Yohani
4 Umukama rero amenye yuko Abafarizayo bari bumvise ko Yezu yariko ahindura yongera abatiza+ abigishwa benshi kuruta Yohani— 2 naho mu vy’ukuri Yezu ubwiwe atabatiza mugabo hakabatiza abigishwa biwe— 3 ava i Yudaya yongera kuja i Galilaya. 4 Mugabo biba nkenerwa ko aca i Samariya+. 5 Nuko ashikira igisagara ca Samariya citwa Sikara hafi y’itongo Yakobo yahaye Yozefu umuhungu wiwe+. 6 Nkako, aho ni ho hari isôko rya Yakobo+. Buno Yezu, kubera ko yari aruhishijwe n’urugendo, yari yicaye kuri iryo sôko nk’uko nyene yari ari. Hari nko kw’isaha ya gatandatu.
7 Umugore umwe w’i Samariya aza kuvoma amazi. Yezu amubwira ati: “Mpa ico nywa.” 8 (Kuko abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura ivyo kurya.) 9 Nya Musamariyakazi rero amubwira ati: “Bishoboka bite ngo wewe, uri Umuyuda, unsabe ico kunywa, kandi jewe ndi Umusamariyakazi?” (Kuko Abayuda ata migenderanire bafitaniye n’Abasamariya+.) 10 Yezu amwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabirano ya gusa+ y’Imana be n’uwukubwiye ati: ‘Mpa ico kunywa,’ wari kumusaba, na we akaguha amazi mazima+.” 11 Amubwira ati: “Mutungwa, nta n’indobo ufise yo kuvoma amazi, kandi iriba ni rirerire. None ayo mazi mazima uyakura hehe? 12 None uruta+ sogokuruza wacu Yakobo, we yaduhaye iri riba kandi we ubwiwe n’abana biwe n’ibitungwa vyiwe bakaba bararinywako?” 13 Yezu amwishura ati: “Uwunywa kuri aya mazi wese azokwongera kunyoterwa. 14 Uwo wese anywa ku mazi nzomuha ntazokwigera anyoterwa na gato+, mugabo amazi nzomuha azocika muri we isôko ry’amazi+ adudubiza ngo atange ubuzima budahera+.” 15 Nya mugore amubwira ati: “Mutungwa, numpe ayo mazi, kugira sinze nyoterwe canke ngo ngume nza aha hantu kuvoma amazi.”
16 Amubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe hanyuma uze ng’aha.” 17 Nya mugore amwishura ati: “Nta mugabo ngira.” Yezu amubwira ati: “Uvuze neza uti: ‘Singira umugabo.’ 18 Kuko wagize abagabo batanu, kandi uwo ufise ubu si umugabo wawe. Aho uvuze ukuri.” 19 Nya mugore amubwira ati: “Mutungwa, ndabona ko uri umuhanuzi+. 20 Ba sogokuruza bacu basengera kuri uyu musozi+; mugabo mwebwe muvuga yuko i Yeruzalemu ari ho abantu babwirizwa gusengera+.” 21 Yezu amubwira ati: “Emera ivyo mvuze, mugore: Isaha igira igere, aho mutazosengera+ Data kuri uyu musozi canke i Yeruzalemu+. 22 Mwebwe musenga ico mutazi+; twebwe dusenga ico tuzi, kubera ko ubukiriro bukomoka ku Bayuda+. 23 Yamara rero, isaha igira igere, kandi ni ubu, aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu+ no mu kuri+, kuko vy’ukuri mwene abo ari bo Data arondera ngo bamusenge+. 24 Imana ni Impwemu+, kandi abayisenga bategerezwa kuyisenga mu mpwemu no mu kuri+.” 25 Nya mugore amubwira ati: “Ndazi yuko Mesiya+ ariko araza, umwe yitwa Kristu+. Aho uwo azoshikira hose, azotumenyesha ibintu vyose adahisha.” 26 Yezu amubwira ati: “Jewe uwuriko arakuvugisha ndi we+.”
27 Muri uwo mwanya abigishwa biwe barashika, baca batangazwa n’uko yariko avugana n’umugore. Ariko nta n’umwe yavuze ngo: “Urondera iki?” canke ngo: “Kubera iki uganira na we?” 28 Nya mugore aca asiga umubindi wiwe w’amazi aja mu gisagara, abwira abantu ati: 29 “Nimuze murabe umuntu yambwiye ibintu vyose nakoze. Namba ari we Kristu+?” 30 Bava mu gisagara, batangura kuza kuri we.
31 Muri ico gihe abigishwa bariko baramwinginga, bati: “Rabi+, fungura.” 32 Mugabo ababwira ati: “Jewe ndi n’ibifungurwa mwebwe mutazi.” 33 Abigishwa batangura rero kubwirana bati: “Hari uwamuzaniye ico kurya?” 34 Yezu ababwira ati: “Ibifungurwa vyanje+ ni ugukora ukugomba+ kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe+. 35 Ntimuvuga none yuko hagisigaye amezi ane ngo iyimbura rigere? Ehe ndababwiye nti: Raramure amaso yanyu murabe imirima: ireze, igeze kwimbura+. Ubu 36 umushwabuzi ariko araronka impembo yongera yegeranya ivyamwa ku bw’ubuzima budahera+, kugira umubivyi+ n’umushwabuzi banezeranwe+. 37 Muri ivyo koko, iri jambo ni iry’ukuri ngo: Umwe ni umubivyi uwundi akaba umushwabuzi. 38 Nabatumye gushwabura ivyo mutabiriye akuya. Abandi barabize akuya+, namwe mwinjiye mu nyungu y’akuya babize.”
39 Maze benshi mu Basamariya bo muri ico gisagara baramwizera+ kubera ijambo rya nya mugore, uwashinze intahe ati: “Yambwiye ibintu vyose nakoze+.” 40 Aho rero nya Basamariya baziye kuri we, batangura kumusaba kugumana na bo; na we aguma ng’aho imisi ibiri+. 41 Ku bw’ivyo abandi benshi baremera kubera ivyo yavuze+, 42 baca batangura kubwira nya mugore bati: “Ntitucemeye kubera amajambo yawe; kuko twiyumviye ubwacu+ kandi tukamenya yuko uyu muntu vy’ukuri ari umukiza+ w’isi.”
43 Inyuma y’iyo misi ibiri ava ng’aho aja i Galilaya+. 44 Ariko Yezu ubwiwe yarashinze intahe yuko mu gihugu iwabo bwite umuhanuzi atagira iteka+. 45 Ashitse i Galilaya rero, Abanyagalilaya baramwakira, kubera ko bari babonye ibintu vyose yakoze i Yeruzalemu ku musi mukuru+, kuko na bo nyene bari bagiye kuri nya musi mukuru+.
46 Nuko yongera kuza i Kana+ h’i Galilaya, hamwe yari yahinduriye amazi umuvinyu+. Ico gihe hari umusuku umwe w’umwami yari n’umwana arwaye, i Kaperinawumu+. 47 Aho uyo muntu yumviye ko Yezu yari yavuye i Yudaya akinjira i Galilaya, aja kuri we hanyuma atangura kumusaba kumanuka agakiza umwana wiwe, kuko yari mu gupfa. 48 Ariko Yezu amubwira ati: “Mutabonye ibimenyetso+ n’ibitangaza+, ntimwemera na gato.” 49 Nya musuku w’umwami amubwira ati: “Mukama, manuka umwana wanje mutoyi atarapfa.” 50 Yezu amubwira ati: “Igire+; umwana wawe ni muzima+.” Nya muntu yemera ijambo Yezu amubwiye hanyuma arigira. 51 Mugabo akiri mu nzira amanuka, abashumba biwe baramusanganira ngo bamubwire yuko umuhungu wiwe ari muzima+. 52 Aca atangura kubabaza isaha yatoreyeko mitende. Baca bamubwira bati: “Ejo kw’isaha y’indwi ni ho inyonko+ yamuvako.” 53 Se aca amenya yuko kuri nya saha nyene+ ari ho Yezu yamubwira ati: “Umwana wawe ni muzima.” Nuko we hamwe n’urugo rwiwe rwose baremera+. 54 Vyongeye, ico cabaye ikimenyetso+ kigira kabiri Yezu yakoze igihe yava i Yudaya akinjira i Galilaya.