Mika
2 “Baragowe abaja umugambi wo kugira nabi be n’abategura ibibi bari ku bitanda vyabo+! Bupfa guca bakabikora+, kuko babishoboye+. 2 Baripfuje imirima barayigarurira+; baripfuje n’amazu, barayatwara; bagunze umuntu w’umugabo n’urugo rwiwe+, bagunga umuntu n’intoranwa yiwe+.
3 “Ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ndiko niyumvira ivyago+ vyo guteza uwu muryango+, ivyo mutazokwikura ku mazosi+, ku buryo mutazogendana ubwibone+; kuko ari igihe c’ivyago+. 4 Kuri uwo musi bazobacako umugani+ kandi bazobacurira intimba, egome, intimba+. Ntibazobura kuvuga bati: “Ni ukuri turanyazwe+! Umugabane w’abantu banje awuhaye abandi+. Ewe kuntu awunyatse! Amatongo yacu ayagabanganirije igihemu.” 5 Ni co gituma utazoronka mw’ishengero rya Yehova uwuzotera umugozi hakurikijwe ubupfindo+. 6 Ntihagire amajambo muvuga+. Bavuga amajambo, ariko ntibazovuga amajambo ajanye n’ivyo bintu. Ibiteterwe ntibizovaho+.
7 “‘Ewe nzu ya Yakobo+, vyoba bivugwa ngo: “Impwemu ya Yehova yoba itahimbawe, canke ukwo kwoba ari ko akora+?” Mbega amajambo yanje ntagirira neza+ uwugenda agororotse +?
8 “‘Ejo abantu banje bwite barahagurutse nk’umwansi katwa+. Abahita ata co binona nk’abavuye mu ntambara, mubambura agasharizo k’agakomeye mugakuye imbere ku mpuzu. 9 Abagore b’abantu banje mubirukana mu nzu umugore ahimbarirwa cane. Mukura ku bana biwe ubwiza bwanje bwakaka+, gushika igihe kitagira urugero*+. 10 Haguruke mugende+, kuko aha atari ahantu h’ukuruhukira+. Ko yabaye uwuhumanye+, agira asamburwe; kandi igikorwa c’ugusambura kirababaza+. 11 Umuntu akurikira umuyaga n’ikinyoma, nimba yarabeshe+ ngo: “Nzokubwira amajambo ajanye n’umuvinyu n’ayajanye n’inzoga ziboreza,” ni we rero azovuga amajambo ku bijanye n’aba bantu+.
12 “‘Ewe Yakobo, sinzobura kugukoranya wese+; egome, nzokoraniriza hamwe amasigarira ya Isirayeli+. Nzobashira hamwe, nk’umukuku mu rugo rw’ibitungwa, nk’ubusho hagati mu buragiriro bwabwo+; ng’aho hazoba urwamo rw’abantu+’.
13 “Uwuca igihengeri azoduga imbere yabo+: emwe, bazoca igihengeri. Bazoca mw’irembo, barisohokanemwo+. Umwami wabo azobaja imbere, Yehova ari we abarongōye+.”