Matayo
14 Ico gihe nyene, Herodi umutware w’intara, yumva inkuru yerekeye Yezu+, 2 aca abwira abasavyi biwe ati: “Uwo ni Yohani Umubatizi. Yarazuwe mu bapfuye, kandi ni co gituma akora ibikorwa vy’ububasha+.” 3 Kuko Herodi yari yafashe Yohani aramuboha, amuta mw’ibohero kubera Herodiya muka Filipo mwene wabo+. 4 Kuko Yohani yari yahoze amubwira ati: “Ntivyemewe ko umutwara+.” 5 Ariko naho yashaka kumwica, yaratinya isinzi, kubera ko bamufata nk’umuhanuzi+. 6 Mugabo igihe hariko harahimbazwa umusi w’ivuka rya Herodi+, umukobwa wa Herodiya yaratamvye arashimisha cane Herodi 7 ku buryo asezerana ashizeko n’indahiro ko amuha ico asaba cose+. 8 Maze nya mukobwa, yohejwe na nyina, avuga ati: “Numpe ng’aha kw’isiniya umutwe wa Yohani Umubatizi+.” 9 Naho umwami vyamuteye intuntu nyinshi, ku bwo kwubahiriza indahiro yari yarahiye no ku bw’abari bicaranye na we, ategeka ko bawumuha+; 10 maze arungika abantu ngo bace umutwe Yohani mw’ibohero. 11 Nuko umutwe wiwe uzanwa kw’isiniya, uhabwa nya mwigeme, na we awuzanira nyina+. 12 Amaherezo abigishwa biwe baraza bakuraho ikiziga ciwe baramuhamba+, hanyuma baraza babibwira Yezu. 13 Yezu avyumvise afata ubwato avayo aja mu gahinga ngo abe ukwa wenyene+; mugabo amasinzi aravyumva, aca amukurikira n’amaguru kuva mu bisagara.
14 Buno yururutse ubwato, abona isinzi rinini; bamutera ikigongwe+, na we akiza abarwayi babo+. 15 Mugabo bugorovye abigishwa biwe baza kuri we, bavuga bati: “Aha hantu ni mu gahinga kandi amasaha aramaze kwiterera; nurungike ayo masinzi, bagende mu bigwati bigurire ivyo kurya+.” 16 Ariko Yezu ababwira ati: “Ntibirirwa baragenda: Be ari mwebwe mubaha ico barya+.” 17 Bamubwira bati: “Aha nta kindi dufise atari imikate itanu n’ifi zibiri+.” 18 Avuga ati: “Binzanire ng’aha.” 19 Maze ategeka nya masinzi kugandagaza ku vyatsi, hanyuma afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, arabihezagira+, hanyuma amaze kumanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa, abigishwa na bo bayigaburira nya masinzi+. 20 Bose bararya barahaga, begeranya utumanyu twasigaye, haboneka ibisimbo cumi na bibiri vyuzuye+. 21 Yamara abariye bari abagabo nk’ibihumbi bitanu, hatarimwo abagore n’abana batoyi+. 22 Maze bidatevye, agobera abigishwa biwe kwurira ubwato ngo bamwitangire imbere baje ku yindi nkengera, igihe arungika nya masinzi+.
23 Mu nyuma, amaze kurungika ayo masinzi, aduga ku musozi ari wenyene gusenga+. Naho bwari bwije, yari wenyene ng’aho. 24 Ico gihe bwa bwato bwari bumaze kugenda imetero amajana uvuye i musozi, bukagenda bukubagurwa n’imipfunda+, kubera ko umuyaga waza ubaturutse imbere. 25 Mugabo mu gihe c’iterama rigira kane ry’ijoro, aza aho bari agendera ku kiyaga+. 26 Abigishwa ngo bamubone agendera ku kiyaga, bahagarika umutima, bavuga bati: “Ni igihume+!” N’ubwoba n’akantu bayiha umunwa. 27 Mugabo Yezu aca arabavugisha ati: “Nimureme, ni jewe+; ntimutinye.” 28 Petero amwishura ati: “Mukama, nimba ari wewe, ntegeka nze aho uri ngendera ku mazi.” 29 Na we ati: “Ingo!” Petero aca yururuka ubwato+, agendera ku mazi, agana Yezu. 30 Mugabo aravye ikirura c’umuyaga agira ubwoba, hanyuma atanguye kunyika, akoma induru ati: “Mukama, ntabara!” 31 Buno nyene Yezu aramvura ukuboko aramufata, amubwira ati: “Wa muntu w’ukwizera guke we, kubera iki waretse ugatwarwa n’ugukekeranya+?” 32 Bamaze kwurira mu bwato, ca kirura c’umuyaga kiraturura. 33 Maze abari mu bwato bikubita imbere yiwe, bavuga bati: “Uri Umwana w’Imana vy’ukuri+.” 34 Hanyuma barajabuka baja i musozi i Genesareti+.
35 Abagabo baho bamumenye, barungika ubutumwa muri iyo ntara yose ihakikuje, maze abantu bamuzanira abari barwaye bose+. 36 Baramwinginga ngo bapfe gusa gukora ku buyonga bw’impuzu yiwe yo hejuru+; kandi ababukorako bose barakira neza.