Esiteri
3 Inyuma y’ivyo, Umwami Ahasuwerusi akuza Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, amushira hejuru+ yongera ashira intebe yiwe hejuru y’abandi baganwa bose bari kumwe na we+. 2 Abasuku b’umwami bose bari mw’irembo ry’umwami+ baza barunamira Hamani bagakubita inkoro hasi imbere yiwe, kuko ukwo ari ko umwami yari yategetse ku bimwerekeye. Mugabo Morudekayi we, ntiyunama canke ngo akubite inkoro hasi+. 3 Abasuku b’umwami bari mw’irembo ry’umwami batangura kubwira Morudekayi bati: “Kubera iki uca kubiri n’ibwirizwa ry’umwami+?” 4 Nuko kubera ko baguma bamubwira ku musi ku musi na we ntabumvirize, babibwira rero Hamani kugira barabe nimba ivya Morudekayi vyogumye gutyo+; kuko yari yarababwiye ko ari Umuyuda+.
5 Hamani aguma abona ko Morudekayi atamwunamira canke ngo akubite inkoro hasi imbere yiwe+, maze Hamani yuzura ubushangashirwe+. 6 Mugabo vyari bisuzuguritse mu maso yiwe gushorera amaboko kuri Morudekayi wenyene, kuko bari bamubwiye igisata Morudekayi yamukamwo ico ari co; Hamani atangura rero kurondera ingene yozimanganya+ Abayuda bose bari mu karere kose Ahasuwerusi atwara, ni ukuvuga igisata Morudekayi yamukamwo+.
7 Mu kwezi kwa mbere+, ari kwo kwezi kwa Nisani*, mu mwaka ugira cumi na kabiri+ w’Umwami Ahasuwerusi, batera Puri+ ari bwo Bupfindo+, imbere ya Hamani ku musi ku musi, ku kwezi ku kwezi, gushika mu kw’icumi na kabiri, ari kwo kwezi kwa Adari+. 8 Nuko Hamani abwira Umwami Ahasuwerusi ati: “Hariho igisata kimwe gisanzaye+ kandi kiri ukwaco mu bisata vyo mu ntara z’ubutware zose z’akarere utwara+; amategeko yaco aratandukanye n’ay’ikindi gisata cose, kandi amategeko y’umwami ntibayashira mu ngiro+, bikaba rero bitabereye ko umwami abareka gutyo. 9 Nimba vy’ukuri umwami abona ko ari vyiza, nihandikwe itegeko ry’uko barandurwa; nanje nzoha italanto ibihumbi cumi+ z’ifeza abazokora igikorwa+ kugira zizanwe mu kigega c’umwami.”
10 Umwami aca akura impeta y’ikidodo+ yiwe ku kuboko, ayiha Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, umwe yanka Abayuda+. 11 Maze umwami abwira Hamani ati: “Uhawe ifeza+, be n’abantu, kugira ubikoreshe ico ubona ko ari ciza mu maso yawe+.” 12 Nuko abanyamabanga b’umwami+ barahamagarwa mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo ugira cumi na gatatu, maze vyandikwa+ hisunzwe ibintu vyose Hamani ategetse abakuru b’intara b’umwami na ba buramatari baganza intara z’ubutware zitandukanye+, n’abaganwa b’ibisata vy’abantu bitandukanye, b’intara y’ubutware imwimwe yose, mu nyandiko yayo+, n’igisata kimwekimwe cose mu rurimi rwaco; vyandikwa mw’izina+ ry’Umwami Ahasuwerusi maze bidomwako ikidodo hakoreshejwe impeta y’ikidodo y’umwami+.
13 Nuko biciye ku ntwarabutumwa+ barungikira ayo makete intara z’ubutware zose z’umwami, kugira ngo bazimanganye, bice, barandure Abayuda bose, umusore n’umutama, abana batoyi n’abagore, ku musi umwe+, ku musi ugira cumi na gatatu w’ukwezi kwa cumi na kabiri, ari kwo kwezi kwa Adari+, no kugira ngo basahure ibintu vyabo+. 14 Ikopi ya nya rwandiko, iyategerezwa gutangwa bwa tegeko+ mu ntara z’ubutware zose zitandukanye+, ikwiragizwa mu bisata vy’abantu vyose, kugira ngo bitegurire uwo musi. 15 Izo ntwarabutumwa zirasohoka, zihutishwa+ n’ijambo ry’umwami, kandi iryo tegeko ritangwa mu kirimba Shushani+. Nayo umwami na Hamani, baricara kugira banywe+; mugabo igisagara ca Shushani+ cari mu muvurungano+.