Esiteri
6 Iryo joro umwami abura itiro+. Ategeka rero ko bazana igitabu c’inyandiko+ z’ivyo muri ivyo bihe. Nuko bisomerwa imbere y’umwami. 2 Amaherezo basanga handitswemwo ivyo Morudekayi yari yarahishuye+ ku vyerekeye Bigitani na Tereshi, abakozi bo ku kirimba babiri+ b’umwami, abarinzi b’imiryango, bari bararondeye gushorera ukuboko ku Mwami Ahasuwerusi. 3 Maze umwami avuga ati: “Ni iteka irihe n’ikintu gihambaye ikihe Morudekayi yagiriwe ku bw’ivyo?” Abasuku b’umwami, abakozi biwe, baca bavuga bati: “Nta kintu na kimwe yagiriwe+.”
4 Mu nyuma umwami avuga ati: “Ni nde ari mu kigo?” Ico gihe Hamani yari yaje mu kigo c’inyuma+ c’inzu y’umwami kubwira umwami ngo amanike Morudekayi ku giti+ yari yamuteguriye. 5 Nuko abasuku b’umwami bamubwira bati: “Ehe Hamani+ ahagaze mu kigo.” Umwami rero avuga ati: “Niyinjire.”
6 Hamani yinjiye, umwami amubwira ati: “Umuntu umwami ubwiwe ahimbawe no gutera iteka akwiye kugirirwa iki+?” Hamani aca yibwira mu mutima wiwe ati: “Hari uwundi umwami yohimbarwa no gutera iteka atari jewe+?” 7 Hamani rero abwira umwami ati: “Umuntu umwami ubwiwe ahimbawe no gutera iteka— 8 nibazane ivyambarwa vya cami+ umwami yambara koko be n’ifarasi umwami agenderako+ bayambitse ku mutwe umugāra wa cami. 9 Maze ivyo vyambarwa n’iyo farasi babizeze umwe mu baganwa b’abanyacubahiro b’umwami+; hanyuma bambike nya muntu umwami ubwiwe ahimbawe no gutera iteka, baheze bamutembereze kuri iyo farasi mu kibanza ca bose+ c’igisagara+, bagende barasemerera imbere yiwe bati: ‘Uku ni ko umuntu umwami ubwiwe ahimbawe no gutera iteka agirirwa+.’” 10 Umwami aca abwira Hamani ati: “Ningoga, tora ivyo vyambarwa n’iyo farasi, nk’uko nyene uvuze, uheze ugirire utyo Morudekayi Umuyuda yicaye mw’irembo ry’umwami. Mu vyo uvuze vyose ntihagire na kimwe kidashitswa+.”
11 Hamani aca atora nya vyambarwa+ na nya farasi, yambika Morudekayi+ hanyuma amutembereza mu kibanza ca bose+ c’igisagara, agenda arasemerera imbere yiwe+ ati: “Uku ni ko umuntu umwami ubwiwe ahimbawe no gutera iteka agirirwa+.” 12 Hanyuma Morudekayi asubira kw’irembo ry’umwami+. Hamani na we yihutira kuja iwe, agandaye kandi yitwikiriye mu mutwe+. 13 Maze Hamani yiganira Zereshi+ umugore wiwe n’abagenzi biwe bose ibintu vyose vyari vyamushikiye. Abantu biwe b’inkerebutsi+ na Zereshi umugore wiwe baca bamubwira bati: “Nimba Morudekayi, uwo watanguye kwikubita imbere, ari uwo mu ruvyaro rw’Abayuda, ntuzomunesha, ahubwo uzogwa imbere yiwe ata kabuza+.”
14 Bakiriko baravugana na we, abakozi bo ku kirimba b’umwami barashika hanyuma batwara Hamani gihutihuti+ ku nzimano+ Esiteri yari yateguye.