda bwira+.
13 Nayo jewe, nka kurya kw’igipfamatwi, sinavyumviriza+;
Kandi nka kurya kw’ikiragi, sinakurako umunwa+.
14 Nabaye nk’umuntu atumva,
Kandi mu kanwa kanje nta vyiyumviro bibeshuza vyariyo.
15 Kuko ari wewe narindiriye, ewe Yehova+!
Nawe ubwawe uranyishura, ewe Yehova Mana yanje+!
16 Kuko navuze nti: “Ahandiho bonyigambako+;
Hamwe ikirenge canje cogenda kidandabagirana+, ntibobura kunyiryako+.”
17 Kuko nagira ncumbagire+,
Kandi ububabare bwanje bwari imbere yanje nantaryo+.
18 Kuko navuze ivy’ikosa ryanje+;
Natanguye kuganyishwa n’igicumuro canje+.
19 Abansi banje bazima babaye abanyenkomezi+,
Abanyanka ata mvo na bo basigara ari benshi+.
20 Bampemvye ikibi ku ciza+;
Bagumye bandwanya bampora ko nkurikirana iciza+.
21 Ntumpebe, ewe Yehova!
Ewe Mana yanje, ntugume kure cane yanje+.
22 Nyaragasa umfashe+,
Ewe Yehova bukiriro bwanje+!