Abagalatiya
4 Ico mvuga rero, ni uko igihe samuragwa aba akiri uruyoya ata ho aba atandukaniye n’umushumba+, naho nyene aba ari we agaba ibintu vyose, 2 ahubwo aba agabwa n’abamujejwe+ be n’ababwiriza, kugeza ku musi se yashinze imbere y’igihe. 3 Na twebwe nyene, igihe twari inzoya, twaguma tujakariye ibintu vy’intango+ vy’isi. 4 Ariko aho iherezo ry’igihe gikwiye rimariye gushika+, Imana yaratumye Umwana wayo+, uwahavuye avyarwa n’umugore+ kandi akagabwa n’itegeko+, 5 kugira abohore+ abagabwa n’itegeko+ mu kubacungura, ngo natwe Imana ibone kutugira abana bayo+.
6 Ko muri abana bayo rero, Imana yararungitse impwemu+ y’Umwana wayo mu mitima yacu, iyo mpwemu ikaba isemerera iti: “Abba, Data+!” 7 Nuko rero ntukiri umushumba ahubwo uri umwana; kandi nimba uri umwana, uri na samuragwa bivuye ku Mana+.
8 Yamara rero, igihe mutari muzi Imana+, mwari mushumbiye ibisanzwe atari imana+. 9 Mugabo ubu ko mwamenye Imana, canke nako, ubu ko mwamenywe n’Imana+, mwongera gute gusubira ku bintu vy’intango vya goyigoyi+ kandi biteye akagongwe+, mugashaka kwongera kubishumbira+? 10 Murubahiriza cane imisi+ n’amezi+ n’ibiringo n’imyaka. 11 Munteye ubwoba, yuko noba nacumukuriye ubusa+ ku biberekeye.
12 Bene wacu, ndabinginze: nimumere nkanje+, kuko na jewe nahora meze nkamwe+. Nta kibi mwankoreye+. 13 Mugabo murazi yuko nabamenyesheje inkuru nziza ari bwo bwa mbere biciye ku ndwara y’umubiri wanje+. 14 Kandi icari ikigeragezo kuri mwebwe mu mubiri wanje, ntimwagikengereye canke ngo mugicirire inyeri; ahubwo mwanyakiriye nk’umumarayika+ w’Imana, nka Kristu Yezu+. 15 None bwa buhirwe mwari mufise buri hehe+? Kuko ndabashingira intahe yuko, iyaba vyari gushoboka, mwari kwinogora amaso yanyu mukayampa+. 16 Mbega none ncitse umwansi+ wanyu kubera yuko ndababwira ukuri+? 17 Barabaronderana umwete+, atari mu buryo bwiza, mugabo bashaka kubanyonkorako, kugira ngo mubaronderane umwete+. 18 Mugabo ni vyiza ko muronderanwa umwete ku bw’imvo nziza+ ibihe vyose, atari igihe gusa ndi kumwe namwe+, 19 bana banje bato+, mwebwe abongeye kuntera ububabare bw’ukwibaruka gushika Kristu yubatswe muri mwebwe+. 20 Ariko ese icari kumpa nkaba ndi kumwe namwe ubu nyene+, nkavuga mu bundi buryo, kuko ivyanyu binzazaniye+.
21 Nimumbwire ntuze, mwebwe abashaka kugabwa n’itegeko+: Mbega ntimwumva ico Itegeko rivuga+? 22 Nk’akarorero, vyanditswe yuko Aburahamu yaronse abahungu babiri, umwe ku musukukazi+, uwundi na we ku mugore yidegemvya+; 23 mugabo uwo ku musukukazi mu vy’ukuri yavutse mu buryo bw’umubiri+, uwo wundi wo ku mugore yidegemvya na we amuronka biciye ku muhango+. 24 Ivyo bintu ni inkuru iri n’ico igereranya+; kuko abo bagore bagereranya amasezerano abiri+: rimwe ni iryo ku musozi Sinayi+, ari ryo rivyara abana b’ubushumba, rikaba ari Hagari. 25 Uyo Hagari rero agereranya Sinayi+, umusozi wo muri Arabiya, akaba ahwanye na Yeruzalemu y’ubu, kuko iri mu bushumba+ hamwe n’abana bayo. 26 Ariko Yeruzalemu+ yo hejuru iridegemvya, kandi ni yo mama+.
27 Kuko vyanditswe ngo: “Nezerwa wa mugore w’ingumba utavyara; turikisha usemerere, wa mugore utagira ububabare bw’ukwibaruka; kuko abana b’umugore w’intabwa ari benshi kuruta ab’umugore afise umugabo+.” 28 Twebwe rero ga bene wacu, turi abana b’umuhango nka kumwe kwa Izahaki+. 29 Mugabo nk’uko ico gihe uwavutse mu buryo bw’umubiri yatanguye guhama+ uwavutse mu buryo bw’impwemu, n’ubu ni ukwo+. 30 Yamara none, Icanditswe kivuga iki? Kigira giti: “Irukana umusukukazi n’umuhungu wiwe, kuko umuhungu w’umusukukazi atazogenda abaye samuragwa kumwe n’umwana w’umugore yidegemvya+.” 31 Ku bw’ivyo ga bene wacu, turi abana, atari ab’umusukukazi+, ahubwo ba wa mugore yidegemvya+.