Guharura
14 Maze ikoraniro ryose rishira ijwi hejuru, kandi abantu babandanya kurekura amajwi yabo no kurira+ iryo joro ryose. 2 Nuko bene Isirayeli bose batangura kwidodombera Musa na Aroni+, kandi ikoraniro ryose ritangura kuvuga ribarwanya riti: “Ese iyo dupfuma dupfira mu gihugu ca Misiri, canke tugapfuma dupfira muri aka gahinga! 3 Kubera iki Yehova atuzanye muri ico gihugu kugira twicwe n’inkota+? Abagore bacu n’abana bacu batoyi bazocika isahu+. Icotubera ciza kuruta si uko twosubira mu Misiri+?” 4 Babwirana mbere bati: “Twigenere umukuru maze twisubirire mu Misiri+!”
5 Musa na Aroni baca bagwa bubamye+ imbere y’ishengero ryose ry’ikoraniro rya bene Isirayeli. 6 Nuko Yosuwa mwene Nuni+ na Kalebu mwene Yefune+, abari mu batase nya gihugu, batantamura impuzu zabo+, 7 maze babwira ikoraniro ryose rya bene Isirayeli bati: “Igihugu twaciyemwo kugira tugitate ni igihugu ciza, ciza cane+. 8 Nimba Yehova yarahimbawe natwe+, ntazobura kutuzana muri ico gihugu maze akiduhe, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 9 Gusa ntimugararize Yehova+; kandi mwebwe ntimutinye abantu bo muri ico gihugu+, kuko ari umukate kuri twebwe. Ubwugamo bwabo bwabavuyeko+, kandi Yehova ari kumwe natwe+. Ntimubatinye+.”
10 Ariko ikoraniro ryose rivuga ivyo kubatera amabuye+. Maze ubuninahazwa bwa Yehova buboneka kw’ihema ry’ihuriro, bubonekera bene Isirayeli bose+.
11 Amaherezo Yehova abwira Musa ati: “Aba bantu bazogeza ryari+ kutanyubaha+, kandi bazogeza ryari kutanyizera uravye ibimenyetso vyose nakoreye muri bo+? 12 Reka ndabateze ikiza, ndabamare, nawe ndakugire ihanga rikomeye kandi ribarusha ubushobozi+.”
13 Mugabo Musa abwira Yehova ati: “Abanyamisiri ntibazobura rero kwumva yuko waduganye aba bantu ubakuye hagati muri bo ukoresheje ububasha bwawe+. 14 Kandi ntibazobura kubibwira ababa muri ico gihugu. Barumvise ko uri Yehova muri aba bantu+, uwabiyeretse amaso mu yandi+. Uri Yehova, kandi igicu cawe gihagaze hejuru yabo, kandi ugendera imbere yabo mu nkingi y’igicu ku murango no mu nkingi y’umuriro mw’ijoro+. 15 Hamwe wokwica aba bantu nk’umuntu umwe+, amahanga yumvise ingene uri rurangiranwa ntiyobura kuvuga ngo: 16 ‘Kubera ko Yehova atari ashoboye kuzana aba bantu mu gihugu yabarahiye, yaciye atangura kubicira mu gahinga+.’ 17 None rero ndakwinginze, ububasha bwawe bucike ubuhambaye+, ewe Yehova, nk’uko wavuze uti: 18 ‘Yehova, ateba gushavura+ kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+, aharira ikosa n’ikigabitanyo+, mugabo ntazogenda akuye igihano ku muntu+, azana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane+.’ 19 Ndakwinginze uharire ikosa ry’aba bantu nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buhambaye buri, nk’uko wababariye aba bantu kuva mu Misiri gushika n’ubu+.”
20 Maze Yehova avuga ati: “Ndabababariye koko nk’uko uvuze+. 21 Ku rundi ruhande, ndahiye ukubaho kwanje, isi yose izokwuzura ubuninahazwa bwa Yehova+. 22 Mugabo abo bagabo bose bagiye barabona ubuninahazwa bwanje+ n’ibimenyetso vyanje+ nakoreye mu Misiri no mu gahinga yamara bakaguma bangeza+ zino ncuro cumi zose, kandi ntibumvirize ijwi ryanje+, 23 ntibazokwigera babona igihugu narahiye ba se, emwe, abatanyubaha bose ntibazokibona+. 24 Nayo umusavyi wanje Kalebu+, kubera yuko yagize agatima* gatandukanye n’akabo kandi akaguma ankurikira n’umutima wose+, sinzobura kumushikana mu gihugu yagiyemwo, kandi uruvyaro rwiwe ruzocigarurira+. 25 Ko Abamaleki n’Abanyakanani+ baba mu kiyaya co hasi, muhindukire ejo mufate urugendo muja mu gahinga muciye mu nzira y’ikiyaga Gitukura+.”
26 Nuko Yehova abandanya kubwira Musa na Aroni ati: 27 “Iri koraniro ribi rizogeza ryari kugira uwu mwidodombo baguma banyidodombera+? Numvise imyidodombo ya bene Isirayeli bariko banyidodombera+. 28 Babwire uti: ‘“Ndahiye ukubaho kwanje,” ni ko Yehova avuze, “nkazogenda ntabakoreye nk’uko nyene mwavugiye mu matwi yanje+! 29 Muri aka gahinga ni ho imivyimba yanyu izogwa+, egome, abanditswe banyu bose bo mu gitigiri canyu cose kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, mwebwe mwanyidodombeye+. 30 Ariko mwebwe, ntimuzokwinjira mu gihugu nadugijemwo ukuboko kwanje+ ndahira ko nzobana namwe, kiretse Kalebu mwene Yefune na Yosuwa mwene Nuni+.
31 “‘“Kandi abana banyu batoyi mwavuze yuko bocitse isahu+, bano na bo nyene nzobinjizayo ata gukeka, kandi bazomenya koko igihugu mwanse+. 32 Mugabo imivyimba yanyu ubwanyu izogwa muri aka gahinga+. 33 Kandi abahungu banyu bazocika abungere mu gahinga+ imyaka mirongo ine, kandi bazobwirizwa kwishura ubusambanyi+ bwanyu, gushika imivyimba yanyu iherengetereye mu gahinga+. 34 Hakurikijwe igitigiri c’imisi mwatase ico gihugu, imisi mirongo ine+, umusi ugahura n’umwaka, umusi ugahura n’umwaka+, muzokwishura amakosa yanyu imyaka mirongo ine+, kuko muzomenya ata kabuza ico ukunyinuba gusobanura+.
35 “‘“Jewe Yehova navuze, nkazogenda ntakoreye ibi rino koraniro ribi ryose+, abakoraniye hamwe kundwanya: Muri aka gahinga ni ho bazoherengeterera, kandi ni ho bazopfira+. 36 Abagabo Musa yatumye gutata igihugu, maze bagarutse bagatangura gutuma ikoraniro ryose rimwidodombera, mu gushikiriza inkuru mbi kuri ico gihugu+, 37 emwe, abagabo bashikirije inkuru mbi ku vyerekeye ico gihugu bazokwicwa n’ikiza imbere ya Yehova+. 38 Mugabo muri abo bagabo bagiye gutata ico gihugu, Yosuwa mwene Nuni na Kalebu mwene Yefune ntibazobura kubandanya kubaho+.”’”
39 Musa abwiye ayo majambo bene Isirayeli bose, abantu batangura kugandara bimwe bikomeye+. 40 Vyongeye, bavyuka kare mu gitondo maze barondera kuduga kw’isonga ry’umusozi, bavuga bati: “Turi hano, kandi tubwirizwa kuduga ha hantu Yehova yavuze. Kuko twacumuye+.” 41 Mugabo Musa avuga ati: “Kubera iki muriko murenga kw’itegeko rya Yehova+? Erega ivyo ntibizogenda neza. 42 Ntimuduge, kuko Yehova atari hagati yanyu, kugira ngo ntimutsindirwe imbere y’abansi banyu+. 43 Kuko Abamaleki n’Abanyakanani bari iyo imbere yanyu+; ntimuzobura kugwishwa n’inkota, kuko Yehova atazogumana namwe, kubera ko mwasubiye inyuma mukareka gukurikira Yehova+.”
44 Ariko biha kuduga kw’isonga ry’umusozi+, mugabo isandugu y’isezerano rya Yehova be na Musa ntivyava hagati mw’ikambi+. 45 Maze Abamaleki+ n’Abanyakanani baba kuri uwo musozi baramanuka, batangura kubasasika, barabashwiragiza gushika i Horuma+.