Zaburi
Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo.
2 Nzokorana ukwiyubara, ata mahinyu+.
Uzoza aho ndi ryari+?
Nzogendera mu gutungana kw’umutima wanje mu nzu yanje+.
3 Sinzoshira imbere y’amaso yanje ikintu na kimwe kitagira akamaro+.
Emwe, igikorwa c’abata inzira ndacanka+;
Ntikinyumirako+.
5 Uwo wese abeshera mugenziwe mu mpisho+,
Uwo ndamunumya+.
Uwo wese w’amaso yibona kandi w’umutima w’akagaye+,
Uwo sinshobora kumwihanganira+.
6 Amaso yanje ari ku bizigirwa bo kw’isi+,
Kugira ngo babane nanje+.
Uwugenda ata mahinyu+,
Uwo ni we azonkorera+.