1 Yohani
1 Kimwe cariho kuva mu ntango+, ico twumvise+, ico twabonye n’amaso yacu+, ico twitegereje neza+ n’amaboko yacu akagikorakora+, ku vyerekeye rya jambo ry’ubuzima+ 2 (egome, ubuzima bwarerekanywe+, kandi twarabonye tukaba kandi turiko turashinga intahe+ twongera tubamenyesha ubuzima budahera+ bwari kumwe na Data tukaba kandi twarabweretswe), 3 kimwe twabona kandi tukumva ni na co turiko turabamenyesha+, kugira ngo namwe musangire natwe+. Ikigeretseko, ukwo gusangira+ kwacu kugirwa hamwe na Data be n’Umwana wiwe Yezu Kristu+. 4 Ni co gituma tubandikiye ibi bintu kugira ngo akanyamuneza kacu kuzure+.
5 Kandi ubu ni bwo butumwa twamwumvanye ari na bwo turiko turabamenyesha+: yuko Imana ari umuco+, kandi ntihaba umwiza namba mu bumwe na yo+. 6 Iyo tuvuze ngo: “Dusangiye na yo,” yamara tukabandanya kugendera mu mwiza+, tuba turiko turabesha kandi ntituba turiko tugendera mu kuri+. 7 Ariko nimba tugendera mu muco nk’uko na yo ubwayo iri mu muco+, turafise koko ugusangira hagati yacu+, kandi amaraso+ ya Yezu Umwana wayo aratwoza+ igicumuro cose+.
8 Iyo tuvuze ngo: “Nta gicumuro dufise+,” tuba turiko turizimiza+ kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe. 9 Iyo twemeye icese ibicumuro vyacu+, Imana ni inyizigirwa ikaba n’iyigororotse kugira ngo itubabarire ibicumuro vyacu yongere itwoze ukutagororoka kwose+. 10 Iyo tuvuze ngo: “Ntitwacumuye,” tuba tuyigize umubeshi, kandi ijambo ryayo ntiriba riri muri twebwe+.