Ku muyobozi, ku Malisi+. Ni izaburi ya Dawidi.
69 Nkiza Mana, kuko amazi yaje agashika no ku buzima bwanje+.
2 Ndanyitse mu rwondo rugera kure, ahatagira aho guhagarara+.
Ninjiye mu mazi maremare,
Kandi umugezi utemba urankukumuye+.
3 Narushe no gusemerera+;
Umuhogo wanje wasaraye.
Amaso yanje yagwabiye ndindiriye Imana yanje+.
4 Abanyankira ubusa babaye benshi mbere kuruta n’umushatsi wo ku mutwe wanje+.
Abarondera kunumya, bakaba ari abansi banje ata mvo, babaye benshi+.
Ico ntari natwaye ku bwambuzi, naciye ndagisubiza.
5 Ewe Mana, wewe ubwawe waramenye ubupfu bwanje,
Kandi ukwagirwa n’icaha kwanje ntiwakunyegejwe+.
6 Ese abakwizigira batomaramara kubera jewe+,
Ewe Mukama Segaba, Yehova nyen’ingabo+!
Ese abakurondera batoteterwa kubera jewe+,
Ewe Mana ya Isirayeli+!
7 Kuko nikoreye iceyi kubera wewe+,
Agateterwe kampfutse mu maso+.
8 Nsigaye ninubwa na bene wacu+,
Nkaba n’umunyamahanga kuri bene mama+.
9 Kuko umwete w’inzu yawe wandiye+,
Kandi ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe+.
10 Natanguye kurira hariko n’ukwisonzesha kwanje+,
Mugabo vyamviriyemwo iceyi+.
11 Igihe nagira igunira icambarwa canje,
Nacitse iciro ry’umugani kuri bo+.
12 Abicaye mw’irembo batanguye kurazwa ishinga nanje+,
Kandi ni je nari indirimbo z’abanywi b’inzoga iboreza+.
13 Nayo jewe, isengesho ryanje naritura wewe, ewe Yehova+,
Ku gihe cemerwa, ewe Mana+!
Mu bwinshi bw’ubuntu bwuzuye urukundo bwawe nunyishurane ukuri kw’ubukiriro bwawe+.
14 Ndokora unkure mu rwondo, kugira ngo sinyike+.
Ese norokorwa ngakizwa abanyanka+ be n’amazi maremare+.
15 Ese umugezi utemba w’amazi utonkukumura+,
Canke ngo ibwina hamire,
Canke ngo iriba rindumanirizeko akanwa karyo+.
16 Nunyishure, Yehova we, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari agahore+.
Nk’uko imbabazi zawe ari indiri, nuhindukirire aho ndi+,
17 Kandi ntuhishe mu maso hawe umusavyi wawe+.
Kubera ko ngeze habi, nunyishure ningoga+.
18 Egera ubuzima bwanje, ubuhabuze+;
Nuncungure kubera abansi banje+.
19 Wewe ubwawe waramenye iceyi canje n’ibimaramare vyanje n’agateterwe kanje+.
Abanyanka bose bari imbere yawe+.
20 Iceyi cavunye umutima wanje, kandi igikomere ntigikira+.
Naguma nizigiye ko hagira uwunyumvira ikibabarwe, mugabo ntihaboneka n’umwe+;
Naguma nizigiye ko haba abahoza, mugabo sinaronka n’umwe+.
21 Mugabo bampaye igiterwa c’ubumara ngo kimbere ibifungurwa+,
Bagerageza kunywesha inkarihe ngo banzimye inyota+.
22 Imeza yabo nibe umutego imbere yabo+,
Icotumye bamererwa neza na co kibe umushibuka+.
23 Amaso yabo nacure umwiza kugira ngo ntibabone+;
Nutume amafyinga yabo anyoganyoga nantaryo+.
24 Nubasukeko imisibo yawe+,
Ishavu ryawe rirurumba ribahamvye+.
25 Ikambi yabo izitijwe uruhome nicike umusaka+;
Mu mahema yabo ntihaboneke uwuhaba+.
26 Kuko umuntu wewe ubwawe wakubise ari we bakurikiranye+,
Imibabaro y’abo watobekeranije ikaba ari yo baguma badonda.
27 Ongera ikosa kw’ikosa ryabo+,
Kandi ntibinjire mu bugororotsi bwawe+.
28 Nibahanagurwe mu gitabu c’abazima+,
Kandi ntibandikwemwo hamwe n’abagororotsi+.
29 Mugabo jewe ndi umurushwa kandi ndasasatwa+.
Ewe Mana, ubukiriro bwawe nibunkingire+.
30 Nzoshemeza izina ry’Imana n’ururirimbo+,
Kandi nzoyininaharisha ugukenguruka+.
31 Ivyo kandi bizohimbara Yehova kuruta ishūri+,
Kuruta ikimasa c’amahembe, gisatuye ikinono+.
32 Abatekereza ntibazobura kubibona; bazonezerwa+.
Mwebwe murondera Imana, umutima wanyu nubandanye kubaho+.
33 Kuko Yehova yumviriza aboro+,
Kandi ntazogenda asuzuguye imbohe ziwe+.
34 Ijuru n’isi nibimushemeze+,
Ibiyaga n’ibigendera muri vyo vyose+.
35 Kuko Imana ubwayo izokiza Siyoni+,
Yubake ibisagara vya Yuda+;
Kandi ntibazobura kwiberayo, bahigarurire+.
36 Uruvyaro rw’abasavyi bayo ruzohatorana+,
Kandi abakunda izina ryayo ni bo bazohaba+.