Yesaya
35 Agahinga be n’akarere kagadutse bizokwigina+, kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’ishurwe ry’izafarani+. 2 Kizoshurika ata kabuza+, kandi kizonezerwa vy’ukuri n’akanyamuneza be n’akamo k’urweze+. Emwe, kizohabwa ubuninahazwa bwa Libani+, ubwiza bwakaka bwa Karumeli+ n’ubwa Sharoni+. Hazoba ababona ubuninahazwa bwa Yehova+, ubwiza bwakaka bw’Imana yacu+.
3 Nimukomeze amaboko ya goyigoyi, mushikamishe amavi anyoganyoga+. 4 Nimubwire abari n’amaganya mu mutima+ muti: “Nimukomere+. Ntimutinye+. Raba! Imana yanyu izozanana ukwihora+, Imana izanane ugusubiriza mu nkoko+. Yo ubwayo izoza, ibakize+.”
5 Ico gihe amaso y’impumyi azohumuka+, kandi amatwi y’ibipfamatwi azozibuka+. 6 Ico gihe uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri*+, kandi ururimi rw’ikiragi ruzokwiha akamo k’urweze+. Kuko mu gahinga amazi azoba yadudubije, n’inzuzi z’isumo mu kiyaya c’ubugaragwa. 7 Ubutaka bwagatuwe n’ubushuhe buzoba bwacitse nk’ikidengeri cuzuyeko amarenga, ubutaka bunyotewe na bwo nk’imbizi z’amazi+. Ahaba imbwebwe+, ahantu ziruhukira, hazoba ivyatsi bitoto hamwe n’amarenga be n’urufunzo+.
8 Kandi ng’aho hazoba inzira y’ikirari+, emwe, inzira; izokwitwa Inzira y’Ubweranda+. Uwuhumanye ntazoyicamwo+. Izoba iy’uwugendera muri nya nzira, kandi nta bipfu bizoyiyereramwo. 9 Nta ntambwe izohaba, kandi nta bikoko vy’ameru bizoyidugamwo+. Nta na kimwe kizohaboneka+; abacunguwe ni bo bazohagendera+. 10 Kandi abacunguwe na Yehova bazogaruka+ baze koko i Siyoni n’akamo k’umunezero+; kandi umunezero wo gushika igihe kitagira urugero uzoba ku mutwe wabo+. Bazoshikira umwigino n’umunezero, kandi intuntu n’ukuniha bizohunga+.