Yohani
8 Mugabo Yezu aja ku musozi w’Imyelayo. 2 Ariko mu mutwenzi, yongera kuboneka mu rusengero, abantu bose batangura kuza kuri we, na we aricara, atangura kubigisha. 3 Buno abanditsi n’Abafarizayo bazana umugore yafashwe arenga ibigo, hanyuma bamaze kumuhagarika hagati yabo, 4 bamubwira bati: “Mwigisha, uyu mugore yafashwe arenga ibigo. 5 Mw’Itegeko, Musa yadutegetse gutera amabuye mwene aba bagore. None vy’ukuri wewe ubivugako iki?” 6 Nkako, bariko bavuga ivyo kugira bamugeze, ngo baronke ico bomwagiriza. Mugabo Yezu arunama, atangura kwandikisha urutoke hasi. 7 Bakobeje kumubaza, arunamuka, ababwira ati: “Uwo muri mwebwe atagira igicumuro nabe uwa mbere mu kumutera ibuye.” 8 Yongera kwunama aguma yandika hasi. 9 Mugabo abumvise ivyo batangura gusohoka, umwumwe, uhereye ku bagabo b’inararibonye, na we asigara ari wenyene, na wa mugore yari hagati yabo. 10 Yezu arunamuka, amubwira ati: “Mugore, bari hehe? Nta n’umwe yagutsindishije?” 11 Avuga ati: “Nta n’umwe, mutungwa.” Yezu avuga ati: “Na jewe singutsindisha. Igire; kuva ubu ntukongere kuza uracumura.”
12 Yezu rero yongera kubabwira ati: “Ndi umuco+ w’isi. Uwunkurikira ntazogenda agendeye mu mwiza+, mugabo azogira umuco w’ubuzima.” 13 Ku bw’ivyo rero Abafarizayo bamubwira bati: “Wewe urishingira intahe; intahe yawe si iy’ukuri.” 14 Yezu abishura ati: “Naho nishingira intahe koko, intahe+ yanje ni iy’ukuri, kuko nzi iyo navuye n’iyo ndiko ndaja+. Mugabo mwebwe ntimuzi iyo navuye n’iyo ndiko ndaja. 15 Mwebwe muca urubanza mwisunze umubiri+; jewe sincira urubanza umuntu n’umwe+. 16 Yamara ndamutse nciye urubanza, urubanza rwanje ruba ari urw’ukuri, kuko ntari jenyene, mugabo Data yandungitse ari kumwe nanje+. 17 Vyongeye, mw’Itegeko ryanyu bwite handitswe ngo: ‘Intahe y’abantu babiri iba ari iy’ukuri+.’ 18 Ni jewe nishingira intahe, kandi na Data yandungitse aranshingira intahe+.” 19 Babandanya rero kumubwira bati: “So ari hehe?” Yezu yishura ati: “Yaba jewe canke Dawe, nta n’umwe muzi+. Iyo muba munzi koko, na Dawe muba mumuzi+.” 20 Ayo majambo yayavugiye mw’ishikaniro+ igihe yariko yigisha mu rusengero. Mugabo nta n’umwe yamufashe+, kuko isaha+ yiwe itari bwagere.
21 Ku bw’ivyo rero yongera kubabwira ati: “Ndiko ndagenda, kandi muzondondera+, yamara muzopfira mu gicumuro canyu+. Iyo ndiko ndaja ntimushobora kuhaza.” 22 Abayuda rero batangura kuvuga bati: “None azokwiyica? Kubera ko avuga ngo: ‘Iyo ndiko ndaja ntimushobora kuhaza+.’” 23 Nuko abandanya kubabwira ati: “Mwebwe muri abo mu turere two hasi; jewe ndi uwo mu turere two hejuru+. Mwebwe muri abo muri iyi si+; jewe sindi uwo muri iyi si+. 24 Ni co gituma ndababwiye nti: Muzopfira mu bicumuro vyanyu+. Kuko nimba mutemera yuko ndi we, muzopfira mu bicumuro vyanyu+.” 25 Batangura rero kumubwira bati: “Wewe uri nde?” Yezu ababwira ati: “Mbega hoho ndiko mbavugishiriza iki? 26 Ndafise ibintu vyinshi vyo kuvuga ku biberekeye no gucako urubanza. Kukaba nkako, uwandungitse ni uw’ukuri, kandi ivyo namwumvanye nyene ni vyo ndiko mvuga mw’isi+.” 27 Ntibategereye yuko yariko ababwira ivyerekeye Se. 28 Yezu rero ababwira ati: “Nimwamara kuduza+ Umwana w’umuntu+, ni ho muzomenya yuko ndi we+, be n’uko ata kintu na kimwe nkora ndavyigeneye+; mugabo nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga ivyo bintu+. 29 Kandi uwandungitse ari kumwe nanje; ntiyantaye jenyene, kuko nama nkora ibimuhimbara+.” 30 Ariko avuga ivyo bintu, benshi baramwizera+.
31 Nuko rero Yezu abandanya kubwira Abayuda bari bamwemeye ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje+, muri abigishwa banje vy’ukuri, 32 kandi muzomenya ukuri+, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya+.” 33 Baramwishura bati: “Turi uruvyaro rwa Aburahamu+ kandi ntaho twigeze tuba abashumba b’umuntu n’umwe+. Uvuga gute none ngo: ‘Muzoba abidegemvya’?” 34 Yezu abishura ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Uwukora igicumuro wese aba ari umushumba w’igicumuro+. 35 Vyongeye, umushumba ntaguma mu rugo ibihe vyose; umwana agumaho ibihe vyose+. 36 Umwana rero niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya koko+. 37 Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu; mugabo muriko murondera kunyica+, kubera ko ijambo ryanje ridatera imbere muri mwebwe+. 38 Jewe mvuga+ ivyo nabonanye Dawe+; namwe rero, nimukore ivyo mwumvanye so.” 39 Bamwishura bati: “Data ni Aburahamu+.” Yezu ababwira ati: “Nimba muri abana ba Aburahamu+, nimukore ibikorwa vya Aburahamu. 40 Mugabo ubu muriko murondera kunyica, jewe umuntu yababwiye ukuri numvanye Imana+. Aburahamu ivyo nta vyo yakoze+. 41 Mwebwe mukora ibikorwa vya so.” Bamubwira bati: “Ntitwavutse ku busambanyi; dufise Data umwe+, ni Imana.”
42 Yezu ababwira ati: “Iyo Imana iba ari yo So, muba munkunda+, kuko navuye ku Mana, nkaba ndi hano+. Kandi sinaje ndavyigeneye na gato, mugabo Uwo ni we yantumye+. 43 Kubera iki mutazi ivyo ndiko ndavuga? Kubera ko mudashobora kwumviriza ijambo ryanje+. 44 Mwebwe muva kuri so Shetani*+, kandi mushaka gushitsa ivyipfuzo vya so+. Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango+, kandi ntiyashikamye mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo avuga ikinyoma, avuga nk’uko agatima kiwe bwite kari, kuko ari umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma+. 45 Ariko kubera ko jewe mvuga ukuri, ntimunyemera+. 46 Ni nde muri mwebwe anyemeza igicumuro+? Nimba mvuga ukuri, kubera iki mutanyemera? 47 Uwuva ku Mana arumviriza amajambo y’Imana+. Ni co gituma mutumviriza, kuko mutava ku Mana+.”
48 Abayuda bamwishura bati: “Wumva none tutaba tuvuze ukuri iyo tuvuze duti: Uri Umusamariya+ kandi urimwo idayimoni+?” 49 Yezu yishura ati: “Sindimwo idayimoni, ahubwo ntera iteka Dawe+, namwe mukantetereza. 50 Mugabo sindiko nironderera ubuninahazwa+; hariho Umwe abundonderera kandi agaca urubanza+. 51 Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Umuntu niyubahiriza ijambo ryanje, ntazokwigera abona urupfu+.” 52 Abayuda bamubwira bati: “Ubu rero turamenye koko yuko urimwo idayimoni+. Aburahamu yarapfuye+, n’abahanuzi nyene+; mugabo nawe ngo: ‘Umuntu niyubahiriza ijambo ryanje ntazokwigera ahonja+ urupfu.’ 53 None wewe uruta+ data Aburahamu yapfuye? N’abahanuzi barapfuye+. None wewe wigira ngo uri nde?” 54 Yezu yishura ati: “Nimba nininahaza, ubuninahazwa bwanje ni ubusa. Dawe ni we aninahaza+, uwo muvuga ngo ni Imana yanyu; 55 yamara ntimwamumenye+. Mugabo jewe ndamuzi+. Kandi hamwe novuga ko ntamuzi noba mbaye umunyabinyoma nkamwe. Mugabo ndamuzi koko kandi ndubahiriza ijambo ryiwe+. 56 Aburahamu so yaranezererwa cane icizigiro co kubona umusi wanje+, kandi yarawubonye, aranezerwa+.” 57 Abayuda rero bamubwira bati: “Nta n’imyaka mirongo itanu ufise, hanyuma ngo warabonye Aburahamu?” 58 Yezu ababwira ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Imbere y’uko Aburahamu abaho, jewe nariho+.” 59 Baca batora amabuye ngo bayamutere+; mugabo Yezu arinyegeza hanyuma arasohoka, ava mu rusengero.