1 Ngoma
10 Nuko Abafilisitiya+ barwana na Isirayeli; maze abagabo ba Isirayeli barahunga bava imbere y’Abafilisitiya, baguma bagwa bagandaguwe ku musozi Gilibowa+. 2 Abafilisitiya baguma basatira Sauli n’abahungu biwe; Abafilisitiya bica Yonatani+ na Abinadabu+ na Maliki-shuwa+, abahungu ba Sauli+. 3 Urugamba rwo kurwanya Sauli ruba urukomeye; abarasisha umuheto amaherezo baramubona, maze akomeretswa n’abo barashi+. 4 Nuko Sauli abwira uwumutwaza ibirwanisho+ ati: “Sokora inkota yawe+ uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe+ ntibaze, ngo bangirire koko ivy’agashinyaguro+.” Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka+, kuko yatinye cane. Nuko Sauli afata inkota, ayīsukako+. 5 Uwumutwaza ibirwanisho abonye ko Sauli apfuye, na we nyene aca yīsuka ku nkota yiwe, arapfa+. 6 Gutyo Sauli n’abahungu biwe batatu barapfa+, n’abo mu nzu yiwe bose bapfira hamwe. 7 Abagabo ba Isirayeli bose bari mu kiyaya co hasi babonye ko bahunze be n’uko Sauli n’abahungu biwe bapfuye, batangura rero guta ibisagara vyabo, barahunga+; hanyuma Abafilisitiya barashika maze babibamwo.
8 Ku musi ukurikira, Abafilisitiya baje kwambura+ abagandaguwe, bubuka kuri Sauli n’abahungu biwe baguye ku musozi Gilibowa+. 9 Nuko baramwambura baraheza bamukurako umutwe+ n’ibirwanisho vyiwe maze batuma intumwa mu gihugu c’Abafilisitiya hirya no hino kumenyesha+ ayo makuru ibigirwamana vyabo+ be n’abantu. 10 Amaherezo bashira ibirwanisho vyiwe mu nzu y’imana yabo+, agahanga kiwe na ko bakamanika ku nzu ya Dagoni+.
11 Ab’i Yabeshi+ muri Gileyadi bose bumva ivyo Abafilisitiya bari bagiriye Sauli vyose+. 12 Nuko abagabo b’intwari bose barahaguruka, batwara ikiziga ca Sauli n’ibiziga vy’abahungu biwe, babijana i Yabeshi, maze bahamba amagufa yabo munsi y’igiti kinini+ i Yabeshi+; hanyuma bamara imisi indwi bisonzesheje+.
13 Ukwo ni ko Sauli yapfuye bivuye ku buhemu bwiwe yari yarahemukiye+ Yehova, kubera ijambo rya Yehova atari yaragumije no kubera ko yituye uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu+ kugira ngo abaze. 14 Ntiyasiguza Yehova+. Ku bw’ivyo aramwica maze ingoma ayiha Dawidi mwene Yese+.