Zaburi
Masikili. Ni izaburi ya Etani Umwezerahi+.
89 Ivyo Yehova yerekaniramwo ubuntu bwuzuye urukundo, nzobiririmba mbere gushika igihe kitagira urugero+.
Uko iyaruka rikurikira irindi, nzomenyesha ubwizigirwa bwawe n’akanwa kanje+.
2 Kuko navuze nti: “Ubuntu bwuzuye urukundo buzoguma bwubatswe mbere gushika igihe kitagira urugero+;
Nayo amajuru, uguma ushimangiye ubwizigirwa bwawe muri yo+.”
4 ‘Nzoshimangira uruvyaro rwawe mbere gushika igihe kitagira urugero+,
Kandi nzokwubaka intebe yawe y’ubwami+ iyaruka ku rindi.’” Sela.
5 Amajuru azohaya igikorwa cawe gitangaje, ewe Yehova+,
Egome, ubwizigirwa bwawe mw’ishengero ry’aberanda.
7 Imana ni iyo kwumvirwa akoba mu mugwi w’abagenzi somambike w’aberanda+;
Irahambaye kandi iteye ubwoba ku bayikikuje bose+.
8 Ewe Yehova Mana nyen’ingabo+,
Ni nde yuzuye ingoga nkawe ga Ya*+?
Ubwizigirwa bwawe bukwiye irya n’ino yawe+.
10 Ni wewe wajanjaguye Rahabu+, mbere nk’uwishwe+.
Biciye ku kuboko kw’inkomezi zawe, washwiragije abansi bawe+.
12 Uburaruko n’ubumanuko, ni wewe wabiremye+;
Tabori+ na Herumoni+, mw’izina ryawe biriha akamo k’umunezero+.
14 Ubugororotsi be n’ubutungane ni vyo kibanza gishimangiye c’intebe yawe y’ubwami+;
Ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri biraza imbere yawe+.
15 Hahiriwe abantu bazi akaruru k’umunezero ico ari co+.
Ewe Yehova, mu muco wo mu maso hawe ni ho baguma bagendera+.
17 Kuko ari wewe bwiza bw’inkomezi zabo+;
Kandi kubera ubutoni bwawe, ihembe ryacu rirashirwa hejuru+.
19 Ico gihe wavuganye n’intahemuka zawe mw’iyerekwa+,
Uti:
“Natabaye umunyenkomezi+;
Nashize hejuru umuntu yatowe mu bantu+.
20 Nabonye Dawidi umusavyi wanje+;
Namurobanuje amavuta yanje meranda+,
21 Uwo ukuboko kwanje kuzoshikama kumwe na we+,
Uwo kandi ukuboko kwanje kuzokomeza+.
24 Ubwizigirwa bwanje n’ubuntu bwuzuye urukundo bwanje biri kumwe na we+,
Kandi mw’izina ryanje ihembe ryiwe rirashirwa hejuru+.
28 Nzozigama ubuntu bwuzuye urukundo bwanje kuri we gushika igihe kitagira urugero+,
Kandi isezerano ryanje rizoba iryizigirwa kuri we+.
29 Kandi ata gukeka nzoshinga uruvyaro rwiwe ibihe bidahera+,
Intebe yiwe y’ubwami na yo ndayishinge nk’imisi y’ijuru+.
31 Nibahumanya ivyagezwe vyanje,
Ntibagumye amabwirizwa yanje,
32 Nanje nzotegerezwa kwitaho ikigabitanyo cabo nkoresheje inkoni+,
Niteho ikosa ryabo mu kubakubita+.
36 Uruvyaro rwiwe ruzokwamaho mbere gushika igihe kitagira urugero+,
Intebe yiwe y’ubwami na yo nk’izuba imbere yanje+.
37 Nka kurya kw’ukwezi, izoshimangirwa igihe kitagira urugero,
Mbere nk’icabona cizigirwa mu birere.” Sela.
40 Wasenyuye ingo z’ibitungwa ziwe zose zubakishijwe amabuye+;
Ibihome vyiwe wabigize ibisenyagurike+.
46 Uzogeza ryari ga Yehova kuguma wihishije? Igihe cose+?
Mbega ubushangashirwe bwawe buzoguma bururumba nk’umuriro+?
48 Ni nde muntu w’umugabo muzima atazobona urupfu+?
Mbega yokiza ubuzima bwiwe ukuboko kw’ukuzimu+? Sela.
49 Ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vyawe vya kera biri hehe ga Yehova,
Ivyo warahiye Dawidi mu bwizigirwa bwawe+?
50 Ewe Yehova, ibuka iceyi kiri ku basavyi bawe+,
Ingene ntwara mu gikiriza iceyi c’ibisata vy’abantu vyinshi vyose+,
51 Ingene abansi bawe basize iceyi, ewe Yehova+,
Ingene basize iceyi amakanda y’uwo warobanuje amavuta+.
52 Yehova nahezagirwe gushika igihe kitagira urugero. Amen kandi Amen+.