2 Timoteyo
4 Ndagutegetse nshimitse imbere y’Imana na Kristu Yezu, umwe abwirizwa kuzocira imanza+ abazima n’abapfuye+, kandi biciye ku kwigaragaza kwiwe+ n’ubwami bwiwe+, 2 wamamaze rya jambo+, uvyihatire mu gihe ciza+, mu gihe kigoye+, ukangire+, ukankamire, uhimirize, mu kwiyumanganya kwose+ n’ubuhanga bwo kwigisha. 3 Kuko hazoshika igihe aho batazokwihanganira ya nyigisho ngirakamaro+, mugabo nk’uko ivyipfuzo vyabo bwite biri, bazokwirundaniriza abigisha kugira ngo amatwi yabo yagazwe+; 4 kandi bazokwica amatwi ngo ntibumve ukuri, bakeberezwe ku nkuru z’ikinyoma+. 5 Ariko weho, uzigame ubwenge bwawe+ muri vyose, wihanganire imibabaro+, ukore igikorwa c’umwamamaji w’injili+, urangure ubusuku bwawe bimwe bishitse+.
6 Kuko ubu ndiko ndasukwa nk’ishikanwa ry’ikinyobwa+, kandi igihe c’ukubohorwa kwanje+ kirashitse. 7 Nararwanye ya ndwano nziza+, narirutse mw’isiganwa kugeza kw’iherezo+, naragumije ukwizera+. 8 Kuva ubu, mbikiwe urugori rw’ubugororotsi+, urwo Umukama, wa mucamanza agororotse+, azompa bwa mpembo+ kuri wa musi+, yamara si jewe jenyene, ahubwo ruzohabwa n’abo bose bakunze ukwigaragaza kwiwe.
9 Kora uko ushoboye kwose uze aho ndi vuba+. 10 Kuko Dema+ yantaye kubera yuko yakunze ivy’iki gihe*+ akaja i Tesalonika; Keresansi yagiye i Galatiya+, Tito i Dalumatiya. 11 Luka wenyene ni we ari kumwe nanje. Hitana Mariko muzanane, kuko ambera kirumara+ ku bw’igikorwa c’ubusuku. 12 Mugabo Tikiko+ namutumye i Efeso. 13 Niwaza, uzane ca gikwemu nasigira Karupo i Tirowa+, na ya mizingo y’ibitabu, canecane iyo mu nsato.
14 Alegizandere+ wa mucuzi w’umuringa yarankoreye ibibi vyinshi—Yehova azobimwishura nk’uko ibikorwa vyiwe biri+— 15 kandi nawe umwiyubare, kuko yarwanije amajambo yacu bimwe bikabije.
16 Mu kwiburanira kwanje kwa mbere nta n’umwe yagiye ku ruhande rwanje, mugabo bose barantaye+—ivyo ntibabiharurweko+— 17 mugabo Umukama yahagaze hafi yanje+ anshiramwo ububasha+, kugira ngo biciye kuri jewe igikorwa c’ukwamamaza kirangurwe bimwe bishitse kandi amahanga yose acumve+; kandi nararokowe mu kanwa k’intambwe+. 18 Umukama azondokora mu gikorwa cose c’ububisha+ yongere ankize ku bw’ubwami bwiwe bwo mw’ijuru+. Ubuninahazwa bube ubwiwe ibihe bitazoshira. Amen.
19 Undamukirize Pirisika+ na Akwila be n’urugo rwa Onesiforo+.
20 Erasito+ yagumye i Korinto+, mugabo nasize Tirofimo+ i Mileto+ arwaye. 21 Ukore uko ushoboye kwose ushike imbere y’urushana.
Ewubulo arakuramutsa, na Pudensi na Lino na Kolodiya na bene wacu bose.
22 Umukama abane n’agatima werekana+. Ubuntu ata wari abukwiriye bwiwe bubane namwe.