Zaburi
Isengesho rya Dawidi.
2 Yoo! nurinde ubuzima bwanje, kuko ndi intahemuka+.
Kiza umusavyi wawe akwizigiye; uri Imana yanje+.
5 Kuko wewe, ewe Yehova, uri mwiza+ kandi witeguriye kubabarira+!
Kandi ubuntu bwuzuye urukundo ugirira abakwambaza bose ni ikirenga+.
11 Nyigisha inzira yawe, ewe Yehova+!
Nzogendera mu kuri kwawe+.
Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe+.
12 Ndaguhaya, ewe Yehova Mana yanje, n’umutima wanje wose+,
Kandi nzoninahaza izina ryawe gushika igihe kitagira urugero,
13 Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari bwinshi kuri jewe+,
Kandi warokoye ubuzima bwanje ubukura mu kuzimu, mu kibanza caho c’epfo rwose+.
14 Ewe Mana, abita imbere bampagurukiye+;
Ikoraniro ry’abatwaza umukazo ryarondeye ubuzima bwanje+,
Kandi ntibagushize imbere yabo+.
15 Mugabo wewe, ewe Yehova, uri Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe+,
Iteba gushavura+, kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri+.