Matayo
4 Maze Yezu arongowe n’impwemu aduga mu gahinga+ kugira ageragezwe+ na Shetani*. 2 Amaze imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+ yisonzesha, arahava arasonza. 3 Vyongeye, Umugerageji+ araza amubwira ati: “Nimba uri umwana w’Imana+, bwira aya mabuye acike imikate.” 4 Mugabo amwishura ati: “Vyanditswe ngo: ‘Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, mugabo azobeshwaho n’ijambo ryose rizanana mu kanwa ka Yehova+.’”
5 Maze Shetani amujana mu gisagara ceranda+, amushira hejuru ku gakuta k’ikirindiro k’urusengero, 6 amubwira ati: “Nimba uri umwana w’Imana, ikororere hasi+; kuko vyanditswe ngo: ‘Azoha itegeko abamarayika biwe ku bikwerekeye, na bo bazokurerura mu maboko yabo, ngo ntiwigere ukubita ikirenge kw’ibuye+.’” 7 Yezu amubwira ati: “Vyanditswe kandi ngo: ‘Ntukageze Yehova Imana yawe+.’”
8 Shetani yongera kumujana ku musozi muremure bidasanzwe, amwereka ubwami bwose bw’isi+ be n’ubwiza bwabwo, 9 hanyuma amubwira ati: “Ivyo vyose ndabiguha+ niwapfa kwikubita hasi ukansenga+.” 10 Maze Yezu amubwira ati: “Ja hiyo, Shetani! Kuko vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga+, kandi ni we wenyene+ utegerezwa gukorera igikorwa ceranda+.’” 11 Nuko Shetani aramureka+, maze abamarayika baraza, batangura kumukorera+.
12 Hanyuma yumvise ko Yohani yafashwe+, avayo yinjira i Galilaya+. 13 Amaze kuva i Nazareti, araza aba i Kaperinawumu+ iruhande y’ikiyaga mu ntara za Zebuloni na Nafutali+, 14 ngo haranguke ivyavuzwe biciye kuri Yesaya umuhanuzi ngo: 15 “Ewe gihugu ca Zebuloni nawe gihugu ca Nafutali muherereye ku nzira y’ikiyaga, ku ruhande rwo hakurya ya Yorodani, Galilaya+ y’amahanga: 16 abantu bicaye mu mwiza+ barabonye umuco mwinshi+, nayo abicaye mu karere k’igitutu c’urupfu, umuco+ warabarasiye+.” 17 Guhera ico gihe Yezu atangura kwamamaza avuga ati: “Nimwigaye+, kuko ubwami+ bwo mw’ijuru bwegereje.”
18 Ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga ca Galilaya abona abavukana babiri, Simoni+ yitwa Petero+ be na Andereya mwene wabo, bariko barekurira mu kiyaga urusenga rwo kuroba, kuko bari abarovyi. 19 Hanyuma ababwira ati: “Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu+.” 20 Baca baheba za nsenga+, baramukurikira. 21 Maze yigiye imbere, abona bandi babiri+ bavukana, ari bo Yakobo mwene Zebedayo+ na Yohani mwene wabo, bari kumwe na se Zebedayo mu bwato, bariko basana insenga zabo, hanyuma arabahamagara. 22 Baca basiga ubwato na se, baramukurikira.
23 Maze agendagenda+ i Galilaya+ hose, yigisha mu masinagogi+ yabo yongera yamamaza inkuru nziza y’ubwami, akiza n’indwara+ z’ubwoko bwose be n’ubumuga bw’ubwoko bwose mu bantu. 24 Maze inkuru yiwe ikwira i Siriya+ hose; bamuzanira abamerewe nabi bose+, barembejwe n’indwara be n’imibabaro bitari bimwe, abiziziwe n’amadayimoni* be n’abarwaye intandara+ hamwe n’abamugaye, na we arabakiza. 25 Bica bituma amasinzi menshi amukurikira avuye i Galilaya+ n’i Dekapoli n’i Yeruzalemu+ n’i Yudaya no ku ruhande rwo hakurya ya Yorodani.