Ivyahishuwe
3 “Andikira umumarayika+ w’ishengero ry’i Sarudi na we uti: Ibi ni vyo avuga uwufise za mpwemu indwi+ z’Imana be na za nyenyeri indwi+: ‘Ndazi ibikorwa vyawe, yuko ufise izina ry’uko uri muzima, mugabo uri umupfu+. 2 Ba maso+ kandi ukomeze+ ibisigaye vyagira bipfe, kuko ibikorwa vyawe ntasanze birangutse bimwe bishitse imbere y’Imana yanje+. 3 Guma wibuka rero ingene wahawe+ n’ingene wumvise, maze ubandanye kubigumya+, uheze wigaye+. Vy’ukuri utikanguye+, nzoza nk’igisuma+, kandi ntuzogenda umenye isaha nzozira kuri wewe+.
4 “‘Yamara rero, urafise amazina+ makeyi i Sarudi atahumanije+ impuzu zayo zo hejuru, kandi bazogendana nanje bambaye impuzu zo hejuru zera+, kuko babibereye+. 5 Uwutsinda+ azokwambikwa rero impuzu zo hejuru zera+; kandi sinzogenda mpanaguye izina ryiwe mu gitabu c’ubuzima+, mugabo nzokwemanga izina ryiwe imbere ya Data+ n’imbere y’abamarayika biwe+. 6 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu+ ibwira amashengero.’
7 “Andikira umumarayika+ w’ishengero ry’i Filadelufiya na we uti: Ibi ni vyo avuga wa wundi ari mweranda+, wa wundi w’ukuri+, wa wundi afise urupfunguruzo rwa Dawidi+, wa wundi yugurura ku buryo ata n’umwe yugara, kandi yugara ku buryo ata n’umwe yugurura: 8 ‘Ndazi ibikorwa vyawe+—ehe nshize imbere yawe umuryango wuguruye+, uwo ata n’umwe ashobora kwugara—yuko ufise ububasha bukeyi, ukaba waragumije ijambo ryanje, ukaba kandi utihakanye izina ryanje+. 9 Ehe nzotanga abo mw’isinagogi ya Shetani bavuga ko ari Abayuda+ yamara atari bo, ahubwo babesha+—ehe nzotuma baza bikubite+ imbere y’ibirenge vyawe nongere ndabamenyeshe yuko nagukunze. 10 Ko wagumije ijambo ryerekeye ukwihangana+ kwanje, nanje nzokurinda+ isaha y’ukugeragezwa, iyibwirizwa kuza kw’isi yose, kugerageza ababa kw’isi+. 11 Ndaje ningoga+. Bandanya kugumya ico ufise+, kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe atwara urugori+ rwawe.
12 “‘Uwutsinda—nzomugira inkingi+ mu rusengero+ rw’Imana yanje+, kandi ntazogenda yongeye gusohoka ngo aruvemwo, kandi nzomwandikako izina ry’Imana yanje n’izina ry’igisagara c’Imana yanje, ari co Yeruzalemu+ nshasha imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje, be na rya zina ryanje rishasha+. 13 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu+ ibwira amashengero.’
14 “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Lawodiseya+ na we uti: Ibi ni vyo Amen+ avuga, ca cabona+ cizigirwa+ kandi c’ukuri+, intango y’ivyaremwe n’Imana+: 15 ‘Ndazi ibikorwa vyawe, yuko udakanye canke ngo ushuhe. Icompa ugakanya canke ugashuha. 16 Ko rero uri akazuyazi, ntube ushushe+ canke ngo ukanye+, ngira nkudahwe umve mu kanwa. 17 Kuko uvuga ngo: “Ndi umutunzi+ kandi narironkeye ubutunzi kandi nta co nkenye,” mugabo ntumenye ko uri umugorwa, ko uteye ikigongwe, ko uri umworo, ko uri impumyi+ be n’uko uri gusa; 18 nkugiriye inama ngo ungureko inzahabu+ ityorojwe umuriro kugira ngo ube umutunzi, n’impuzu zo hejuru zera kugira ngo wambare no kugira ngo isoni z’ubwambure bwawe ntizerekanwe+, n’umuti wo gusiga mu maso+ yawe kugira ngo ubone.
19 “‘Abo niyumvamwo bose ndabakangira kandi nkabatoza indero+. Nugire umwete rero, wigaye+. 20 Ehe mpagaze ku muryango+ ndodora. Nihagira uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango+, nzokwinjira mu nzu yiwe nsangire na we imfungurwa zo ku mugoroba, na we asangire nanje. 21 Uwutsinda+ nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’ubwami yanje+, nk’uko nanje nyene natsinze nkicarana+ na Data ku ntebe y’ubwami yiwe+. 22 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu+ ibwira amashengero+.’”