Ezekiyeli
18 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 2 “Mbega bisobanura iki kuri mwebwe kuba muvuga iyi mvugo y’akagani ku butaka bwa Isirayeli, ngo: ‘Ba se ni bo barya inzabibu z’ibiturumbwe, mugabo amenyo y’abana ni yo ajiginyurwa+’?
3 “‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘ntimuzobandanya kuvuga iyo mvugo y’akagani muri Isirayeli. 4 Raba! Abantu bose ni abanje+. Se w’umwana+, cokimwe n’umwana, ni abanje+. Umuntu* acumura+ ni we azopfa+.
5 “‘Nayo umuntu, niyaba ari umugororotsi, akaba yarashikije ubutungane n’ubugororotsi+, 6 ntarīre+ ku misozi+ kandi ntararamurire amaso yiwe ku bigirwamana vy’umwanda vy’inzu ya Isirayeli+, ntahumanye umugore wa mugenziwe+ kandi ntiyegere umugore ari mu buhumane bwiwe+, 7 akaba ata muntu yafata nabi+, agasubiza ingwati yafashe kubera umwenda afitiwe+, ntihagire ico anyaga ku bwambuzi+, umukate wiwe akawuha uwushonje+, akambika impuzu uwuri gusa+, 8 ntihagire ico atanga ku nyungu+ kandi ntaguranire kwunguka+, akabuza ukuboko kwiwe ibigoramye+, agashitsa ubutungane nyakuri hagati y’umuntu n’uwundi+, 9 akaguma agendera mu vyagezwe vyanje+, akagumya ingingo zanje z’ubutungane kugira ashitse ukuri+: uyo ni umugororotsi+. Ntazobura kubandanya kubaho+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
10 “‘Kandi nimba hari uwavyaye umwana, uno akaba ari umwambuzi+, asesa amaraso+, akaba yakoze ibimeze nka kimwe muri ivyo 11 (mugabo uwo muvyeyi ubwiwe akaba ata na kimwe muri ivyo yakoze); nimba kandi yarīriye ku misozi+, agahumanya umugore wa mugenziwe+, 12 agafata nabi umurushwa n’umworo+, akanyaga ibintu ku bwambuzi+, ntasubize icafashwe bwa ngwati+, akararamurira amaso yiwe ku bigirwamana vy’umwanda+: uwo yakoze ikintu giteye ishishi+. 13 Yatanze kugira ngo yunguke+, yakira inyungu+; uwo ntazogenda abandanije kubaho. Yakoze ivyo bintu vyose biteye ishishi+. Ntazogenda atishwe. Amaraso yiwe azoba kuri we+.
14 “‘Kandi raba: umuntu yaravyaye umwana, uno akaguma abona ibicumuro vyose se wiwe akora, akabibona mugabo ntakore ibimeze nka vyo+. 15 Ntiyaririye ku misozi, kandi ntiyararamuriye amaso yiwe ku bigirwamana vy’umwanda vy’inzu ya Isirayeli+; ntiyahumanije umugore wa mugenziwe+; 16 kandi nta muntu yafashe nabi+, nta ngwati yafashe+, kandi nta kintu yatwaye ku bwambuzi+; umukate wiwe yawuhaye uwushonje+, yambika impuzu uwuri gusa+; 17 yabujije ukuboko kwiwe kugirira nabi umurushwa; ntiyaguraniye kwunguka+ kandi ntiyakiriye inyungu+; yashikije ingingo zanje z’ubutungane+; yagendeye mu vyagezwe vyanje+: uwo ntazopfa kubera ikosa rya se+. Ntazobura kubandanya kubaho+. 18 Nayo se wiwe, kubera ko yakoze ivy’ubugunge bweruye+, akanyaga ikintu mwene wabo ku bwambuzi+, agakora ikintu cose kitari ciza hagati mu bisata vy’abantu b’iwabo+: uwo rero ategerezwa gupfa azize ikosa ryiwe+.
19 “‘Namwe ntimuzobura kuvuga ngo: “Ni kuki umwana atabwirizwa kugira ico abazwa kubera ikosa rya se+?” Uwo mwana, we yarashikije ubutungane n’ubugororotsi+, agumya ivyagezwe vyanje vyose, akaba abandanya kubikurikiza+. Ntazobura kubandanya kubaho+. 20 Umuntu acumura ni we azopfa+. Umwana ntazogira ico abazwa kubera ikosa rya se, na se w’umwana ntazogira ico abazwa kubera ikosa ry’umwana+. Ubugororotsi bw’umugororotsi buzoba kuri we ubwiwe+, n’ububisha bw’umubisha buzoba kuri we ubwiwe+.
21 “‘Nayo umubisha, niyahindukira akava mu bicumuro vyiwe vyose yakoze+, akagumya koko ivyagezwe vyanje vyose, agashitsa ubutungane n’ubugororotsi+, ntazobura kubandanya kubaho. Ntazopfa+. 22 Ibigabitanyo vyiwe vyose yakoze, ntibizokwibukwa ngo abihorwe+. Kubera ubugororotsi bwiwe yagendeye, azobandanya kubaho+.’
23 “‘Mbega ugira ngo ndahimbarwa na gato n’uko umubisha apfa+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘atari uko yohindukira akava mu nzira ziwe, akabandanya kubaho+?’
24 “‘Umugororotsi rero niyahindukira akava mu bugororotsi bwiwe, agakora koko ibigoramye+, akaguma akora ibihuye n’ibiteye ishishi vyose umubisha yakoze+, kandi akaba ari muzima, mu bikorwa vyiwe vyose vy’ubugororotsi yakoze nta na kimwe kizokwibukwa+. Kubera ubuhemu yagize no kubera igicumuro yacumuye, ni vyo azopfa azize+.
25 “‘Namwe ntimuzobura kuvuga ngo: “Inzira ya Yehova ntitumbereye+.” Enda niwumve, ewe nzu ya Isirayeli! Inzira yanje ntitumbereye+? Mbega inzira zanyu si zo zidatumbereye+?
26 “‘Umugororotsi niyahindukira akava mu bugororotsi bwiwe, agakora koko ibigoramye+, agapfa abizize, ibigoramye yakoze ni vyo azopfa azize+.
27 “‘Kandi umubisha niyahindukira akava mu bubisha yakoze, agatangura gushitsa ubutungane n’ubugororotsi+, uwo ni we azokwizigamira ubuzima+. 28 Niyabibona+ maze agahindukira akava mu bigabitanyo vyiwe vyose yakoze+, ntazobura kubandanya kubaho. Ntazopfa+.
29 “‘Kandi inzu ya Isirayeli ntizobura kuvuga ngo: “Inzira ya Yehova ntitumbereye+.” Inzira zanje, mbega ntizitumbereye ga yewe nzu ya Isirayeli+? Mbega inzira zanyu si zo zidatumbereye+?’
30 “‘Nzobacira rero urubanza, umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri+, ewe nzu ya Isirayeli,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze+. ‘Nimuhindukire, ni ukuri nimurabe ukuntu muhindukira muve mu bigabitanyo vyanyu vyose+, ntihagire ikibabera igitsitaza candurutsa ikosa+. 31 Nimushiburire kure yanyu ibigabitanyo vyanyu vyose mwagabitanijemwo+, mwiheshe umutima mushasha+ n’impwemu nshasha+; ni kuki none mwokwirirwa murapfa+ ga yewe nzu ya Isirayeli?’
32 “‘Kuko ntahimbarwa na gato n’urupfu rw’uwupfa+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. ‘Nimurabe rero ukuntu muhindukira, mubandanye kubaho+ yemwe.’”