2 Abakorinto
6 Ko dukorana na we+, turabinginga rero ngo ntimwemere ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana hanyuma ngo muhushe intumbero yabwo+. 2 Kuko ivuga iti: “Mu gihe c’ukwemerwa narakwumvise, kandi ku musi w’ubukiriro naragutabaye+.” Ehe! Ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa+. Ehe! Ubu ni wo musi w’ubukiriro+.
3 Ntidutanga mu buryo na bumwe igitsitaza na kimwe+, kugira ngo ubusuku bwacu ntibutorwe amahinyu+; 4 ahubwo muri vyose turishimagiza+ nk’abasuku b’Imana, mu kwihanganira vyinshi, mu makuba, mu bihe vy’umukeno, mu ngorane+, 5 mu bimoko, mu mabohero+, mu mivurungano, mu kubira akuya, mu kurara maso, mu kumara ibihe ata bifungurwa+, 6 mu butyoroke, mu bumenyi, mu kwiyumanganya+, mu buntu+, mu mpwemu nyeranda, mu rukundo ruzira ubwiyorobetsi+, 7 mu kuvuga ukuri, mu bubasha bw’Imana+; biciye ku birwanisho+ vy’ubugororotsi mu kuryo no mu kubamfu, 8 biciye mu buninahazwa no mu gateterwe, biciye mu kuvugwa nabi no mu kuvugwa neza; nk’abahendanyi+ yamara kandi b’imvugakuri, 9 nk’abatazwi yamara kandi bazwi+, nk’abariko barapfa yamara kandi, ehe turiho+, nk’abatojwe indero+ yamara kandi batatanzwe ngo bicwe+, 10 nk’abari n’agahinda yamara bama banezerewe, nk’aboro yamara batungisha benshi, nk’abadafise ikintu na kimwe yamara kandi batunze vyose+.
11 Akanwa kacu karabugurukiye yemwe Bakorinto, umutima wacu+ waragutse. 12 Ntimwagiwe muri twebwe+, ahubwo mwagiwe mu kibabarwe canyu bwite+. 13 Nuko rero, bwa mpembo—mvuga nk’uwubwira abana+—namwe nyene nimwaguke.
14 Ntimuboherwe ku ngǒgo* hamwe n’abatemera+ kandi bitajana. Kuko, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki+? Canke umuco usangiye iki n’umwiza+? 15 Bitayeko, Kristu na Beliyali bahuza bate+? Canke uwemera asangiye iki+ n’uwutemera? 16 Kandi urusengero rw’Imana ruhuza rute n’ibigirwamana+? Kuko turi urusengero+ rw’Imana nzima; nk’uko Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo+ ngendere muri bo, kandi nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje+.” 17 “‘Nimuve muri bo rero, kandi mwitandukanye na bo,’ ni ko Yehova avuga, ‘kandi mureke gukora ku gihumanye+’”; “‘nanje nzobakira+.’” 18 “‘Kandi nzobabera so+, namwe muzombera abahungu n’abakobwa+,’ ni ko Yehova Mushoboravyose avuga+.”