Ni izaburi ya Dawidi.
103 Mutima wanje, hezagira Yehova+,
Nawe ikiri muri jewe cose, hezagira izina ryiwe ryeranda+.
2 Mutima wanje, hezagira Yehova,
Kandi ntiwibagire ibikorwa vyiwe vyose+,
3 We ababarira ikosa ryawe ryose+,
Agakiza indwara zawe zose+,
4 Agahabuza ubuzima bwawe abukuye mu cobo+,
Akakwambika urugori rw’ubuntu bwuzuye urukundo be n’imbabazi+,
5 Agahaza ubuzima bwawe ivyiza+;
Ubuto bwawe buguma bwiyubura nk’ubw’inkona+.
6 Yehova ashitsa ibikorwa vy’ubugororotsi+
N’ingingo z’ubutungane ku bw’abo bose bagungwa+.
7 Yamenyesheje inzira ziwe Musa+,
Ivyo akora abimenyesha mbere bene Isirayeli+.
8 Yehova ni umunyembabazi n’umunyempuhwe+,
Ateba gushavura, kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+.
9 Ntazoguma atora amahinyu ibihe vyose+,
Eka ntazogumana inzika gushika igihe kitagira urugero+.
10 Ntiyadukoreye ibihwanye n’ibicumuro vyacu+;
Eka ntiyatuzanyeko ivyo dukwiriye yisunze amakosa yacu+.
11 Kuko, nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi+,
Ni ko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari agahebuza ku bamutinya+.
12 Nk’uko uburasirazuba buri kure y’uburengerazuba+,
Ni ko yashize kure yacu ibigabitanyo vyacu+.
13 Nk’uko se w’abana agirira imbabazi abana biwe+,
Ni ko Yehova yagiriye imbabazi abamutinya+.
14 Kuko ubwiwe azi neza ingene tubumbwe+,
Akibuka ko turi umukungugu+.
15 Nayo umuntu buntu, imisi yiwe ni nk’iy’ivyatsi bitoto+;
Ashurika nka kurya kw’ishurwe ryo mw’ishamba+.
16 Kuko umuyaga uricako ntirisubire kubaho+;
Aharyo ntihazosubira kurimenya+.
17 Mugabo ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova ni ubwo kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero+
Ku bamutinya+,
Ubugororotsi bwiwe na bwo bugashika ku bana b’abana babo+,
18 Ku bagumya isezerano ryiwe+
No ku bibuka amateka yiwe kugira bayashitse+.
19 Yehova ubwiwe yashimangiye intebe yiwe y’ubwami mu majuru+;
Kandi ingoma yiwe yaganje vyose+.
20 Hezagire Yehova, yemwe bamarayika+ biwe, mukomeye mu bubasha, mushitsa ijambo ryiwe+,
Mu kwumviriza ijwi ry’ijambo ryiwe+.
21 Hezagire Yehova, yemwe ngabo ziwe mwese+,
Yemwe basuku biwe, mukora ukugomba kwiwe+.
22 Hezagire Yehova, yemwe bikorwa vyiwe mwese+,
Ahantu hose aganza+.
Mutima wanje, hezagira Yehova+!