Gusubira mu vyagezwe
4 “Ubu rero, ewe Isirayeli, umviriza ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane* ndiko ndabigisha ngo muzishitse, kugira ngo mubeho+, kandi koko mwinjire, mwigarurire igihugu Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu agira abahe. 2 Ntimuze mugire ico mwongera kw’ijambo ndabategetse, eka ntimuze mugire n’ico mukura kuri ryo+, kugira ngo mugumye amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu ndabategetse.
3 “Amaso yanyu bwite yariboneye ivyo Yehova yakoze ku bijanye na Bayali y’i Peyori+, yuko umuntu wese yagendeye inyuma ya Bayali y’i Peyori ari we Yehova Imana yawe yazimanganije hagati muri wewe+. 4 Mugabo mwebwe abaguma bumiye+ kuri Yehova Imana yanyu, muri bazima mwese uno musi. 5 Raba, narabigishije ingingo nyobozi+ n’ingingo z’ubutungane+, nk’uko Yehova Imana yanje yantegetse, kugira ngo mukore gutyo hagati mu gihugu muriko murajamwo kugira mucigarurire. 6 Kandi muze muzigumye kandi muzishitse, kuko kuri mwebwe ivyo ari ubukerebutsi+ n’ugutegera+ mu maso y’ibisata vy’abantu bizokwumva ivy’izo ngingo nyobozi zose, kandi ntibazobura kuvuga ngo: ‘Iri hanga rikomeye, mu vy’ukuri ni abantu bakerebutse kandi bafise ugutegera+.’ 7 Kuko, ni ihanga+ rikomeye irihe rifise imana hafi yaryo nk’uko Yehova Imana yacu ari igihe cose tumwambaje+? 8 Kandi ni ihanga rikomeye irihe rifise ingingo nyobozi zigororotse n’ingingo z’ubutungane nk’iri tegeko ryose ndiko nshira imbere yanyu uno musi+?
9 “Ariko wiyubare kandi wirinde rwose+ kugira ntiwibagire ibintu amaso yawe yiboneye+ no kugira ngo ntibive mu mutima wawe imisi yose y’ubuzima bwawe+. Kandi utegerezwa kubimenyesha abana bawe n’abuzukuru bawe+, 10 umusi wahagarara imbere ya Yehova Imana yawe i Horebu+, igihe Yehova yambwira ati: ‘Koraniriza abantu hamwe kuri jewe kugira ndabumvishe amajambo yanje+, kugira bige kuntinya+ imisi yose bazomara ari bazima ku butaka, no kugira bigishe abana babo+.’
11 “Nuko muregera hafi maze muhagarara ku mucamo w’umusozi, kandi umusozi wariko uraka umuriro gushika hagati mw’ijuru; hari umwiza, igicu n’umuzimagiza w’umuzitanya+. 12 Yehova atangura kuvugana namwe hagati mu muriro+. Ugusamīra kw’amajambo ni kwo mwumva, mugabo nta shusho+ mwabona, eka nta kindi atari ijwi+. 13 Hanyuma abamenyesha isezerano ryiwe+, iryo yabategetse gushitsa, ari yo ya Majambo Cumi+, inyuma y’ivyo ayandika ku bisate vy’amabuye bibiri+. 14 Ico gihe nyene Yehova ni jewe yategetse kubigisha ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane, kugira muzishitse, mu gihugu muriko murajabuka mujamwo ngo mucigarurire+.
15 “Kandi muze mwirinde rwose+, kuko ata shusho+ n’imwe mwabonye kuri wa musi Yehova yavugana namwe i Horebu hagati mu muriro, 16 kugira ntimwikwegere guhona+ kandi vy’ukuri ntimwihingurire igishusho c’ikibazano, ishusho y’ikimenyetso ico ari co cose, ishusho y’ikintu c’igitsina-gabo canke c’igitsina-gore+, 17 ishusho y’igikoko ico ari co cose kiri mw’isi+, ishusho y’inyoni y’amababa iyo ari yo yose iguruka mu kirere+, 18 ishusho y’ikintu ico ari co cose kigendagenda ku butaka, ishusho y’ifi+ iyo ari yo yose iri mu mazi munsi y’isi; 19 no kugira ntuhave uraramurira amaso yawe mu majuru ukabona koko izuba n’ukwezi n’inyenyeri, ingabo zose zo mu majuru, maze vy’ukuri ukaryosharyoshwa ukavyunamira, ukabikorera+, ivyo Yehova Imana yawe yagabanganirije ibisata vy’abantu vyose munsi y’amajuru iyo ava akagera+. 20 Mugabo ni mwebwe Yehova yatoye kugira abakure muri rya tanure rishongesha ivyuma+ ari ryo Misiri, kugira mumubere igisata ciharijwe+, nk’uko biri uyu musi.
21 “Kandi Yehova yarandurumbiye ishavu kubera mwebwe+, bituma arahira yuko ntogiye njabutse Yorodani canke ngo ninjire muri ca gihugu ciza Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa+. 22 Kuko jewe ngiye gupfira muri iki gihugu+. Sinzojabuka Yorodani, mugabo mwebwe muzojabuka, mwigarurire ico gihugu ciza. 23 Mwiyubare kugira ntimwibagire isezerano rya Yehova Imana yanyu yagiranye namwe+, no kugira ntimwihingurire igishusho c’ikibazano, ishusho y’ikintu ico ari co cose Yehova Imana yawe yaguhayeko itegeko+. 24 Kuko Yehova Imana yawe ari umuriro uyigiza+, Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+.
25 “Niwavyara abana ukagira n’abuzukuru kandi mukaba mumaze igihe kirekire muba muri ico gihugu, maze mukikwegera guhona+, mugahingura igishusho c’ikibazano+, ishusho y’ikintu ico ari co cose, mugakora ibibi mu maso ya Yehova Imana yawe+ kugira mumubabaze, 26 ntanze amajuru n’isi kw’ivyabona uno musi vyo kubagiriza+, yuko mutazobura kuyogera ningoga mugahona muri ico gihugu mugiye kujabuka Yorodani ngo mucigarurire. Ntimuzorambira* kuri co, kuko mutazobura kuzimanganywa+. 27 Kandi Yehova ata gukeka azobasanzaza mu bisata vy’abantu+, kandi koko muzosigara muri inkehwa+ mu mahanga Yehova azobirukaniramwo. 28 Maze hiyo muzobwirizwa gukorera imana+ zakozwe n’amaboko y’umuntu, z’ibiti n’amabuye+, izidashobora kubona canke kwumva canke kurya canke kumoterwa+.
29 “Nimwarondera koko Yehova Imana yawe muri hiyo, ntuzobura rero kumuronka+, kuko uzobaza ivyiwe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+. 30 Igihe uzoba ugeze habi kandi aya majambo yose akaba yagushitseko ku mpera y’imisi, uzobwirizwa rero kugaruka kuri Yehova Imana yawe+ no kwumviriza ijwi ryiwe+. 31 Kuko Yehova Imana yawe ari Imana y’inyembabazi+. Ntazoguta canke ngo aguhonye canke ngo yibagire isezerano+ rya ba sogokuruza bawe, iryo yabarahiye.
32 “Ubu rero, ndakwinginze, nubaze ivyerekeye imisi ya kera+ y’imbere yawe, kuva umusi Imana yarema umuntu kw’isi+, no kuva ku mpera imwe y’amajuru gushika ku yindi: Hari ikintu na kimwe gikomeye cabaye kimeze nk’ico, canke ikintu cumvikanye kimeze nka co+? 33 Hari ikindi gisata cumvise ijwi ry’Imana rivugira hagati mu muriro, nk’uko ubwawe waryumvise, kikabandanya kubaho+? 34 Canke hari aho Imana yagerageje kuza gutora ihanga ngo iryizaneko irikuye hagati y’irindi hanga biciye ku bihinyuza+, ku bimenyetso+ no ku bitangaro+ no ku ntambara+ no ku kiganza gikomeye+ no ku kuboko kuramvuye+ no ku bubasha bukomeye kandi buteye ubwoba+, nka bimwe vyose Yehova Imana yanyu yabakorera mu Misiri mu maso yawe? 35 Wewe ubwawe wareretswe, kugira umenye ko Yehova ari we Mana y’ukuri+; nta wundi ariho kiretse we+. 36 Yarakwumvishije ijwi ryiwe ari mu majuru kugira agukosore; kw’isi na ho yarakweretse umuriro wiwe ukomeye, kandi warumvise amajambo yiwe ava hagati mu muriro+.
37 “Yamara uracariho, kuko yakunze ba sogokuruza bawe ku buryo yatoranije uruvyaro rwabo mu nyuma zabo+, akakuzana agukuye mu Misiri ijisho ryiwe riri kuri wewe, biciye ku bubasha bwiwe bukomeye+, 38 kugira yirukane amahanga ahambaye kandi akomeye kukuruta akava imbere yawe, kugira akwinjize, aguhe igihugu cabo bwa ntoranwa nk’uko biri uyu musi+. 39 Kandi urazi neza uno musi, kandi wibuke mu mutima wawe yuko Yehova ari we Mana y’ukuri mu majuru hejuru no kw’isi hasi+. Nta yindi iriho+. 40 Kandi utegerezwa kugumya ingingo nyobozi ziwe+ n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse uno musi, kugira bikugendere neza wewe+ n’abahungu bawe bo mu nyuma zawe, no kugira ngo urambire ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+, nantaryo.”
41 Ico gihe Musa atangura gushira ku ruhande ibisagara bitatu, ku ruhande rwa Yorodani amaja iyo izuba rirasira+, 42 kugira uwishe mugenziwe atabizi ahungireyo+, mu gihe atari asanzwe amwanka+; kandi aze ahungire muri kimwe muri ivyo bisagara, abone kubaho+. 43 Na vyo ni ibi: Bezeri+ mu gahinga ku matāba, ku bw’Abarubeni; na Ramoti+ i Gileyadi ku bw’Abagadi; na Golani+ i Bashani ku bw’Abamanase+.
44 Iri rero ni ryo tegeko+ Musa yashize imbere ya bene Isirayeli. 45 Ibi ni vyo bishingantahe+ n’ingingo nyobozi+ be n’ingingo z’ubutungane+ Musa yabwiye bene Isirayeli igihe bava mu Misiri, 46 mu karere ka Yorodani mu mubande imbere ya Beti-peyori+, mu gihugu ca Sihoni umwami w’Abamori, uwaba i Heshiboni+, uwo Musa na bene Isirayeli batsinze igihe bava mu Misiri+. 47 Hanyuma bigarurira igihugu ciwe n’igihugu ca Ogi+ umwami wa Bashani, ba bami babiri batwara Abamori bari mu karere ka Yorodani amaja iyo izuba rirasira, 48 kuva i Aroweri+, iyiri ku nkombe y’umwonga wa Arunoni, gushika ku musozi Siyone, ni ukuvuga Herumoni+, 49 na Araba+ yose mu karere ka Yorodani amaja mu buseruko, no gushika ku kiyaga co muri Araba+ ku mucamo w’imimanuko ya Pisiga+.