1 Abakorinto
4 Umuntu rero natubone nk’aho turi abasuku+ ba Kristu n’ababwiriza+ b’amabanga meranda+ y’Imana. 2 Bitayeko, muri ivyo, ikironderwa mu babwiriza+ ni uko umuntu asangwa ari umwizigirwa+. 3 Kuri jewe rero ni ikintu gitoyi cane kuba nosuzumwa namwe canke na sentare y’abantu+. Na jewe ubwanje sinisuzuma. 4 Kuko ata co numva+ niyagiriza. Yamara muri ivyo simboneka ko ndi umugororotsi, ariko uwunsuzuma ni Yehova+. 5 Ku bw’ivyo, ntihagire ico mucira urubanza+ igihe kitaragera, gushika Umukama aje+, umwe azozana ku muco ibintu vy’ibanga vy’umwiza+ akongera agashira ahabona inama zo mu mitima+, ni ho umwe wese azoronka ugushimagizwa kwiwe kuva ku Mana+.
6 Rero ga bene wacu, ivyo bintu nabishikirije ukundi kugira ndavyerekeze kuri jewe na Apolo+ ku neza yanyu, ngo mu bitwerekeye mumenye iyi ngingo: “Ntimurenge ku bintu vyanditswe+,” kugira ngo ntimwivyimvye+ umwe wese ukwiwe mu kurutisha umuntu uwundi+. 7 Kuko, ni nde akugira uwutandukanye+ n’uwundi? Mu vy’ukuri, ni igiki ufise utahawe+? Nimba none waragihawe koko+, kubera iki wirata+ nk’aho utagihawe?
8 Burya muramaze guhaga? Burya muramaze kuba abatunzi+? Burya mwaratanguye kuganza+ tutari kumwe? Icompa koko mukaba mwaratanguye kuganza, ngo natwe tuganzanye namwe+. 9 Kuko kuri jewe bisa n’uko Imana twebwe intumwa yadushize ubwa nyuma mw’iyerekanwa+, nk’abantu bagenewe gupfa+, kuko twacitse akabarore+ kw’isi, no ku bamarayika+, no ku bantu+. 10 Twebwe turi ibipfu+ kubera Kristu, mugabo mwebwe muri ab’ubwenge+ muri Kristu; twebwe turagoyagoya+, mugabo mwebwe murakomeye+; mwebwe muvugwa neza+, mugabo twebwe turi mu gateterwe+. 11 Gushika kuri iyi saha nyene tubandanya gusonza+, no kunyoterwa+, no guhakwa kwambara ubusa+, no kunokezwa+, no kubura uburaro+, 12 no gucumukura+ dukoresha amaboko yacu bwite+. Iyo turiko turatukwa, turahezagira+; iyo turiko turahamwa, turarindirako+; 13 iyo turiko turambikwa ibara, turinginga+; twacitse nk’umwanda w’isi, umucafu w’ibintu vyose, gushika n’ubu+.
14 Ibi bintu sindavyandikiye kubamaramaza, ahubwo ndavyandikiye kubakebura nk’abana banje b’abakundwa+. 15 Kuko naho mwogira abarezi+ ibihumbi cumi muri Kristu, mu vy’ukuri nta ba so benshi mufise+; kuko muri Kristu Yezu nacitse so biciye ku nkuru nziza+. 16 Ndabinginga rero, munyigane+. 17 Ni co gituma ndabarungikiye Timoteyo+, kuko ari umwana wanje w’umukundwa+ kandi w’umwizigirwa mu Mukama; na we azobibutsa ubuhinga bwanje mu bijanye na Kristu Yezu+, nk’uko nigisha hose mw’ishengero iryo ari ryo ryose.
18 Bamwe barivyimvya+ nk’aho vy’ukuri ntariko ndaza iwanyu. 19 Mugabo nzoza iwanyu vuba Yehova niyabigomba+, kandi sinzomenya amajambo y’abo bivyimvya, ahubwo nzomenya ububasha bwabo. 20 Kuko ubwami bw’Imana butabonekera mu majambo, ahubwo bubonekera mu bubasha+. 21 Mushaka iki? Nze iwanyu nzanye inkoni+, canke urukundo n’umutima w’ubwitonzi+?