2 Abakorinto
1 Jewe Paulo intumwa+ ya Kristu Yezu biciye ku kugomba kw’Imana, na Timoteyo+ mwene wacu, turabandikiye mwebwe shengero ry’Imana riri i Korinto hamwe n’aberanda bose+ bari i Akaya+ hose:
2 Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu+.
3 Hahezagirwe Imana ikaba na Se+ w’Umukama wacu Yezu Kristu, Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe+ ikaba n’Imana y’uruhoza+ rwose, 4 iyiduhoza mu makuba yacu yose+, kugira ngo natwe dushobore guhoza+ abari mu makuba y’ubwoko bwose, biciye ku ruhoza Imana iduhoresha+. 5 Kuko, nk’uko imibabaro tubabazwa ku bwa Kristu igwiriye muri twebwe+, ni ko n’uruhoza turonka rugwira biciye kuri Kristu+. 6 Twaba rero turi mu makuba, ni ku bw’uruhoza rwanyu n’ubukiriro bwanyu+; canke twaba turiko turahozwa, ni ku bw’uruhoza rwanyu rukora kugira ngo rubafashe kwihanganira ya mibabaro nyene idushikira natwe+. 7 Icizigiro cacu rero ku biberekeye ntikinyiganyiga, narirya tuzi yuko muzosangira uruhoza nk’uko nyene musangira iyo mibabaro+.
8 Kuko tudashaka ko mutamenya, bene wacu, ivy’amakuba yadushikiye mu ntara ya Aziya+, yuko twari turemerewe bihebuje, birengeye inkomezi zacu, ku buryo twahagaritse umutima cane no ku vyerekeye ubuzima bwacu+. 9 Nkako, twiyumvisemwo ko twari twaciriwe urubanza rwo gupfa. Ivyo kwari ukugira ngo ntitwiyizigire ubwacu+, ahubwo twizigire ya Mana izura abapfuye+. 10 Ico kintu gihambaye nk’urupfu ni co yadukijije kandi ni co izodukiza+; kandi turizigiye ko izonabandanya kudukiza+. 11 Namwe murashobora gufasha biciye ku gutakamba mugira ku bwacu+, kugira ngo ugukenguruka+ kugirwe na benshi ku bwacu ku bw’ico duhanwa umutima ukunze bivuye ku gusenga kwa benshi+.
12 Kuko iki ari co twirata, ari na co ijwi ryacu ryo mu mutima rishingira intahe+: ni uko mw’isi, ariko na canecane kuri mwebwe, twagendeye mu bweranda no mu kutagira uburyarya gushimwa n’Imana, atari mu bukerebutsi bw’umubiri+, ahubwo mu buntu ata wari abukwiriye bw’Imana. 13 Kuko vy’ukuri ata bintu turiko tubandikira atari ivyo muzi neza kandi mwemera, ari na vyo nizigiye ko muzobandanya kwemera gushika kw’iherezo+, 14 nk’uko kandi mwemeye ku rugero kanaka yuko turi imvo ituma mwirata+, nk’uko namwe muzoyiba kuri twebwe ku musi w’Umukama wacu Yezu+.
15 Muri ukwo kujijuka rero ni ho nariko niyumvira kubanza kuza iwanyu+, kugira ngo muronke akaryo kagira kabiri+ ko kugira akanyamuneza, 16 hanyuma maze guhagarara iwanyu, nkaja i Makedoniya+, maze nkagaruka iwanyu mvuye i Makedoniya+, hanyuma mukamperekeza+ gatoyi nja i Yudaya. 17 None igihe nagira ico ciyumviro hari ukwanjanjwa nagize+? Canke ibintu nishingira, noba ndavyishingira nisunze umubiri+, kugira ngo kuri jewe habe “Ego, Ego” na “Oya, Oya+”? 18 Mugabo Imana irashobora kwizigirwa, yuko ijambo twababwiye atari Ego yamara ari Oya. 19 Kuko Umwana w’Imana+, Kristu Yezu, uwamamajwe muri mwebwe biciye kuri twebwe, ni ukuvuga biciye kuri jewe na Silivano na Timoteyo+, atabaye Ego yamara ari Oya, ahubwo Ego yabaye Ego ku bimwerekeye+. 20 Kuko uko imihango+ y’Imana ingana kwose, yabaye Ego biciye kuri we+. Rero, biciye muri we kandi ni ho “Amen+” ibwirwa Imana ku bw’ubuninahazwa biciye kuri twebwe. 21 Mugabo uwemeza ko mwebwe na twebwe turi aba Kristu, ari na we yaturobanuje amavuta+, ni Imana. 22 Yaradushizeko kandi ikidodo+ cayo yongera iduha icemeza+ c’ibizoza, ari co mpwemu+, mu mitima yacu.
23 Ubu ndasavye Imana imbere icabona+ kinyagiriza ubwanje, yuko kuba ntaraza i Korinto ari ukugira ngo muzigurizwe+. 24 Si uko ari twebwe tuganza+ ukwizera kwanyu, ahubwo turi abakozi+ bagenzi banyu ku bw’akanyamuneza kanyu, kuko ukwizera kwanyu+ ari kwo kubahagaritse+.