Kuvayo
13 Yehova yongera kubarira Musa ati: 2 “Niweze ku bwanje imfura yose y’igitsina-gabo yugurura igitereko cose muri bene Isirayeli, mu bantu no mu bitungwa. Ni rwanje+.”
3 Musa abandanya kubwira abantu ati: “Hazoze haribukwa uyu musi muviriyeko mu Misiri+, mu nzu y’abashumba, kuko biciye ku nkomezi z’ukuboko ari ho Yehova abakuye ng’aha+. Nta kintu cambiwe rero gishobora kuribwa+. 4 Uno musi murasohotse, akaba ari mu kwezi kwa Abibu+. 5 Kandi Yehova niyamara kukuzana mu gihugu c’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abahiwi n’Abayebusi+, ari co yarahiye ba sogokuruza bawe ko azokiguha+, kikaba ari igihugu gitemba amata n’ubuki+, uze ukore ico gikorwa muri uku kwezi. 6 Mu misi indwi uzorya udutsima tutarimwo umwambiro+, ku musi ugira indwi na ho ni umusi mukuru wa Yehova+. 7 Udutsima tutarimwo umwambiro ni two tubwirizwa kuribwa mu misi indwi+. Nta kintu cambiwe gikwiye kuboneka iwawe+, kandi nta gicumbe gikāta gikwiye kuboneka iwawe, hagati y’imbibe zawe hose+. 8 Kandi uze ubwire umuhungu wawe kuri uwo musi uti: ‘Ni kubera ivyo Yehova yangiriye igihe nava mu Misiri+.’ 9 Kandi bitegerezwa kukubera ikimenyetso ku kuboko kwawe n’icibutso hagati y’amaso yawe+, kugira ngo itegeko rya Yehova ribe mu kanwa kawe+; kuko biciye ku kiganza gikomeye ari ho Yehova yagukuye mu Misiri+. 10 Kandi utegerezwa kugumya iki cagezwe ku gihe caco cashinzwe ku mwaka ku mwaka+.
11 “Kandi Yehova niyakuzana mu gihugu c’Abanyakanani+, nk’uko yabikurahiye akabirahira na ba sogokuruza bawe+, akakiguha koko, 12 uze wegurire Yehova umuntu wese yuguruye igitereko+, n’ic’uburiza cose, umukangara w’igitungwa+, ikizoba ari rwawe. Ivy’igitsina-gabo ni ivya Yehova+. 13 Kandi indogobwa yose y’uburiza ubwirizwa kuyicunguza intama, nutayicungura na ho, uzotegerezwa rero kuyivuna izosi+. Kandi imfura yose y’umuntu mu bahungu bawe uze uyicungure+.
14 “Kandi umuhungu wawe niyakubaza mu nyuma+ ati: ‘Ibi bisobanura iki?’, uze umubwire uti: ‘Inkomezi z’ukuboko ni zo Yehova yadukuje mu Misiri+, mu nzu y’abashumba+. 15 Maze Farawo aba intabarirwa, ntiyaturekura+, Yehova aca yica imfura yose mu gihugu ca Misiri+, uhereye ku mfura y’umuntu ugashika ku gitungwa c’uburiza+. Ni co gituma ndiko nshikanira Yehova ivy’igitsina-gabo vyose vyugurura igitereko+, n’imfura yose mu bahungu banje nkayicungura+.’ 16 Kandi bitegerezwa kuba ikimenyetso ku kuboko kwawe n’agatengaruhanga hagati y’amaso yawe+, kuko inkomezi z’ukuboko ari zo Yehova yadukuje mu Misiri+.”
17 Kandi igihe Farawo yarekura abantu, Imana ntiyabacanye mu nzira y’igihugu c’Abafilisitiya ngo ni uko hari hafi, kuko Imana yavuga iti: “Abantu bohava bicuza babonye intambara, bagaca basubira mu Misiri+.” 18 Ku bw’ivyo Imana ituma abantu bazunguruka baciye mu nzira yo mu gahinga k’ikiyaga Gitukura+. Mugabo bene Isirayeli baduze bavuye mu gihugu ca Misiri nk’abatonze urugamba+. 19 Kandi Musa ajana amagufa ya Yozefu, kuko yari yararahije bene Isirayeli ashimitse, ati: “Imana ntizobura kubitaho+, kandi mutegerezwa kudugana amagufa yanje muyakure ng’aha+.” 20 Nuko batangura kuva i Sukoti hanyuma bakambika i Etamu ku mubari w’agahinga+.
21 Kandi Yehova yagendera imbere yabo ku murango mu nkingi y’igicu kugira abayobore mu nzira+, mw’ijoro na ho mu nkingi y’umuriro kugira abahe umuco, bigatuma bagenda ku murango no mw’ijoro+. 22 Nya nkingi y’igicu ntiyava imbere y’abantu ku murango, eka na nya nkingi y’umuriro mw’ijoro+.