Abacamanza
5 Kuri uwo musi, Debora+ na Baraki+ mwene Abinowamu+ batangura kuririmba+ bati:
2 “Kubera ko muri Isirayeli bareka umushatsi ukarekera ku bw’intambara,
Kubera ko abantu bitanga babikunze+,
Nimuhezagire Yehova+.
3 Umvirize, yemwe bami+; tege ugutwi yemwe bategetsi bakurubakuru:
Emwe, jewe ngira ndirimbire Yehova.
4 Yehova, igihe wava i Seyiri+,
Igihe wagenda uvuye mu karere ka Edomu+,
Isi yātigise+, amajuru na yo aratonyanga+,
Ibicu na vyo nyene bitonyanga amazi.
6 Mu misi ya Shamugari+ mwene Anati,
Mu misi ya Yayeli+, iminyuro nta wayicamwo,
Abafata ingendo mu mabarabara bajana inzira zizigura+.
7 Ababa mu gihugu hagati bari barakamanganye, bari barakamanganye muri Isirayeli+,
Gushika jewe Debora+ mpagurutse,
Gushika mpagurutse nka inabibondo muri Isirayeli+.
8 Batanguye kwitorera imana nshasha+.
Ni ho rero haba intambara mu marembo+.
Nta nkinzo yaboneka, canke icumu,
Mu bihumbi mirongo ine muri Isirayeli+.
10 Yemwe abagendera ku ndogobwa z’ingore+ z’ibara ry’akagajo,
Yemwe abicara ku bisaswa* vyizavyiza,
Namwe abagendera mu nzira,
Zirikane+!
11 Amwamwe mu majwi y’abagabanganya amazi yumvikanye mu bibanza vyo kuvomamwo amazi+,
Batangura kwiganira ng’aho ibikorwa vy’ubugororotsi vya Yehova+,
Ibikorwa vy’ubugororotsi vy’abantu biwe baba mu gihugu hagati muri Isirayeli.
Ni ho rero abantu ba Yehova bāmanuka ku marembo.
13 Ni ho rero abarokotse bamanuka bakaja ku bakomakomeye;
Abantu ba Yehova bamanutse aho ndi kugira barwanye abanyenkomezi.
14 Muri Efurayimu ni ho bamuka, abari mu kiyaya co hasi+,
Bari kumwe nawe, ewe Benyamini, mu bisata vyawe vy’abantu.
Muri Makiri+ ni ho abakomanda bamanutse bava,
Muri Zebuloni na ho, abakoresha ibikoresho vy’umwanditsi+.
15 Abaganwa bo muri Isakari+ bari kumwe na Debora,
Kandi uko Isakari yari, ni ko na Baraki+ yari.
Yarungitswe mu kiyaya co hasi ari ku maguru+.
Mu migabane ya Rubeni habaye ugusuzuma umutima gukomeye+.
16 Kubera iki wicaye hagati y’ayo masaho abiri yo kw’itandiko,
Kugira wumvirize amajwi y’imyironge avugirizwa imikuku+?
Ku migabane ya Rubeni habaye ugusuzuma umutima gukomeye+.
17 Gileyadi yigumiye iwe hakurya ya Yorodani+;
Dani na we, kubera iki muri ico gihe yagumye yibera mu meri+?
Asheri yagumye yicaye ku nkengera y’ikiyaga ata co akora;
Yagumye yibera iruhande y’ahantu hiwe imeri zishikira+.
19 Abami baje, bararwana;
Ni ho abami ba Kanani barwanira+
I Tayanaki+, iruhande y’amazi y’i Megido+.
Nta nyungu y’ifeza batwaye+.
21 Uruzi rw’isumo Kishoni rwabatwaye+,
Rwa ruzi rw’isumo rwo mu misi ya kera, rwa ruzi rw’isumo Kishoni+.
Wahonyangiye inkomezi hasi+, ewe mutima wanje!
23 ‘Nimuvume+ Merozi,’ ni ko umumarayika wa Yehova+ avuze,
‘Nimuvume abahaba mudahengeshanya,
Kuko bataje gufasha Yehova,
Gufasha Yehova, bari kumwe n’abanyenkomezi.’
24 Yayeli+ umugore wa Heberi Umukeni+ azohezagirwa rwose mu bagore,
Azohezagirwa rwose mu bagore baba mw’ihema+.
26 Maze atuma ukuboko ku rumambo rw’ihema,
Atuma ukuboko kwiwe kw’ukuryo ku mangu y’abakozi bakora cane+.
Ahondesha inyundo Sisera, amutobekeranya umutwe+,
Amena imisaya yiwe, arayisatura.
27 Hagati y’ibirenge vyiwe ni ho yatembagariye, ni ho yaguye, ni ho yarambaraye;
Hagati y’ibirenge vyiwe ni ho yatembagariye, ni ho yaguye;
Aho yatembagariye ni ho yaguye atsinzwe+.
28 Umugore yaraba acishije mw’idirisha, aguma amureretse,
Nyina wa Sisera yaraba acishije mu kayungiro+, ati:
‘Kubera iki umukogote w’intambara wiwe utevye kuza+?
Kubera iki imirindi y’imikogote yiwe icerewe gutyo+?’
29 Inkerebutsi zo mu bagore b’abanyacubahiro+ biwe zikamwishura,
Egome, na we akishura yibwira amajambo yiwe bwite, ngo:
30 ‘Ntibabwirizwa none kuronka, ntibabwirizwa none kugabangana isahu+,
Igitereko kimwe—ibitereko* bibiri ku muntu w’umugabo+ wese,
Isahu ry’impuzu zisizwe ibara za Sisera, isahu ry’impuzu zisizwe ibara,
Impuzu ideshe, impuzu isizwe ibara, impuzu zideshe zibiri
Ku bw’amazosi y’abagabo batwaye isahu?’
31 Abansi bawe bose nibayogere gutyo+, ewe Yehova,
Abagukunda+ na bo babe nk’igihe izuba riseruka mu bushobozi bwaryo+.”
Nuko igihugu kimara imyaka mirongo ine kitongeye guhungabana+.