Zakariya
7 Vyongeye, mu mwaka ugira kane wa Dariyo+ umwami, ijambo rya Yehova riza kuri Zekariya, ku musi ugira kane w’ukwezi kugira icenda, ni ukuvuga muri Kisilevu+. 2 Nuko Beteli irungika Shareseri na Regemu-meleki n’abantu bayo kugira batakambire*+ Yehova, 3 mu kubwira abaherezi+ b’inzu ya Yehova nyen’ingabo, n’abahanuzi, egome, mu kubabwira bati: “Noba nkwiye kurira mu kwezi kugira gatanu+, nkiyima ibifungurwa, nk’uko maze iyi myaka myinshi ndabigira+?”
4 Ijambo rya Yehova nyen’ingabo ryongera kunzako riti: 5 “Bwira abanyagihugu bose n’abaherezi uti: ‘Hamwe mwahora mwisonzesha+ mwongera muboroga mu kwezi kugira gatanu no mu kwezi kugira indwi+, ivyo mukabigira mu myaka mirongo irindwi+, mbega ni jewe mwisonzeshereza+? 6 Kandi hamwe mwahora murya mwongera munywa, mbega si mwebwe mwirira mukongera mukinywera? 7 Mbega ntimwari mukwiye kugamburuka amajambo+ Yehova yasemereye biciye ku bahanuzi ba kera+, igihe Yeruzalemu yabamwo abantu kandi itekanye, ikikujwe n’ibisagara vyayo, be n’igihe Negebu+ na Shefela*+ vyabamwo abantu?’”
8 Ijambo rya Yehova ryongera kuza kuri Zekariya riti: 9 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Muce imanza mu butungane nyakuri+; kandi mugiriranire ubuntu bwuzuye urukundo+ be n’imbabazi+; 10 ntimugunge umupfakazi+ canke impfuvyi*+, kavamahanga+ canke umurushwa+, kandi ntimutegure mu mitima yanyu imigambi yo kugiriranira nabi+.’ 11 Mugabo bagumye banka kwumviriza+, baguma bakutsa urutugu n’akagagazo+, biziba amatwi ngo ntibumve+. 12 Umutima wabo+ bawugize nk’ibuye rikomantaye kugira ngo ntibagamburuke itegeko+ be n’amajambo Yehova nyen’ingabo yarungitse akoresheje impwemu yiwe+, biciye ku bahanuzi ba kera+, bituma Yehova nyen’ingabo arakara cane+.”
13 “‘Nk’uko rero nahamagaye ntibumvirize+, ni ko na bo bagiye barahamagara sinumvirize+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. 14 ‘Narabararirije rero nk’abararirijwe n’igihuhusi mu mahanga yose+ batari baramenye+, igihugu gisigara ari umusaka inyuma yabo, ata n’umwe agicamwo canke ngo akigarukemwo+; nuko igihugu gihimbaye+ batangura kukigira akajoreza.’”