Abacamanza
10 Nuko inyuma ya Abimeleki hahaguruka Tola mwene Puwa, Puwa wa Dodo, umugabo wo muri Isakari, kugira ngo akize+ Isirayeli; yaba i Shamiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu+. 2 Acira imanza Isirayeli imyaka mirongo ibiri n’itatu, hanyuma arapfa maze ahambwa i Shamiri.
3 Inyuma yiwe hahaguruka Yayiri Umugileyadi+, acira imanza Isirayeli imyaka mirongo ibiri n’ibiri. 4 Agira abahungu mirongo itatu bagendera ku ndogobwa zikuze+ mirongo itatu, bakaba bari bafise ibisagara mirongo itatu. Bino bibandanya kwitwa Havoti-yayiri+ gushika n’uyu musi; biri mu gihugu ca Gileyadi. 5 Inyuma y’aho, Yayiri arapfa maze ahambwa i Kamoni.
6 Maze bene Isirayeli bongera gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, batangura gukorera za Bayali+ n’ibishusho vya Ashitoreti+ n’imana za Siriya+ n’imana za Sidoni+ n’imana za Mowabu+ n’imana za bene Amoni+ n’imana z’Abafilisitiya+. Gutyo baheba Yehova, ntibamukorera+. 7 Ishavu rya Yehova rica rirurumbira Isirayeli+, ku buryo abagurisha+ mu kuboko kw’Abafilisitiya+ no mu kuboko kwa bene Amoni+. 8 Ku bw’ivyo barasavya bongera barahahaza bikomeye bene Isirayeli muri uwo mwaka; bamara imyaka cumi n’umunani bagirira kuno bene Isirayeli bose bari ku ruhande rwa Yorodani ruherereye mu gihugu c’Abamori cari i Gileyadi. 9 Bene Amoni barajabuka Yorodani kugira barwanye mbere na Yuda na Benyamini n’inzu ya Efurayimu; Isirayeli igira amarushwa akomeye+. 10 Bene Isirayeli batangura rero gutabaza Yehova+, bati: “Twaragucumuyeko+, kuko twahevye Imana yacu tukaba dukorera za Bayali+.”
11 Maze Yehova abwira bene Isirayeli ati: “Mbega sinabakijije Misiri+ n’Abamori+ na bene Amoni+ n’Abafilisitiya+ 12 n’Abanyasidoni+ na Amaleki+ na Midiyani+, igihe babahahaza+ maze namwe mukandirira, sinabakijije nkabakura mu kuboko kwabo? 13 Mugabo mwebwe mwarampevye+, mutangura gukorera izindi mana+. Ni co gituma ntazokwongera kubakiza+. 14 Genda mutabaze imana+ mwatoye+. Nizibe ari zo zibakiza mu gihe c’amarushwa yanyu.” 15 Mugabo bene Isirayeli babwira Yehova bati: “Twaracumuye+. Nutugirire ico ubona ko ari ciza mu maso yawe+. Gusa, turakwinginze uturokore uyu musi+.” 16 Nuko batangura gukura imana z’inyamahanga hagati yabo+ no gukorera Yehova+, ku buryo ubwiwe+ vyanka ko yihangana kubera ivyago vya Isirayeli+.
17 Mu nyuma bene Amoni+ barakorana, maze bashinga ikambi i Gileyadi+. Nuko bene Isirayeli bakoranira hamwe baraheza bashinga ikambi i Mizipa+. 18 Hanyuma abantu be n’abaganwa ba Gileyadi batangura kubwirana bati: “Ni nde mugabo azoja imbere mu kurwanya bene Amoni+? Nabe umukuru w’ababa i Gileyadi+ bose.”