Yeremiya
7 Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye kuri Yehova riti: 2 “Hagarara mw’irembo ry’inzu ya Yehova, maze uhatangarize iri jambo+, uvuge uti: ‘Nimwumve ijambo rya Yehova, mwebwe mwese abo muri Yuda, mwebwe mwinjira muri aya marembo kwunamira Yehova. 3 Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Inzira zanyu n’ibikorwa vyanyu mubigire vyiza, nanje nzobareka mugume muba aha hantu+. 4 Ntimwizigire amajambo y’ubwangushi+, mu kuvuga muti: ‘Ni urusengero rwa Yehova, ni urusengero rwa Yehova, ni urusengero rwa Yehova!’ 5 Kuko inzira zanyu n’ibikorwa vyanyu nimwabigira koko vyiza, nimwashitsa koko ubutungane hagati y’umuntu na mugenziwe+, 6 nimutahahaza kavamahanga, impfuvyi* n’umupfakazi+, nimutasesa amaraso y’intungane aha hantu+, kandi nimutakurikira izindi mana ngo mwikwegere ivyago+, 7 nanje nzobareka koko mugume muba aha hantu, mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu, kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero+.”’”
8 “Ehe mwizigira amajambo y’ubwangushi—ivyo nta co vy’ukuri bizogenda bibunguye+. 9 Mbega mwokwiba+, mukica+, mukarenga ibigo+, mukarahira ibinyoma+, mugafumbishiriza umwotsi w’ibimazi Bayali+ kandi mugakurikira izindi mana mutamenye+, 10 hanyuma mukaza mugahagarara imbere yanje muri iyi nzu yitirirwa izina ryanje+, mukavuga muti: ‘Ntituzobura kurokorwa,’ kandi mukora ivyo bintu vyose biteye ishishi? 11 Mbega iyi nzu yitirirwa izina ryanje+ yacitse isenga ry’abambuzi mu maso yanyu+? Erega nanje narabibonye,” ni ko Yehova avuze+.
12 “‘Ariko rero, nimugende ku kibanza canje cari i Shilo+, aho nabanje gutuma izina ryanje riba+, murabe ivyo nahagiriye kubera ububi bw’igisata canje Isirayeli+. 13 Ubu rero, ko mwagumye mukora ivyo bikorwa vyose,’ ni ko Yehova avuze, ‘nanje nkaguma mvugana namwe, mvyuka kare nkavuga+, mugabo ntimwumvirize+, kandi nkaguma ndabahamagara, mugabo ntimwitabe+, 14 inzu yitirirwa izina ryanje+, iyo mwizigira+, be n’ahantu nabahaye mwe na ba sogokuruza banyu, nzobigirira rero nk’uko nagiriye Shilo+. 15 Kandi nzobashibura mumve mu maso+, nk’uko nashibuye bene wanyu bose, uruvyaro rwose rwa Efurayimu+.’
16 “Ariko weho, ntusengere aba bantu, canke ngo ubashirire hejuru akamo k’ukwinginga canke isengesho canke ngo untakambire+, kuko ntazokwumviriza+. 17 Mbega ntubona ivyo bakora mu bisagara vya Yuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu+? 18 Abana batoragura inkwi, ba se bagacana umuriro, abagore na bo bagacumba igicumbe kugira ngo bakorere udutsima tw’ikimazi ‘umwamikazi w’amajuru+’; kandi barasukira izindi mana amashikanwa y’ikinyobwa+ kugira ngo bambabaze+. 19 ‘Ugira ngo ni jewe bababaza?’, ni ko Yehova avuze+. ‘Mbega si bo bibabaza, kugira bagire ibimaramare mu maso+?’ 20 Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ehe ishavu ryanje n’ubushangashirwe bwanje bigira bisukwe aha hantu+, ku muntu no ku gitungwa, no ku giti co mw’ishamba+ no ku vyamwa vy’ubutaka; buzokwaka, kandi ntibuzozima+.’
21 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Nimwongere ayo mashikanwa yanyu aturirwa uko yakabaye ku bimazi vyanyu maze murye inyama+. 22 Kuko ata co navuganye na ba sogokuruza banyu canke ngo ngire ico ndabategetse, ku musi nabakura mu gihugu ca Misiri, ku bijanye n’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye be n’ikimazi+. 23 Mugabo iri jambo nararibategetse koko nti: “Nimugamburuke ijwi ryanje+, maze nzoba Imana yanyu+, namwe mube abantu banje; kandi muze mugendere mu nzira+ yose nzobategeka, kugira ngo bibagendere neza+.”’ 24 Mugabo ntibumvirije, canke ngo batege ugutwi+, ariko bagendeye mu nama zabo, mu kagagazo k’umutima wabo mubi+, ku buryo basubira inyuma, aho kuja imbere+, 25 kuva umusi ba sogokuruza banyu bava mu gihugu ca Misiri gushika n’uyu musi+; nagumye ntuma kuri mwebwe abasavyi banje bose, abahanuzi, nkavyuka kare ku musi ku musi maze nkabatuma+. 26 Mugabo ntibanyumvirije, kandi ntibateze ugutwi+, ariko bagumye bakomantaza izosi+. Bakoze nabi kurusha ba sekuruza babo+!
27 “Uze ubabwire ayo majambo yose+, mugabo ntibazokwumviriza; uze ubahamagare, mugabo ntibazokwitaba+. 28 Uze ubabwire uti: ‘Ng’iri ihanga abantu baryo batagamburutse ijwi rya Yehova Imana yaryo+, kandi ntibemere gutozwa indero+. Ubwizigirwa bwazimanganye, bwaranduwe mu kanwa kabo+.’
29 “Numwe umushatsi wawe utamoye uwute+, kandi uririmbire akaririmbo k’intimba+ ku mirambi igaragara, kuko Yehova ahevye+ iyaruka arakiye+, kandi azorita. 30 ‘Kuko bene Yuda bakoze ibibi mu maso yanje,’ ni ko Yehova avuze. ‘Bashize ibintu vyabo bisesemye mu nzu yitirirwa izina ryanje, kugira bayihumanye+. 31 Bubatse ibibanza bikirurutse* vy’i Tofeti+ hari mu mubande wa mwene Hinomu+, kugira ngo baturirire abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro+, ikintu ntari narabategetse kandi kitigeze kinza mu mutima+.’
32 “‘Ku bw’ivyo, ehe imisi iraje,’ ni ko Yehova avuze, ‘aho bitazokwongera kuvugwa yuko ari Tofeti be n’umubande wa mwene Hinomu, mugabo umubande w’ubwicanyi+; kandi bazohamba koko i Tofeti ntihaboneke ikibanza gihagije+. 33 Imivyimba y’aba bantu izoba koko indya z’ibiremwa biguruka vyo mu kirere n’iz’ibikoko vyo kw’isi, ata n’umwe abijugumiza+. 34 Kandi nzokura mu bisagara vya Yuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni+; kuko igihugu kizocika ikibanza catikijwe gusa+.’”