Ezekiyeli
37 Ukuboko kwa Yehova kwabaye kuri jewe+, ku buryo anzana ndi mu mpwemu ya Yehova+, antereka hagati mu kiyaya c’umubande, kandi cari cuzuye amagufa+. 2 Araheza ancisha iruhande yayo hirya no hino, kandi ehe: yari menshi cane ku buringanire bwa nya kiyaya, kandi ehe: yari yumye cane+. 3 Na we atangura kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, mbega aya magufa yoba mazima?” Nanje nti: “Mukama Segaba Yehova, wewe ubwawe urabizi neza+.” 4 Abandanya kumbwira ati: “Vuga ubuhanuzi kuri aya magufa, uyabwire uti: ‘Emwe mwa magufa yumye, nimwumve ijambo rya Yehova:
5 “‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye aya magufa: “Ehe ndabazanyemwo impemu, kandi muzoba bazima ata kabuza+. 6 Ndabashirako imitsi, ndabazaneko inyama, ndabomekeko urukoba, ndabashiremwo impemu, kandi muzoba bazima ata kabuza+; kandi muzomenya yuko jewe ndi Yehova+.”’”
7 Ndaheza mvuga ubuhanuzi nk’uko nari ntegetswe+. Nkivuga ubuhanuzi hatangura kuza ijwi, maze haba ukubomborana, amagufa atangura kwēgērana, igufa rikēgēra igufa ryaryo. 8 Maze ngize ntya, mbona haza kuri yo imitsi n’inyama, n’urukoba rutangura kwomekwa hejuru kuri yo. Mugabo ku bijanye n’impemu, nta zari muri yo.
9 Abandanya kumbwira ati: “Bwira ubuhanuzi umuyaga. Vuga ubuhanuzi, ewe mwana w’umuntu, ubwire umuyaga uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nuze, ewe muyaga, uvuye kuri ya miyaga ine, uhuhutire kuri aba bantu bishwe+, kugira ngo babe bazima+.”’”
10 Ndaheza mvuga ubuhanuzi nk’uko yari antegetse; maze impemu ziyazamwo, atangura kuba mazima, ahagarara ku birenge vyayo+, emwe, ari inteko za gisirikare nyinshi, nyinshi cane.
11 Abandanya kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, ku bijanye n’aya magufa, ni inzu ya Isirayeli yose uko ingana+. Ehe bavuga ngo: ‘Amagufa yacu yarumye, n’icizigiro cacu carazimanganye+. Twaratandukanijwe n’abandi dusigara ukwacu.’ 12 Vuga rero ubuhanuzi, ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe nduguruye imva zanyu, kandi nzobaduza ndabakure mu mva zanyu+, emwe bantu banje, ndabazane ku butaka bwa Isirayeli+. 13 Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova ninugurura imva zanyu, ninabaduza nkabakura mu mva zanyu, emwe bantu banje+.”’ 14 ‘Nzoshira impwemu yanje muri mwebwe+, kandi muzoba bazima ata kabuza; nzobashira ku butaka bwanyu muhagerere; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova navuze kandi ko nabikoze,’ ni ko Yehova avuze+.”
15 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 16 “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, niwitorere agakoni+ ukandikeko ngo: ‘Ni aka Yuda be na bene Isirayeli, bagenziwe+.’ Utore akandi gakoni ukandikeko ngo: ‘Ni aka Yozefu, agakoni ka Efurayimu+, be n’inzu ya Isirayeli yose, bagenziwe+.’ 17 Nutume twegērana kamwe n’akandi, tukubere agakoni kamwe; kandi turi bucike vy’ukuri agakoni kamwe gusa mu kuboko kwawe+. 18 Kandi abana b’igisata cawe nibatangura kukubwira ngo: ‘Mbega ntutubwira ico ivyo bintu bisobanura kuri wewe+?’, 19 ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ntoye agakoni ka Yozefu kari mu kuboko kwa Efurayimu, be n’imiryango ya Isirayeli, bagenziwe, ndayishire kuri ko, ni ukuvuga ku gakoni ka Yuda, kandi nzotugira vy’ukuri agakoni kamwe+, na two tuzocika agakoni kamwe mu kuboko kwanje.”’ 20 Kandi udukoni wandikako tuzobe turi mu kuboko kwawe mu maso yabo+.
21 “Kandi ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ntoye bene Isirayeli ndabakuye mu mahanga bagiyemwo, kandi nzobakoraniriza hamwe ndabakuye hirya no hino, ndabazane ku butaka bwabo+. 22 Nzobagira vy’ukuri ihanga rimwe mu gihugu+, ku misozi ya Isirayeli, kandi umwami umwe ni we azobabera umwami bose+; ntibazobandanya kuba amahanga abiri canke ngo bongere kuba abagabuwe mu bwami bubiri+. 23 Ntibazokwongera kwihumanisha ibigirwamana vyabo vy’umwanda n’ibintu vyabo bisesemye be n’ibigabitanyo vyabo vyose+; kandi nzobakiza koko bave mu bibanza vyabo vyose babamwo, ivyo bacumuriyemwo, ndabahumanure+, kandi bazoba abantu banje koko, nanje mbe Imana yabo+.
24 “‘“Umusavyi wanje Dawidi azoba umwami abaganza+, kandi bose bazogira umwungere umwe+; bazogendera mu ngingo zanje z’ubutungane+, bagumye ivyagezwe vyanje+, babishitse koko+. 25 Bazokwibera vy’ukuri ku butaka nahaye umusavyi wanje, ubwo nahaye Yakobo, aho ba sogokuruza banyu babaye+, kandi bazobwiberako vy’ukuri+, bo n’abana babo be n’abana b’abana babo gushika igihe kitagira urugero+, kandi Dawidi umusavyi wanje azoba umukuru wabo gushika igihe kitagira urugero+.
26 “‘“Kandi nzogirana na bo isezerano ry’amahoro+; isezerano ryamaho igihe kitagira urugero ni ryo rizoba kumwe na bo+. Kandi nzobashiraho, ndabagwize+, nshire aheranda hanje hagati yabo gushika igihe kitagira urugero+. 27 Itaberenakulo* yanje izoba vy’ukuri hejuru yabo+; nzoba koko Imana yabo, na bo babe abantu banje+. 28 Kandi amahanga azobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova+ ndiko ndeza Isirayeli, aheranda hanje nihaba hagati yabo gushika igihe kitagira urugero+.”’”