Ezekiyeli
22 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 2 “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, mbega uracira urubanza+, uracira urubanza ca gisagara cagirwa n’amaraso+ kandi ukimenyeshe koko ibintu biteye ishishi vyaco vyose+? 3 Uvuge uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ewe wa gisagara gisesa amaraso+ hagati muri co gushika igihe caco gishitse+, kandi kikaba cakoze muri co ibigirwamana vy’umwanda kugira ngo gihumane+, 4 biciye ku maraso washeshe waragiriwe n’ikosa+, kandi biciye ku bigirwamana vyawe vy’umwanda wakoze, warahumanye+. Wigiza hafi imisi yawe, kandi uzoshika ku myaka yawe. Ni co gituma nzokugira iceyi ku mahanga be n’akamenyo ku bihugu vyose+. 5 Ibihugu biri hafi yawe n’ibiri kure yawe bizogutwengera mw’ijigo, yewe ufise izina rihumanye ukagwiza n’umuvurungano+! 6 Raba! Muri wewe habonetse abakuru+ ba Isirayeli, umwe wese akaba yihaye ukuboko kwiwe mu ntumbero yo gusesa amaraso+. 7 Muri wewe bakengereye ba se na ba nyina+. Hagati muri wewe bagiriye kavamahanga ivy’ubugunge+. Muri wewe bafashe nabi impfuvyi* n’umupfakazi+.”’”
8 “‘Wasuzuguye ibibanza vyanje vyeranda, uhumanya amasabato yanje+. 9 Muri wewe habonetse ababesheranyi katwa kugira ngo basese amaraso+; kandi muri wewe barīriye ku misozi+. Bashishikaye ubushirasoni hagati muri wewe+. 10 Muri wewe bapfukuye ubwambure bwa se w’umuntu+; muri wewe batetereje umugore yahumanijwe n’ubutinyanka bwiwe+. 11 Umuntu yakoranye n’umugore wa mugenziwe ikintu giteye ishishi+, kandi umuntu yahumanishije ubushirasoni umukazana wiwe+; kandi muri wewe umuntu yatetereje mushikiwe, umukobwa wa se wiwe+. 12 Muri wewe bakiriye igiturire kugira ngo basese amaraso+. Wakiriye inyungu+, uguranira kwunguka+, kandi mu bukazi uguma wungukira+ kuri bagenzawe ukoresheje ubugunge+, nanje ukaba waranyibagiye+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
13 “‘Kandi ehe nkubise ikiganza+ ku kindi kubera inyungu wungutse y’akarenganyo+, no kubera ibikorwa vyawe vy’ugusesa amaraso vyabonetse hagati muri wewe+. 14 Mbega umutima wawe uzoguma wihanganye+? Canke amaboko yawe azokuronsa inkomezi mu misi nzogira ico nkoze kuri wewe+? Jewe Yehova navuze, kandi nzogira ico nkoze+. 15 Nzogusanzaza mu mahanga, ngushwiragize mu bihugu+, kandi nzokuraho ubuhumane bwawe muri wewe+. 16 Ntuzobura guhumanirizwa imbere y’amaso y’amahanga, kandi uzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’”
17 Ijambo rya Yehova ribandanya kunzako, riti: 18 “Mwana w’umuntu, kuri jewe ab’inzu ya Isirayeli bacitse nk’inkamba+. Bose ni umujumpu n’ubutare bw’ibati n’icuma n’ubutare bw’isǎsu hagati mw’itanure. Bacitse inkamba nyinshi, iz’ifeza+.
19 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ko mwese mwacitse nk’inkamba nyinshi+, ngira rero ndabegeranirize hamwe hagati muri Yeruzalemu+. 20 Nk’uko begeraniriza ifeza n’umujumpu n’icuma+ n’ubutare bw’isǎsu n’ubutare bw’ibati hagati mw’itanure, kugira ngo bihuhirweko+ umuriro ngo biyazwe+, ni ko nzobegeraniriza hamwe, mw’ishavu ryanje no mu bushangashirwe bwanje, kandi nzohuha ndabayaze. 21 Nzobakoranya, ndabahuhireko umuriro w’uburake bwanje+, muyagirizwe vy’ukuri hagati muri ico gisagara+. 22 Nk’uko ifeza iyagirizwa hagati mw’itanure, ni ko muzoyagirizwa hagati muri co; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova nabasutseko ubushangashirwe bwanje+.’”
23 Ijambo rya Yehova ribandanya kunzako, riti: 24 “Mwana w’umuntu, kibwire uti: ‘Uri igihugu kidahumanuwe, kitaguweko n’imvura ku musi w’imisibo+. 25 Hagati muri co hari umugambi mubi w’abahanuzi baco+, nk’intambwe iroha, itabagura ico icakiye+. Bararotsa umuntu vy’ukuri+. Baguma batwara itunga n’ibintu vy’agaciro+. Bagwije abapfakazi baco hagati muri co+. 26 Abaherezi baco bagiriye ivy’ubukazi itegeko ryanje+, kandi baguma bahumanya ibibanza vyanje vyeranda+. Ntibashize itandukaniro+ hagati y’ikintu ceranda n’igisanzwe+, kandi nta tandukaniro bamenyesheje hagati y’igihumanye n’ikidahumanye+, kandi bahishije amaso yabo amasabato yanje+, ndahumanywa hagati muri bo+. 27 Abaganwa baco hagati muri co bameze nk’amabingira atabagura ico acakiye, mu gusesa amaraso+, mu guhonya abantu ngo baronke inyungu y’akarenganyo+. 28 Abahanuzi baco babahomeye ivyo bintu bakoresheje ishwagara+, berekwa ikintu kitabaho+, babaragurira ikinyoma+, ngo: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze,” kandi Yehova ubwiwe atavuze. 29 Abanyagihugu bashishikaye umugambi w’ubugunge+, bashikura ibintu mu bwambuzi+, bafata nabi umurushwa n’umworo+, bagunga kavamahanga ata butungane+.’
30 “‘Nagumye ndondera muri bo uwusanasana uruhome rw’amabuye+, agahagarara mu gihengeri+ imbere yanje ku neza y’igihugu, kugira ngo sindagihonye+; ariko narabuze n’umwe. 31 Nzobasukako rero imisibo yanje+. Nzobatikiza n’umuriro w’uburake bwanje+. Inzira yabo nzoyibasubiza ku mutwe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”