Gusubira mu vyagezwe
10 “Ico gihe nyene Yehova ambwira ati: ‘Niwibazire ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere+, hanyuma uduge aho ndi ku musozi, kandi utegerezwa kwihingurira isandugu y’igiti+. 2 Nanje nzokwandika kuri nya bisate ya majambo yari kuri vya bisate vya mbere, bimwe wasavya, kandi utegerezwa kubishira muri nya sandugu.’ 3 Nuko mpingura isandugu y’igiti c’umunyinya nongera mbaza ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere+ ndaheza nduga ku musozi, kandi nya bisate bibiri vyari mu kuboko kwanje. 4 Maze yandika kuri nya bisate inyandiko nk’imwe ya mbere+, ya Majambo Cumi+, ayo Yehova yari yababwiriye ku musozi hagati mu muriro+ kuri wa musi ishengero ryari rikoranye+; inyuma y’ivyo Yehova arabimpa. 5 Maze ndahindukira, manuka mvuye ku musozi+ ndaheza nshira nya bisate muri ya sandugu nari nahinguye, kugira ngo bigumeyo, nk’uko Yehova yari yantegetse+.
6 “Hanyuma bene Isirayeli bafata inzira bava i Beyeroti Bene-yakani+ baja i Mosera. Aho ni ho Aroni yapfiriye, hanyuma aba ari ho ahambwa+; maze Eleyazari umuhungu wiwe atangura gukora bwa muherezi mu kibanza ciwe+. 7 Bava ng’aho bafata inzira baja i Gudigoda, hanyuma bava i Gudigoda baja i Yotibata+, igihugu c’imyonga itemba amazi.
8 “Ico gihe nyene Yehova ashira ku ruhande umuryango wa Lewi+ kugira urerure isandugu y’isezerano rya Yehova+, kugira uhagarare imbere ya Yehova ku bwo kumukorera+ no kugira ngo uhezagire mw’izina ryiwe gushika uyu musi+. 9 Ni co gituma Lewi ataronse umuturi n’intoranwa+ kumwe na bene wabo. Yehova ni we ntoranwa yiwe, nk’uko Yehova Imana yawe yari yaramubwiye+. 10 Nayo jewe, nagumye ku musozi nko muri ya misi ya mbere, ngumayo imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+, hanyuma Yehova aranyumviriza n’ico gihe nyene+. Yehova ntiyashatse kubahonya+. 11 Maze Yehova ambwira ati: ‘Haguruka, genda imbere y’abantu bafate inzira, kugira binjire maze bigarurire igihugu narahiye ba sekuruza babo ko nzobaha+.’
12 “Ubu none ga Isirayeli, hari ikindi Yehova Imana yawe agusaba+ atari ugutinya+ Yehova Imana yawe, kugira ngo ugendere mu nzira ziwe zose+ no kugira ngo umukunde+, wongere ukorere Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+, 13 ngo ugumye amabwirizwa ya Yehova n’ivyagezwe vyiwe+ ndagutegetse uno musi, ku neza yawe+? 14 Itegereze: amajuru ni aya Yehova Imana yawe+, mbere amajuru y’amajuru, isi+ n’ibiri muri yo vyose. 15 Ba sogokuruza bawe ni bo gusa Yehova yifatanije na bo kugira abakunde, ku buryo yatoye uruvyaro rwabo mu nyuma zabo+, egome, mwebwe, abakuye mu bisata vyose vy’abantu, nk’uko biri uyu musi. 16 Kandi mutegerezwa kugenyera imitima yanyu+ ntimwongere gukomantaza amazosi yanyu+. 17 Kuko Yehova Imana yanyu ari Imana iruta izindi mana*+ n’Umukama w’abakama+, Imana ihambaye, y’inkomezi kandi iteye ubwoba+, itagira nkunzi ku muntu n’umwe+ canke ngo yemere igiturire+, 18 ishitsa urubanza ku bw’impfuvyi* n’umupfakazi+ kandi igakunda kavamahanga+ ku buryo imuha umukate n’umutamana. 19 Na mwebwe mutegerezwa gukunda kavamahanga+, kuko mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+.
20 “Yehova Imana yawe ni we ukwiye gutinya+. Ni we ukwiye gukorera+, kandi ni we ukwiye kwumirako+, kandi mw’izina ryiwe ni ho ukwiye kurahira indahiro+. 21 Ni We ubwirizwa gushemeza+, kandi ni we Mana yawe yagukoreye vya bintu bikomeye kandi biteye ubwoba amaso yawe yiboneye+. 22 Ba sogokuruza bawe bamanutse mu Misiri bari kumwe n’abantu mirongo irindwi+, none ubu Yehova Imana yawe yakugize nk’inyenyeri zo mu majuru mu bwinshi+.