94 Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, wewe Yehova+,
Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, nusayangane+!
2 Haguruka, ewe Mucamanza w’isi+!
Subiriza mu nkoko abibona+.
3 Ababisha bazogeza ryari ga Yehova+,
Ababisha bazogeza ryari kwigina+?
4 Baguma badudubiza amajambo, baguma bavuga bashirukanya+;
Abakora ibibabaza bose baguma biyemera+.
5 Abantu bawe, ewe Yehova, baguma babajanjagura+,
Intoranwa yawe bakaguma bayiteza amarushwa+.
6 Umupfakazi na kavamahanga barica+,
Impfuvyi bagacisha ku buhomba+.
7 Baguma bavuga ngo: “Ya ntabibona+;
Imana ya Yakobo ntitahura+.”
8 Nimutahure, mwa mburabwenge bo mu bantu+;
Nayo mwebwe ibijuju, muzogira ugutahura kwimbitse ryari+?
9 Mbega Umwe abadika ugutwi, ntashobora kwumva+?
Canke Umwe abumba ijisho, ntashobora kwitegereza+?
10 Umwe akosora amahanga, ntashobora gukangira+,
Mbere Umwe yigisha abantu ubumenyi+?
11 Yehova arazi ivyiyumviro vy’abantu, ko ari nk’impemu zisohotse+.
12 Hahiriwe umuntu w’umugabo ukosora, ewe Ya+,
Uwo wigisha ivyo mw’itegeko ryawe+,
13 Kugira ngo umuhe impore mu misi y’ivyago+,
Gushika umubisha yimbiwe icobo+.
14 Kuko Yehova atazoheba abantu biwe+,
Eka ntazota intoranwa yiwe+.
15 Kuko ingingo y’ubutungane izosubira ku bugororotsi+,
Kandi ab’umutima ugororotse bose bazoyisunga.
16 Ni nde azohagurukira inkozi z’ikibi ngo abandwanirize+?
Ni nde azohagarara ngo andwanirize abakora ibibabaza+?
17 Iyo Yehova atamfasha+,
Mu kanya isase ubuzima bwanje bwari guca buja kuba mu gacerere+.
18 Igihe navuga nti: “Ikirenge canje ntikizobura kugenda kidandabagirana+,”
Ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, ewe Yehova, bwagumye bunshigikiye+.
19 Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe+,
Ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje+.
20 Mbega intebe y’ubwami iteza amarushwa izokwunga urunani nawe+
Mu gihe itegura ivyago ikoresheje ingingo zishinzwe+?
21 Bagaba ibitero bikaze ku buzima bw’umugororotsi+,
Amaraso y’intungane bakayita amabisha+.
22 Mugabo Yehova azocika ahantu hakirurutse hanje hatagira inkomanzi+,
Imana yanje icike igitandara c’ubuhungiro bwanje+.
23 Kandi izobasubizako ibibabaza vyabo+,
Ibanumye ikoresheje ivyago ubwabo bategura+.
Yehova Imana yacu azobanumya+.