Matayo
1 Igitabu c’amamuko+ ya Yezu Kristu, mwene Dawidi+, mwene Aburahamu+:
Izahaki avyara Yakobo+;
Yakobo avyara Yuda+ na bene wabo;
3 Yuda avyara Perezi+ na Zera kuri Tamari;
Perezi avyara Hezironi+;
Hezironi avyara Ramu+;
4 Ramu avyara Aminadabu;
Aminadabu avyara Nahashoni+;
Nahashoni avyara Salumoni+;
5 Salumoni avyara Bowazi kuri Rahabu+;
Bowazi avyara Obedi kuri Rusi+;
Obedi avyara Yese+;
6 Yese avyara Dawidi+ umwami+.
Dawidi avyara Salomo+ ku mugore wa Uriya;
Rehobowamu avyara Abiya;
Yehoshafati avyara Yehoramu+;
Yehoramu avyara Uziya;
9 Uziya avyara Yotamu;
Ahazi avyara Hezekiya+;
Amoni+ avyara Yosiya;
11 Yosiya+ avyara Yekoniya+ na bene wabo mu gihe c’ukwambukanwa i Babiloni+.
12 Inyuma y’ukwambukanwa i Babiloni, Yekoniya yavyaye Sheyalutiyeli+;
Sheyalutiyeli avyara Zerubabeli+;
13 Zerubabeli avyara Abihudi;
Abihudi avyara Eliyakimu;
Eliyakimu avyara Azori;
14 Azori avyara Zadoki;
Zadoki avyara Akimu;
Akimu avyara Elihudi;
15 Elihudi avyara Eleyazari;
Eleyazari avyara Matani;
Matani avyara Yakobo;
16 Yakobo avyara Yozefu umugabo wa Mariya umwe yavyara Yezu+, uwitwa Kristu+.
17 Amayaruka yose rero, kuva kuri Aburahamu gushika kuri Dawidi yari cumi n’ane, hanyuma kuva kuri Dawidi gushika ku kwambukanwa i Babiloni haba amayaruka cumi n’ane, maze kuva ku kwambukanwa i Babiloni gushika kuri Kristu haba amayaruka cumi n’ane.
18 Mugabo ivuka rya Yezu Kristu ryagenze gutya: Mu gihe nyina wiwe Mariya yari asabwe+ na Yozefu, basanze yibungenze bivuye ku mpwemu nyeranda+, imbere y’uko babirana. 19 Ariko Yozefu umugabo wiwe, kubera ko yari umugororotsi akaba atashaka kumugira akabarore+, yaciye yiyumvira kwahukana+ na we mu mpisho. 20 Mugabo amaze kuzirikana ivyo bintu, umumarayika wa Yehova amubonekera mu ndoto, avuga ati: “Yozefu, mwana wa Dawidi, ntutinye gutwara Mariya umugore wawe i muhira, kuko icasamwe mu nda yiwe caje bivuye ku mpwemu nyeranda+. 21 Azovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yezu+, kuko azokiza+ abantu biwe+ ibicumuro vyabo+.” 22 Mu vy’ukuri, ivyo vyose vyabaye kugira haranguke ivyavuzwe na Yehova+ biciye ku muhanuzi wiwe+, ati: 23 “Raba! Umwigeme w’isugi+ azokwibungenga hanyuma avyare umuhungu, kandi bazomwita Emanweli+,” bikaba bisobanura ngo: “Imana iri kumwe natwe+.”
24 Maze Yozefu arikangura mw’itiro ryiwe, akora nk’uko umumarayika wa Yehova yari yamutegetse, atwara umugore wiwe i muhira. 25 Mugabo ntiyaryamanye+ na we gushika avyaye umwana w’umuhungu+; araheza amwita Yezu+.