Abanyefeso
4 Jewe rero imbohe+ mu Mukama, ndabinginga ngo mugende nk’uko bibereye+ ihamagarwa mwahamagawe+, 2 muri n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi+ be n’ubwitonzi bikwiye, hamwe n’ukwiyumanganya+, mwihanganirana mu rukundo+, 3 mwihatira n’ubwira kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe+. 4 Hari umubiri umwe+, n’impwemu imwe+, nk’uko nyene mwahamagawe muri ca cizigiro kimwe+ mwahamagariwe; 5 hari Umukama umwe+, ukwizera kumwe+, ibatisimu imwe+; 6 hari Imana imwe+ ikaba na Se wa bose, iri hejuru ya bose, ikora biciye kuri bose kandi igakorera muri bose.
7 Kandi umwe wese muri twebwe yarahawe ubuntu ata wari abukwiriye+ nk’uko Kristu yageze ya ngabirano ya gusa+. 8 Ni co gituma ivuga iti: “Igihe yaduga iyo hejuru, yajanye imbohe; yatanze ingabirano z’abagabo+.” 9 None iryo jambo ngo: “igihe yaduga+,” risobanura iki atari uko kandi yamanutse mu turere two hasi, ni ukuvuga isi+? 10 Uwo nyene yamanutse ni we kandi yaduze+ kure hejuru y’amajuru yose+, kugira ashobore guha ukunengesera+ ibintu vyose.
11 Kandi hari abo yatanze ngo babe intumwa+, abo yatanze ngo babe abahanuzi+, abo yatanze ngo babe abamamaji b’injili+, abo yatanze ngo babe abungere n’abigisha+, 12 ku bw’ukubogorwa kw’aberanda+, ku bw’igikorwa c’ubusuku, ku bw’ukwubakwa kw’umubiri wa Kristu+, 13 kugeza twese dushikiriye ubumwe mu kwizera no mu bumenyi butagira amakosa bw’Umwana w’Imana, tugashikira urugero rw’umugabo akuze+, urugero rw’igihagararo rw’ukunengesera kwa Kristu+; 14 kugira ngo ntidusubire kuba inzoya, nk’abazungazungishwa+ n’ibisebuzi tujanwa irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho+ biciye ku mayeri+ y’abantu, biciye ku rwenge mu kurementanya uruhendo. 15 Mugabo mu kuvuga ukuri+, dukure mu bintu vyose twisunze urukundo+, dukurira muri umwe ari umutwe+, ni ukuvuga Kristu. 16 Bivuye kuri we umubiri wose+, mu kuba ufatanirijwe hamwe ukanywana kandi ugakorera hamwe biciye kw’ifatanirizo ryose ritanga ibikenewe, nk’uko igihimba kimwe cose gikora mu rugero rubereye, urafasha kugira habe ugukura kw’umubiri kugira ngo wiyubake mu rukundo+.
17 Iki rero ni co mvuga kandi nkagishingira intahe mu Mukama, yuko mutobandanya kugenda nk’uko abo mu mahanga+ bagendera mu bupfu bw’imizirikanyi yabo+, 18 mu gihe bari mu mwiza mu bwenge bwabo+, bigijwe kure+ y’ubuzima buva ku Mana, kubera ukutamenya+ kuri muri bo, kubera ugukomantara+ kw’imitima yabo. 19 Kubera yuko babaye ibiti+, bihereje ubushirasoni*+ kugira ngo bakore n’umunoho n’akantu ubuhumane+ bw’ubwoko bwose+.
20 Mugabo mwebwe ukwo si ko mwize Kristu+. 21 Kazima vy’ukuri mwamwumvise kandi mukigishwa biciye kuri we+, nk’uko ukuri+ kuri muri Yezu, 22 yuko mukwiye kwambura wa muntu wa kera+ ahura n’ingeso zanyu za kera akononekara+ yisunze ivyipfuzo vyiwe bihendana+; 23 ahubwo yuko mukwiye guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu+, 24 mukambara+ wa muntu mushasha+ yaremwe+ hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi+ bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri.
25 Ku bw’ivyo, ubu ko mwiyambuye ibinyoma+, umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe+, kuko turi ibihimba vya bagenzi bacu+. 26 Murake, yamara ntimucumure+; izuba ntirirenge mugishavuye+, 27 kandi ntimuhe ikibanza Shetani*+. 28 Uwiba ntiyongere kwiba+, ahubwo nakore cane, akoreshe amaboko yiwe igikorwa ciza+, kugira aronke ico aha uwuri mu mukeno+. 29 Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu+, ahubwo havemwo ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva+. 30 Vyongeye, ntimutuntuze impwemu nyeranda y’Imana+, iyo mwadomeshejwe ikidodo+ ku bw’umusi w’ukubohorwa biciye ku ncungu+.
31 Umururazi ubabaza wose+, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana+, bikurwe muri mwebwe, hamwe n’ububi bwose+. 32 Mugabo mube abanyabuntu+ kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe+, mubabariranira ata gahigihigi nk’uko Imana na yo yabababariye ata gahigihigi biciye kuri Kristu+.