Yosuwa
12 Aba rero ni bo bami b’igihugu bene Isirayeli batsinze maze bakigarurira igihugu cabo ku ruhande rwa Yorodani ruherereye iyo izuba rirasira+, kuva ku mwonga wa Arunoni+ gushika ku musozi Herumoni+, na Araba+ yose amaja i burasirazuba: 2 Sihoni+ umwami w’Abamori, uwaba i Heshiboni+, akaganza kuva i Aroweri+ ku nkombe y’umwonga wa Arunoni+, no hagati muri uwo mwonga, n’ica kabiri ca Gileyadi gushika ku mwonga Yaboki+, ari wo wari urubibe rwa bene Amoni, 3 agatwara na Araba+ gushika ku kiyaga ca Kinereti+ amaja mu buseruko no gushika ku kiyaga co muri Araba, ari co kiyaga c’Umunyu+, mu buseruko, werekeza i Beti-yeshimoti+, n’amaja mu bumanuko munsi y’imimanuko ya Pisiga+.
4 Hanyuma bigarurira akarere ka Ogi+ umwami wa Bashani, wo mu basigaye ku Barefayimu+, uwaba i Ashitaroti+ n’i Edireyi+, 5 akaganza ku musozi Herumoni+ n’i Saleka n’i Bashani hose+, gushika ku rubibe rw’Abageshuri+ n’Abamayakati+, n’ica kabiri ca Gileyadi, gushika ku karere ka Sihoni+ umwami wa Heshiboni+.
6 Musa umusavyi wa Yehova na bene Isirayeli ni bo babatsinze+, hanyuma Musa umusavyi wa Yehova aha akarere kabo Abarubeni+ n’Abagadi+ n’igice c’umuryango wa Manase+ ngo bakiganzire.
7 Aba na bo ni bo bami b’igihugu Yosuwa na bene Isirayeli batsinze ku ruhande rwa Yorodani ruherereye mu burengero, kuva i Bayali-gadi+ mu kiyaya c’umubande ca Libani+ gushika ku musozi Halaki+, uwuduga werekeza i Seyiri+, hanyuma Yosuwa agiha imiryango ya Isirayeli ngo baciganzire hakurikijwe imituri yabo+, 8 mu karere k’imisozi no muri Shefela no muri Araba no ku mimanuko no mu gahinga no muri Negebu+, ni ukuvuga ibihugu vy’Abaheti, Abamori+ n’Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+:
9 Umwami wa Yeriko+, umwe; umwami wa Ayi+, ino ikaba yari iruhande ya Beteli, umwe;
10 umwami wa Yeruzalemu+, umwe; umwami wa Heburoni+, umwe;
11 umwami wa Yarimuti+, umwe; umwami wa Lakishi+, umwe;
12 umwami wa Eguloni+, umwe; umwami wa Gezeri+, umwe;
13 umwami wa Debiri+, umwe; umwami wa Gederi, umwe;
14 umwami wa Horuma, umwe; umwami wa Aradi, umwe;
15 umwami wa Libuna+, umwe; umwami wa Adulamu, umwe;
16 umwami wa Makeda+, umwe; umwami wa Beteli+, umwe;
17 umwami wa Tapuwa, umwe; umwami wa Heferi+, umwe;
18 umwami wa Afeki, umwe; umwami wa Lasharoni, umwe;
19 umwami wa Madoni+, umwe; umwami wa Hazori+, umwe;
20 umwami wa Shimuroni-meroni, umwe; umwami wa Akishafu+, umwe;
21 umwami wa Tayanaki, umwe; umwami wa Megido+, umwe;
22 umwami wa Kedeshi, umwe; umwami wa Yokineyamu+ i Karumeli, umwe;
23 umwami wa Dori ku runani rw’imisozi rwa Dori+, umwe; umwami wa Goyimu i Gilugali, umwe;
24 umwami wa Tiruza, umwe; abami bose bakaba mirongo itatu n’umwe+.